Qatar 2022: Ibihugu vyashizwe mu migwi 8

Kuri uwu wa gatanu, igenekerezo rya 01/04/2022, niho ishirahamwe FIFA ryagira tombora kugira hamenyekanye imigwi ibihugu bijamwo. Ibihugu bine bine bisangiye umugwi, imigwi yose nayo akaba ari umunani muri ico gikombe c’isi c’umupira w’amaguru kizobera muri Qatar.

Mu mugwi A, harimwo Qatar, igihugu kizotunganya iryo higanwa, Equateur, Sénégal n’Ubuhorande.

Umugwi B ugizwe n’Ubwongereza, Iran, Reta Zunze Ubumwe za Amerika hamwe n’ikindi gihugu kizova mu mugabane wa Buraya inyuma y’inkino z’amajonjora.

Mu mugwi C, harimwo Argentine, Arabie Saoudite, Mexique hamwe na Pologne.

Mu mugwi D, hariyo Ubufaransa, Danemark, Tunisie hamwe n’igihugu kizoboneka inyuma y’amajonjora.

Umugwi E ugizwe na Espagne, Ubudagi, Ubuyapani hamwe n’igihugu kizoboneka inyuma y’inkino z’amajonjora..

Umugwi F urimwo Ububirigi, Canada, Maroc hamwe na Croatie.

Umugwi G urimwo Brésil, Serbie, Ubuswisi hamwe na Cameroun.

Mu mugwi H, harimwo Portugal, Ghana, Uruguay na Koreya.

Igikombe c’isi c’umupira w’amaguru, kizobera mu gihugu ca Qatar muri uwu mwaka, kizotangura ku wa 21 Munyonyo gice kirangira ku wa 18 Kigarama.

Leave a Reply

Your email address will not be published. Required fields are marked *