Dosiye y’ikubitwa rya Ladeck : wa mukozi w’iperereza buca aja mu Mpimba?

Uwo batazira Nyangundu buca yungururizwa mw’ibohero rikuru rya Mpimba ku bw’amasoko yacu. Uwo mukozi w’iperereza, yagirizwa gukubita uwurongoye imbonerakure mu Kigwati, ubu apfungiwe muri komisariya y’igiporisi i Bujumbura. Ariko ku musi wa gatatu yari yatezuriwe.        (Le Mandat)  

Umukozi w’iperereza yavuzwe mu nkuru iheruka yitwa Serges. Iritazirano ni Nyangundu. Abanyagihugu bo mu Nyakabiga bamubonye hafi isaha zitanu z’ijoro ku musi wa gatatu kandi vyitwa ko apfungiwe muri komisariya y’igiporisi inyuma y’ukwungururizwayo ku musi wa kane, haraheze indwi irenga. Abanyagihugu bamubonye ariko ashwana n’uwurongoye zone Nyakabiga hafi ya sitasiyo y’igitoro Mogas iri kw’ibarabara ry’icenda mu Nyakabiga ya gatatu. Bose uko ari babiri ngo bari bafise imiduga. Umukozi w’iperereza Serges yagiriza umukuru wa zone Nyakabiga Gervais Ndihokubwayo ko yamugongeye umuduga wiwe wo mu bwoko bwa Toyota Corolla. Umukuru wa zone yarabihakana, nawe aca yagiriza uwo mukozi w’iperereza ko yamubwiye ko azomurasa. Amasoko yacu avuga ko bamwe mu banyagihugu bagerageje kubumvikanisha bamiriwe kure n’uwurongoye zone Nyakabiga. Gervais Ndihokubwayo ngo yababwiye ati “Ntimuvyinjiremwo kuko uwu hariho n’ibindi dupfa”. Ku bw’amasoko yacu, umukuru wa zone yagomvye kuvuga amatati hagati y’uwo mukozi w’iperereza n’imbonerakure zo mu Kigwati. Uwurongoye zone Nyakabiga ngo yaciye agenda atwaye umuduga wiwe wo mu bwoko bwa Toyota Spacio, haciye haza intwazangabo mu giporisi iri kumwe n’abandi baporisi mu modoka bita pick-up baca babohesha minote uwo mukozi w’iperereza baramujana inyuma y’ukumwaka inkoho yiwe yo mu bwoko bwa pistolet, terefone yiwe ngendanwa hamwe n’urufunguruzo rw’umuduga. Muri kino gihe, amasoko yacu avuga ko uwo mukozi w’iperereza Serges batazira Nyangundu apfungiwe muri komisariya y’igiporisi i Bujumbura ahahoze hitwa BSR. Ayo masoko akamenyesha ko, gushika ku musi wa kabiri, azoba yungururijwe mw’ibohero rikuru rya Mpimba. Yoba yagirizwa gushinga imigwi ihungabanya umutekano inyuma y’akajagari kahatswe guhitana uwurongoye urwaruka rw’umugambwe CNDD-FDD mu Kigwati.

Amagara ya Ladeck ntiyoba akibangamiwe

Imbonerakure irongoye izi mu Kigwati Ladeck Nsengiyumva iriko iratora mitende ku bw’amasoko yacu. Abaganga bo mu bitaro Prince Régent Charles ngo baramushizemwo icuma mu kuguru kw’i bubamfu kuko ngo i ruhande yo guhombagana mu mutwe, hari igufa ryo muri uko kuguru ryamenetse.

Inkuru bijanye Burundi : Imbonerakure irongoye izindi ni ikiruruma

Leave a Reply

Your email address will not be published. Required fields are marked *