Burundi : BBC yakuweko ibihano

Yari yarahagaritswe ku butaka bw’Uburundi hari haheze hafi imyaka ine. Radiyo BBC yaraye ikuweko ibihano n’ikigo kigenzura ibimenyeshamakuru mu Burundi CNC kuri uwu wa gatatu igenekerezo rya 30/03/2022.

Vestine Nahimana yavuze CNC yari irindiriye gusa ikete rya BBC ry’ugusaba gukora bushasha. Uwo arongoye urwego rugenzura ibimenyeshamakuru amenyesha ko BBC yakuweko ibihano mu ntumbero yo gushira mu ngiro ivyasabwe n’umukuru w’igihugu. Radiyo BBC yari yabujijwe gukora kubera amakosa yo mu mwuga ku bwa Vestine Nahimana.

Mu kiganiro yagiranye n’abamenyeshamakuru ku munsi wa gatatu, uwo arongoye CNC yaravuze kandi ko hari ibimenyeshamakuru 7 bishasha vyahawe uruhusha rwo gutangura gukora mu bishika 80 vyabisavye. Ivyo navyo ni Radiyo Igicu FM, Imboneshakure Buja TV, Imboneshakure Katika Musiki, Radiyo La Voix des Jeunes, Radiyo Afri Digital Media Corporation, Radiyo PG Classic FM Ijwi ry’Umunezero et hamwe n’imboneshakure Tanganyika.

Urwego CNC rwarimye uruhusha rwo gukora Radiyo Voix du Développement Communautaire de Bubanza nk’uko vyashikirijwe n’uwururongoye Vestine Nahimana.

Leave a Reply

Your email address will not be published. Required fields are marked *