Uwoba yishwe yaba muri zone Nyakabiga muri komine Mukaza mu gisagara ca Bujumbura. Iperereza ry’Uburundi ngo ryamwagiriza gukorana n’abantu barenga mirongo indwi baheruka gufatirwa mu Rumonge bafise amafoto y’uwahoze arongoye CNDD-FDD Hussein Radjabu. Abakozi b’iperereza ngo bagiye kumufatira iwe mu bucagucagu bwo kuri uwu wa mbere. (Le Mandat)
Kuri uwu wa mbere, isaha cumi z’igicugu niho abakozi b’iperereza bazindukira kw’ibarabara rya 13 nimero 5, mu Nyakabiga ya 3, haruguru y’akabare bita “Hansange”, aho uwitwa Diyo yaba. Uwo munyagihugu yaciye afatwa n’abo bakozi b’iperereza. Amakuru ikinyamakuru “Le Mandat” caronse ni uko uwo Diyo yahavuye aduganwa hagati mu gihugu, aja kugandagurirwayo n’abo bakozi b’iperereza. Aho mu Nyakabiga ya 3, Diyo akaba yahabana n’umutambukanyi wiwe n’abana 7. Uwo munyagihugu, yari asanzwe akora mu kigo c’igihugu gikora ibitabo RBP, ngo yoba yadomweko urutoke na bamwe mu bafatiwe mu Rumonge mu misi iheze.
40 mu bafashwe bariko baborezwa igufa mw’iperereza
Igihe bafatirwa ku muhana w’umwe muri bo mu Kanyenkoko mu nzira igana ku kivuko ca Rumonge, abangana 36 baciye baja kubapfungira muri komisariya y’igiporisi yo muri iyo ntara ya Rumonge, abandi 40 bamanukanwa i Bujumbura. Amakuru yo kwizera atumenyesha ko abo 40 ubu bapfungiwe mu gasho k’iperereza ry’Uburundi mu gisagara ca Bujumbura hafi y’isengero Cathédrale Regina Mundi. Ayo makuru avuga ko abo banyagihugu bugaraniwe mu nzu yoba ipima imetero 7 z’uburebure kuri 5 z’ubwaguke kandi ko benshi muri bo batakibasha kuva hasi kubera inkoni bakubiswe.
Abo 40 bari mw’iperereza i Bujumbura hamwe n’abo 36 bapfungiwe mu Rumonge boba bagirizwa gushaka guhungabanya umutekano w’igihugu hamwe no gukorana n’abansi b’igihugu.
Inkuru bifitaniye isano Rumonge : Abantu barenga 70 bafatanywe amafoto ya Hussein Radjabu