Amaze indwi atazi uwinjira n’uwusohoka mu bitaro Prince Régent Charles. Uwurongoye imbonerakure zo mu Kigwati muri zone Nyakabiga yoba yarasotoye umukozi w’iperereza hanyuma nawe aramuvunagura. Intandaro kwari ugukizura kw’imbonerakure mw’ijoro rishira umunsi wa gatatu mu ndwi iheze. Amasoko yacu abona ko hamwe iyo mbonerakure yo mu Kigwati bita Ladeck yokira, coba ari igitangaro. (Le Mandat)
Aho aryamye mu cumba rusangi nimero 36 mu bitaro Prince Régent Charles, uwo bita Ladeck asa n’uwutanyiganyiga ku bw’abamubonye. Iyo mbonerakure, isanzwe itoza amatagisi muri Meri ya Bujumbura, ntikibasha no kuvuga. Umutwe wiwe, ufise igisebe kinini kandi wahombaganye ku ruhande rw’uburyo, ufutswe n’amapansuma kandi uwo arongoye urwaruka rw’umugambwe CNDD-FDD mu Kigwati amaze imisi agaburirwa n’uturingoti duca mu mitsi muri ico cumba kirimwo ibitanda bitandatu. Bamwe mu banywanyi b’umugambwe uri ku butegetsi cokimwe n’abaporisi batambaye impuzu z’akazi baramugendera kenshi aho arwariye ku bw’amasoko yacu.
Vyose vyatanguriye mu bikorwa vy’ugukizura mw’ijoro
Imbonerakure zibiri zo mu Kigwati ziri kumwe n’uwuzirongoye Ladeck zahuye na Petit ziriko zirakizura mu Nyakabiga ya gatatu, neza na neza kw’ibarabara ry’icumi. Hari hafi isaha umunani z’ijoro ryo ku musi wa kabiri ushira uwa gatatu mu ndwi iheze. Petit, asanzwe ajejwe akabare kitwa “La diffusion” ko ku rya gatanu mu Nyakabiga ya gatatu nyene munsi y’ikigo ca kaminuza y’Uburundi co ku Mutanga, yari ageze ku metero zidashika cumi z’aho aba. Nk’uko bisanzwe, yari avuye gutunganya ivy’ako kabare ka se asanzwe ari umukukuruke mu gisirikare c’igihugu. Izo mbonerakure zitatu, zari zifise inkoni imwe ndende, zaciye zimuhagarika zitangura kumukubika nk’uko yabivuze ageze imbere y’uwurongoye Nyakabiga ya gatatu hamwe n’abanyagihugu bake bashoboye kuva mu mazu bumvise induru. Kuko ngo yumvise inkoni zimurembeje, Petit yaciye ahatandura agana kw’ibarabara ry’icenda hanyuma ageze ku rupangu uwurongoye Nyakabiga ya gatatu ambamwo aca ayita ku munwa. Ngo yabwiye uwurongoye Nyakabiga ya 3 Ndayishimiye Bonaventure ko atazi ico abo bagabo batatu bariko baramuhora. Umwe muri izo mbonerakure ngo yaciye avuga ati “Yariko aragerageza kwurira urugo, reka tumukosore”. Amasoko yacu avuga ko uwurongoye Nyakabiga ya 3 yagerageje akatari gake kubwira izo mbonerakure ngo zigende ariko bimuta ku w’amazi.
“Umukozi w’iperereza” n’umuporisi
Umugabo yoba ari umukozi w’iperereza ari kumwe n’umuporisi mu muduga ngo baciye bahaseruka mu gihe impari zari zikibandanya. Uwo “mukozi w’iperereza” yaciye yaka izo mbonerakure inkoni zaza zirakubitisha uwagira ico avuze cose c’ugushigikira Petit nk’uko amasoko yacu abivuga. Uwo “mukozi w’iperereza” yari yashavuye. N’izo mbonerakure nazo nyene ngo zari zashavuye. Amasoko yacu avuga ko uwurongoye Nyakabiga ya 3 hamwe n’uwo muporisi aribo baza barabanguranya uwo yikekwa ko ari umukozi w’iperereza agomba gutana mu mitwe n’izo mbonerakure. Uwo mukozi w’iperereza ngo yaguma abwira izo mbonerakure ko bitumvikana ingene zija gukizura mu Nyakabiga ya 3 zivuye mu Kigwati.
Ico yakubiswe mu mutwe
Inyuma y’isaha yose y’ukunyinyurana, uwo “mukozi w’iperereza” ngo yaciye abwira abari ngaho bose, harimwo n’uwurongoye karitiye Nyakabiga ya 3, binjire mu mpangu zabo kuko ngo vyaheze. Petit ngo yaciye asoboka aragenda. Amasoko yacu avuga ko uwo “mukozi w’iperereza” yaciye amanukana ibarabara ry’umunani, aho asanzwe aba ari naho yari yabanje kubika umuduga agishika. Ico gihe ngo yari kumwe na wa muporisi. Za mbonerakure ngo zaciye zibakwirikira. Haheze iminota mike, abanyagihugu ngo bagiye bumva Ladeck aboroga, bagiye kuraba ngo basanga aryamye hasi. Umwe mu banyagihugu bo mu Nyakabiga ati “Inyuma y’iminota nk’itanu, twumvise urwamo. Tugiye kuraba, twasanze urya muhungu afise ikiguma kinini mu mutwe kandi ariko aravirirana. Ntituzi icamusatuye mu mutwe ariko bagenziwe babiri bari bamaze kuyanyaga”.
“Umukozi w’iperereza” arapfunzwe
Vyari bitegekanijwe ko kuri uwu wa kane, uwo “mukozi w’iperereza” yungururizwa kuri komisariya y’igiporisi ya Bujumbura, ahahoze hitwa BSR. Dosiye yiwe yakurikiranwa n’umuporisi w’inyamiramabi wo mu Nyakabiga aho yari amaze imisi itanu apfungiwe mu gasho ka zone. Aho hari inyuma y’uguhagarikwa n’uwurongoye ikirindiro c’igiporisi co muri iyo zone iri muri komine Mukaza mu gisagara ca Bujumbura. Umuporisi bari kumwe wewe ngo yaciye arekurwa ku musi wa gatanu w’indwi iheze inyuma yo kurara mu gasho nawe nyene ku bw’amasoko yacu.
Mu kabare “La diffusion” babandanije gukorana ubwoba
Bamwe mu bakozi b’ako kabare bavuga ko batekewe n’ubwoba. Bamenyesha ko gushika ubu batazi iyo Petit yagiye inyuma yo guhamagarwa kuri terefone n’uwurongoye zone Nyakabiga Gervais Ndihokubwayo. Amasoko yacu avuga ko Petit yababaye cane ku jisho ry’i buryo inyuma y’ugukubitwa n’imbonerakure. Petit ngo yaranakomerekejwe ku maboko n’inkoni yakubiswe n’izo mbonerakure nyene. Ku bw’ayo masoko, nyene akabare “La diffusion”, asanzwe aba hagati mu gihugu, amaze imisi mu gisagara ca Bujumbura kugira ngo akurikiranire hafi ibijanye n’iyo dosiye.
Tumuhamagaye kuri terefone, uwurongoye zone Nyakabiga Gervais Ndihokubwayo yanse kugira ico avuze ku bijanye n’iyo dosiye.