Ubwo bwicanyi buheruka kubera mu kigo ca kaminuza y’Uburundi co ku Mutanga mu gisagara ca Bujumbura. Uwishwe yagirijwe ubusuma n’abanyeshure inyuma y’ugufatirwa muri ico kigo bita Campus Mutanga kiri mu burengero bwa zone Nyakabiga mu gisagara ca Bujumbura. Amasoko yacu avuga ko abo banyeshure bishe uwo munyagihugu bari mu mugwi w’urwaruka rw’umugambwe CNDD-FDD bita imbonerakure. (Le Mandat)
Ku musi wa kabiri ushira uwa gatatu, isaha indwi n’igice z’ijoro, buca ari igenekerezo rya 7 Nyakanga, niho umugabo tutaramenya umwidondoro yafatirwa ku kibuga c’umupira w’amaguru yinjiranye mu gitoboro kiri ku ruzitiro rw’ikigo co ku Mutanga ca kaminuza y’Uburundi. Amasoko yacu avuga ko abanyeshure bamufashe bari mu mugwi w’imbonerakure ziba muri ico kigo. Uwo munyagihugu ngo yavuga ko aba muri karitiye JABE. Abandi banyeshure b’imbonerakure ngo bahavuye bashwabaduka, ngo barenga mirongo itanu igihe batangura kumuhata ibibazo. Amasoko yacu atumenyesha ko bamubajije icamugenza yaciye atangura kudidinganya, baca bamwagiriza ko ari umusuma, bamwahuka inkoni …
… gushika aho amera nk’uwapfuye
Izo mbonerakure ngo zibonye uwo munyagihugu atagikakaza, zica zihamagara umwe mu banyezamu ngo azugururire umuryango. Amasoko yacu mu banyeshure avuga ko uwo munyezamu yaciye yanka, izo mbonerakure zica zikumukubita amakofe atatu. Ayo makuru abandanya avuga ko uwo munyezamu yaciye atabaza uwujejwe umutekano w’ijoro aho mu kigo ca Kaminuza azwi kw’izina rya Nizigiyimana Edouard. Uwo ajejwe umutekano ahashitse ngo yasanze uwo munyagihugu agira acikane aca abwira za Mbonerakure ati “uwu muntu agapfa mwimenye kuko ntidukeneye kubandanya twambara ibara ngo muri kaminuza hapfiriye umuntu”. Nizigiyimana Edouard ngo yaciye abaha uruhusha rwo gusohora ico kiruruma baciye ku muryango utumberanye n’ibarabara ry’icenda mu Nyakabiga ya 3.
Uwo munyagihugu yaciye acikana
Abanyagihugu baba aho hafi hamwe n’abanyezamu ngo baciye biyamiriza izo mbonerakure zo muri kaminuza y’Uburundi barazankira guta ico kiziga kw’ibarabara. Amasoko yacu avuga ko izo mbonerakure zaciye zihitamwo kujana ico kiziga zigiteruye gushika ku ruzi Ntahangwa zigitayo, ziciye kw’ibarabara Avenue de l’imprimerie benshi bita Avenue de la mort.
Tumubajije ivyerekeye igandagurwa ry’uwo munyagihugu, uwujejwe uburaro n’umutekano mu kigo co ku Mutanga Boniface yatubwiye ko atavyo azi. Boniface yatubwiye ati “Ayo makuru ni mashasha, nibaza ko ivyo bintu bitigeze bibera muri ico kigo kuko ivyo muri ico kigo ndabimenya ku musi ku musi”. Ariko rero, amakuru yo kwizera avuga ko Boniface ariwe yahaye uruhusha Nizigiyimana Edouard rwo kwemerera imbonerakure zo mu kigo co ku Mutanga kuja guta hanze uwo munyagihugu zari zihejeje kugandagura. Boniface akaba yaravuzwe kandi ko akorana n’imbonerakure mu bikorwa vyo gukubita abanyeshure mw’ijoro no gushurashuza ku nguvu abigeme muri ico kigo ca kaminuza y’Uburundi co ku Mutanga.
Amakuru twakuye muri ico kigo atumenyesha kandi ko zimwe muri izo mbonerakure zishe umuntu zaheruka gukubita umwe mu banyeshure baba muri ico kigo co ku Mutanga zimusiga ari intere mu cumba ciwe aho bita Trop azira ko yoba yareheje umukobwa yagendana n’imwe muri izo mbonerakure nyene.