Igihugu ca Brésil cari catakaje ikibanza cambere ku rutonde ruheruka rw’ishirahamwe ry’umupira w’amaguru kw’isi. Mu rutonde ruheruka gusohoka, umugwi nserukiragihugu wa Brésil ukaba wasubiye mu kibanza cawo.
Urutonde rushasha rw’ingene ibihugu birutana rwasohotse ku wa 31 Ntwarante. Umugwi nserukiragihugu wa Brésil, wari washizwe mu kibanza ca kabiri ku rutonde rwo ku wa 10 Ruhuhuma, wasubiye mu kibanza cambere kubera inkino umaze imisi utsinda cane cane mu gihe wariko uhiganirwa ikibanza co kuja mu gikombe c’isi kizobera muri Qatar.
N’iyi nkuru mwoyisoma Qatar 2022 : Ibihugu vyashizwe mu migwi 8
Umugwi nserukiragihugu w’Ububirigi niwo wafashe ikibanza ca kabiri kuri urwo rutonde. Uwo mugwi niwo wari wafashe ikibanza cambere mu rutonde ruheruka. Ubwa gatatu, haza Ubufaransa, Argentina ni iya kane. Ubwongereza bufata ikibanza ca gatanu. Mu bihugu vyo muri Afrika, ikiza hafi ni Sénégal gifata ikibanza ca 20.