Burundi : FRODEBU isaba umuco ku rupfu rwa Cyprien Ntaryamira inyuma y’imyaka 28

Kuri uwu wa 6 Ndamukiza 2022, umugambwe Sahwanya FRODEBU uribuka imyaka 28 irangiye umukuru w’igihugu Cyprien Ntaryamira ahitanywe n’isanganya ry’indege i Kigali mu Rwanda. Uwo mugambwe usaba Reta y’Uburundi kwifadikanya n’amakungu mu kurondera umuco kuri iryo sanganya.

Mw’itangazo wasohoye ku wambere, umugambwe FRODEBU usaba Reta y’Uburundi kwifadikanya n’amakungu mu kurondera umuco no gushengeza mu butungane abagize uruhara muri iryo sanganya ryahitanye n’abashikiranganji babiri bari kumwe na Cyprien Ntaryamira ari bo Cyriaque Simbizi na Bernard Ciza i ruhande y’umukuru w’igihugu c’Urwanda Juvénal Habyarimana n’abagendanyi biwe.

Umugambwe FRODEBU uvuga ko Cyprien Ntaryamira yari umukuru w’igihugu yakunda igihugu n’abanyagihugu. Umugambwe w’Inziraguhemuka usaba ko Reta y’Uburundi yoshigikira imiryango ya Cyprien Ntaryamira, Cyriaque Simbizi na Bernard Ciza bahitanywe n’iryo sanganya ry’indege ryo ku wa 6 Ndamukiza 1994.

Leave a Reply

Your email address will not be published. Required fields are marked *