Rumonge : Abantu barenga 70 bafatanywe amafoto ya Hussein Radjabu

Abantu bafashwe n’igiporisi kuri uwu wa gatandatu bari bagizwe n’abagabo n’abagore. Bose hamwe bagera kuri 76. Abo banyagihugu bafatiwe muri karitiye Kanyenkoko muri komine n’intara ya Rumonge aho bari ku muhana w’umwe muri bo, bafise amafoto ya Hussein Radjabu.

Mu ntango, abababonye ngo bibaza ko bariko barasenga. Ariko mu nyuma ngo basanga bari mu nama. Abaporisi bamaze kuhagera basanze abo banyagihugu bafise amafoto y’uwahoze arongoye umugambwe CNDD-FDD Hussein Radjabu, yapfunzwe mu 2007 hanyuma ahunga igihugu ahejeje gutoroka ibohero rikuru rya Mpimba muri Ntwarante mu 2015.

Amakuru ava aho mu ntara ya Rumonge yemeza ko, bagifatwa, baciye baja gupfungirwa muri komisariya y’igiporisi muri iyo ntara nyene. Ariko bamwe muri bo bahavuye bamanukanwa mw’iperereza mu gisagara ca Bujumbura. Amakuru ikinyamakuru “Le Mandat” caronse ni uko abo bantu bose uko ari 76 boba bagirizwa gushaka guhungabanya umutekano w’igihugu hamwe no gukorana n’abansi b’igihugu.

Abo banyagihugu bafatanywe amafoto ya Hussein Radjabu bava mu makomine ya Rumonge, Muhuta, Burambi na Buyengero. Bamwe mu bakurikiranira hafi ibijanye na poritike y’Uburundi bavuga ko batarabona neza ico ivyo bintu bigamije.

Leave a Reply

Your email address will not be published. Required fields are marked *