Haramaze imisi havugwa ko hari ibikoresho vyibwe mu nama nshingamateka. Imboneshakure nini bita écrans géants, imoteri zizana umuyagankuba bita groupes électrogènes, ivyuma bifata amasanamu bita caméras hamwe n’ivyuma biduza amajwi bita microphones vyaragiye. Amatohoza ikinyamakuru “Le Mandat” cagize yerekana ko ivyo vyuma vyoba biri mu nzu y’umukozi w’uwurongoye inama nshingamateka. (Le Mandat)
Ku witwa Ladislas, umwe mu bakozi bo mu gikoni ba Daniel Gélase Ndabirabe, niho hoba hari imboneshakure ari zo écrans géants 28, ivyuma bifata amasamu bita caméras 17, ivyuma biduza amajwi bita microphones 1000 n’utundi twuma bikorana, ivyuma bizana umuyagankuba groupes électrogènes bingana 7 hamwe n’amabuye bita piles atazwi igitigiri. Amasoko yacu avuga ko ivyo bikoresho “vyakuwe” mu nama nshingamateka y’Uburundi kw’itegeko ry’uwuyirongoye Daniel Gélase Ndabirabe.
Ni ubusuma canke ni umutego?
Biragoye kududurirako muri kino gihe indyane ziyongereye mu mugambwe CNDD-FDD. Ariko, mu ngoro y’amakoraniro yo mu Kigobe, nta muryango n’umwe wigeze ubomorwa ku bw’amakuru twaronse. Uwo mukozi wa Daniel Gélase Ndabirabe yari afise uruhusha rwo kwinjira no gusohoka muri ico kibanza. Ayo masoko yacu akavuga ko n’uwujejwe ububiko yoba azi ivyabaye kuko niwe aba afise urufunguruzo rw’ubwo bubiko. Amasoko yacu avuga kandi ko Ladislas ariwe yimuye ivyo bikoresho abikura mu nama nshingamateka abijana mu Gatunguru, karitiye iri muri zone Kinama mu buraruko bw’igisagara ca Bujumbura. Umuduga ufise ibibanza vyo kwicaramwo imbere n’inyuma bita “double cabine” wavyunguruje ngo wagize uruja n’uruza gatatu. Amasoko yacu amenyesha kandi ko Daniel Gélase Ndabirabe ariwe yoba yabwiye uwo mukozi wiwe gupanga inzu mu Gatunguru kugira ngo haboneke aho ivyo bikoresho bija. Uwo mukozi wiwe Ladislas ngo yahora aba mw’ikambi bita DCA.
Urasoma n’iyi Burundi : Umuntu umwe yoba yishwe muri dosiye y’abafatanywe ifoto za Radjabu
Inama nshingamateka yatanguye kwerekana ibikorwa vyayo ikibiriraho kuva aho Daniel Gélase Ndabirabe atanguriye kuyirongora inyuma y’amatora yo mu 2020. Ni Daniel Gélase Ndabirabe nyene yoba arangura ibikoresho vyagenewe ico gikorwa ku bw’amasoko yacu. Imboneshakure nini zibiri bita écrans géants zisanzwe ziri mu nzu iberamwo ibikorwa vy’inama nshingamateka kuko ngo zose hamwe zari mirongo itatu. Ivyuma bifata amasanamu bita caméras birenga indwi hamwe n’imashini nyabwonko bita ordinateurs ngo birimwo mu bikoreshwa muri ayo manama yerekanwa ikibiriraho ku mbuga ngurukanabumenyi.
Iyindi nkuru ikwiye gusomwa Burundi : Ishingwa ry’imbibe nshasha z’intara rinyegeje inyungu zo mu matora?
Ikinyamakuru “Le Mandat” kimuhamagaye, kuri uwu wa kane, umuvugizi w’inama nshingamateka Alexis Badian Ndayihimbaze yemeje ko ubwo busuma bw’ibikoresho bwabaye mu ngoro y’amakoraniro yo mu Kigobe. Ariko, Alexis Badian Ndayihimbaze yatumenyesheje ko ata vyinshi yovuga kuri iyo dosiye kuko imaze kuja mu butungane kandi ko igeze kure.