Umusi cakurako ibihano iradiyo y’Abongereza BBC, ikigo kigenzura ibimenyeshamakuru mu Burundi CNC catanze imvo zibiri nyamukuru. Ico kigo ngo cakoreye ku ntumbero y’umukuru w’igihugu yo guheza amatati Reta ifitaniye n’ibimenyeshamakuru. Ica kabiri ngo ni uko radiyo BBC yemeye gusaba uruhusha rwo gukora bushasha. Ariko, mu vy’ukuri, imvo nyamukuru ni uko Reta y’Uburundi iriko igerageza gushira mu ngiro ivyo yumvikanye n’Ubumwe bwa Buraya.
Ugutsimbataza ubwigenge bw’ibimenyeshamakuru ni kimwe mu vyo Ubumwe bwa Buraya buguma bukurikiranira hafi mu biganiro vya poritike bibuhuza na Reta y’Uburundi. Ni muri iyo ntumbero, ikigo CNC cemereye radiyo BBC gusubira gukorera mu Burundi. Abategetsi b’Uburundi batoye kandi umukenyuro wo gutanga impusha agasakisaki ku bimenyeshamakuru bishasha kugira bavyitwaze mu kwerekana ko ubwigenge bw’ukumenyesha amakuru bwateye intambwe. Muri ico gisata nyene, abategetsi b’Uburundi ntibarabona neza ingene bazoheza amatati bafitaniye n’ibimenyeshamakuru vyasambuwe mu guturirwa bikanabuzwa gukorera ku butaka bw’Uburundi. Amasoko yacu avuga ko ubutegetsi bwa CNDD-FDD butegekanya gukurako imitahe abarongoye ivyo bimenyeshamakuru hamwe n’abamenyeshamakuru bamwe bamwe hanyuma buce busaba ko ivyo bimenyeshamakuru bisubira gukorera mu Burundi ariko vyitwa ukundi. Iyo nzira, abo bategetsi ngo bafata ko igoye kandi ngo ntivyihutirwa muri kino gihe.
Ivyihutirwa gushika mu kwa gatandatu
Ubu abategetsi bariko bariruka n’umwanya kugira ngo kugera mu kwezi kwa gatandatu bazobe baronse ibintu bifadika bazokwereka Ubumwe bwa Buraya ko bamaze kurangura mu vyo basabwa mu rupapuro rw’inzira. Nico gituma hategekanijwe ko vuba uwundi mugwi w’abanyeporitike hamwe n’abanywanyi b’amashirahamwe adaharanira ivyicaro vya poritike uzotahuka uvuye mu buhungiro ku bw’amasoko yacu. Ayo masoko avuga ko abazotahuka mu gihugu bazova cane cane i Bruxelles, i Kampala hamwe n’i Kigali. Gushika ubu, abamaze gutahuka mu gihugu barafise ico bahuriyeko. Bariyamirije ku mugaragaro ikiringo ca gatatu c’umukuru w’igihugu Pierre Nkurunziza ariko bagumanye imigenderanire myiza mu mpisho n’umugambwe CNDD-FDD.
Dosiye y'”abagerageje gusenyura Reta mu 2015″
Ubutegetsi bwipfuza kandi guca amanota bubicishije mu kurekura abagirizwa kugerageza gusenyura Reta mu 2015 hamwe n’abandi bapfungwa ba poritike. Ukurekura abapfungwa ba poritike birimwo mu vyo Ubumwe bwa Buraya bubandanya busaba. Amasoko yacu amenyesha ko ico kibazo bakivuganye mu mugambwe uri ku butegetsi mu mwaka uheze w’2021 ariko ko ivy’irekurwa ryabo batabihurijeko. Inyuma y’umuriro wahitanye abapfungwa ukanaturira uruhande runini rw’ibohero rikuru rya Gitega, amasoko yacu avuga ko umukuru w’igihugu Evariste Ndayishimiye yarungitse intumwa ija guhumuriza “abo bagirizwa kugerageza guhirika ubutegetsi” ko ata ntumbero yo kubagirira nabi ihari, ko rero batoha amatwi “ivyariko bivugwa”.
Muri kino gihe, amasoko yacu atubwira ko abategetsi b’Uburundi bemerera abanyaburaya ko ivyo babasavye vyose bishoboka ariko ko bobaha umwanya kandi ngo ntibabategeke urutonde bakurikiza.
Soma n’iyi Burundi : Izindi mvo zatumye ibihano vy’Ubumwe bwa Buraya bikurwaho