{"id":665,"date":"2026-07-06T06:45:28","date_gmt":"2026-07-06T05:45:28","guid":{"rendered":"https:\/\/lemandat.org\/kir\/?p=665"},"modified":"2026-07-06T06:50:33","modified_gmt":"2026-07-06T05:50:33","slug":"abahinga-ba-onu-intambara-yo-muri-kongo-itera-uruhagarara-mu-kirere-ca-bujumbura","status":"publish","type":"post","link":"https:\/\/lemandat.org\/kir\/blog\/2026\/07\/06\/abahinga-ba-onu-intambara-yo-muri-kongo-itera-uruhagarara-mu-kirere-ca-bujumbura\/","title":{"rendered":"Abahinga ba ONU : Intambara yo muri Kongo itera uruhagarara mu kirere ca Bujumbura"},"content":{"rendered":"<p><strong>Nk&#8217;uko biri mu cegeranyo giheruka c&#8217;Umugwi w&#8217;Abahinga b&#8217;ishirahamwe mpuzamakungu ONU ku bijanye na Repuburika ya Demokarasi ya Kongo, amashirahamwe menshi y&#8217;indege akorera kw&#8217;isi yamenyesheje ko hibonekeza uguhungabanywa kw&#8217;indege biciye ku mihora ya satelite mu kirere c&#8217;Uburundi. Reta ya Gitega ivuga ko ivyo biterwa n&#8217;igihugu kibanyi itadomako urutoke. Mu gihe ingabo z&#8217;Uburundi zifadikanije n&#8217;iza Kongo (FARDC) mu rugamba rwo kurwanya M23 n&#8217;abayifasha, ikirere c&#8217;Uburundi na co nyene kiriko kirashikirwa n&#8217;ingaruka z&#8217;iyo ntambara ibera hakurya y&#8217;urubibe. (Le Mandat)<\/strong><\/p>\n<p><strong>Indege ya Kenya Airways ntiyabona aho igeze iri mu kirere ca Bujumbura<\/strong><\/p>\n<p>Ku wa 13 Nzero 2026, indege yo mu bwoko bwa Boeing 737 ya Kenya Airways, yagira urugendo rwa Nairobi\u2013Bujumbura n&#8217;urwo gusubira inyuma, yaragize ingorane ikomeye, biranka ko ibona aho igeze, iciye ku bigendajuru bita satelite.<\/p>\n<p>Nk&#8217;uko biri rwandiko Kenya Airways yarungikiye Ikigo kijejwe ivy&#8217;indege mu Burundi (Autorit\u00e9 de l&#8217;Aviation Civile du Burundi), iyo ndege yahuye n&#8217;ihungabanywa ry&#8217;umuhora wa GPS igihe yariko iramanuka no mu gihe yariko irahaguruka ku kibuga mpuzamakungu Melchior Ndadaye i Bujumbura.<\/p>\n<p>Ibikoresho vy&#8217;abatwara indege vyaciye vyerekana ubutumwa bumenyesha ko amakuru ya GPS atari akiri ayizigirwa, bituma abakoresha iyo ndege bakurikiza ingingo zihutirwa zitegekanywa mu bihe bidasanzwe kandi bamenyesha abagenzura uruja n&#8217;uruza rw&#8217;indege.<\/p>\n<p>Muri ico cegeranyo harimwo ifoto y&#8217;igikoresho c&#8217;indege citwa Flight Management System Control Display Unit (FMS CDU) yafashwe muri ico gihe. Kuri iyo foto haraboneka ubutumwa bugira buti &#8220;Position uncertain&#8221;, bisigura &#8220;Aho indege iri ntihazwi neza&#8221;) mu gihe iyo ndege nyene yariko yitegurira kugwa i Bujumbura.<\/p>\n<p><strong>Reta ya Gitega yituye OACI<\/strong><\/p>\n<p>Kubera ko izo ngorane zarushirije kwiyongera, ikigo kijejwe ivy&#8217;indege mu Burundi candikiye ku wa 20 Nzero 2026 Umunyamabanga Mukuru w&#8217;Ishirahamwe Mpuzamakungu rijejwe Ivy&#8217;Indege (OACI) rifise icicaro i Montr\u00e9al muri Canada.<\/p>\n<p>Muri iyo kete, ico kigo kivuga ko kuva ku wa 19 Gitugutu 2025, hamaze kwibonekeza akatari gake ihungabanywa ry&#8217;ibikoresho vy&#8217;indege bifasha mu kuyiyobora mu kirere c&#8217;Uburundi. Nk&#8217;uko abategetsi b&#8217;Uburundi babivuga, ivyo bihungabanya ikirere biva ku butaka bw&#8217;igihugu kibanyi kandi bishobora gushira mu kaga ingendo mpuzamakungu z&#8217;indege.<\/p>\n<p>Iyo kete, ryari riherekejwe n&#8217;icegeranyo c&#8217;ivyashikiye indege ya Kenya Airways, ryasaba ko hakorwa itohoza ry&#8217;ubuhinga n&#8217;uko hofatwa ingingo zo guhagarika ivyo ikigo kijejwe indege mu Burundi cise ibikorwa vyo guhungabanya n&#8217;ibigirankana umutekano w&#8217;indege n&#8217;abazirimwo.<\/p>\n<p><em><strong>Soma n&#8217;ibi<\/strong><\/em>\u00a0<strong><a href=\"https:\/\/lemandat.org\/kir\/blog\/2026\/07\/02\/icegeranyo-cabahinga-ba-onu-ukwegera-kwibirindiro-vya-red-tabara-na-fnl-hafi-yurubibe-rwuburundi-biteye-impungenge-reta\/\" target=\"_blank\" rel=\"noopener\">Icegeranyo c\u2019Abahinga ba ONU : Ukwegera kw\u2019ibirindiro vya RED-Tabara na FNL hafi y\u2019urubibe rw\u2019Uburundi vyongereje impungenge za Reta<\/a><\/strong><\/p>\n<p>Mu nyishu yatanze ku wa 30 Nzero 2026, umuyobozi wa OACI ajejwe akarere ka Afrika y&#8217;ubuseruko n&#8217;iyo mu bumanuko yavuze ko iryo shirahamwe risangiye amakenga yashikirijwe n&#8217;abategetsi b&#8217;Uburundi. Yibukije ko OACI rimaze imyaka rikurikirana ukwiyongera kw&#8217;ihungabanywa n&#8217;uguhuvya imihora mpuzamakungu yo kwiyobora hakoreshejwe satelite.<\/p>\n<p>Ariko rero, iyo ndongozi yasiguye ko ishirahamwe OACI ridafise ububasha bwo gukora iryo tohoza ry&#8217;ubuhinga ryasabwe, kuko ngo ibibazo vy&#8217;ihungabanywa ry&#8217;imihora njabukambibe vyega urundi rwego rukorana n&#8217;Ishirahamwe Mpuzamakungu rijejwe Itumatumanako (ITU). Ishirahamwe OACI ryarashimye kandi ingene abategetsi b&#8217;Uburundi baciye basohora ningoga itangazo rigenewe abakorera muri ico gisata c&#8217;uruja n&#8217;uruza rw&#8217;indege, ariko rica ryibutsa ko ibihugu bitegerezwa kugira ubundi buhinga bwihuta vyikorako mu kuyobora indege mu gihe ubuhinga bwa satelite bwahuye n&#8217;ingorane.<\/p>\n<p><strong>Amaterefone ari i Bujumbura, yerekana ko ari i Kongo<\/strong><\/p>\n<p>Izo ngorane ntizigarukira ku ndege gusa. Abahinga ba ONU bavuga ko na bo nyene ubwabo bavyiboneye igihe bari mu butumwa bw&#8217;akazi i Bujumbura.<\/p>\n<p>Aho ku murwa mukuru w&#8217;ubutunzi w&#8217;Uburundi, amaterefone menshi bari bafise yerekana ko bari i Sange, muri Kivu y&#8217;Epfo muri Kongo, hakurya y&#8217;ikiyaga Tanganyika.<\/p>\n<p>Nk&#8217;uko abo bahinga babivuga, ico kibazo cabonetse ku bikoresho vyinshi icarimwe kandi ngo gisa n&#8217;ikijanye n&#8217;ihungabanywa ry&#8217;imihora ya satelite muri ako karere.<\/p>\n<p><strong>Indege y&#8217;Abaholande na yo nyene yarahuye n&#8217;iyo ngorane<\/strong><\/p>\n<p>Abahinga bavuga ko izo ngorane zibonekeje no ku ndege KL537 ya KLM, yari ivuye Amsterdam igana i Kigali.<\/p>\n<p>Amakuru yarondewe baciye ku muhora Flightradar24 yerekanye itandukaniro rinini hagati y&#8217;uburebure iyo ndege yariko bupimwe n&#8217;ubuhinga bwa barometric n&#8217;uburebure bupimwe n&#8217;ubuhinga bwa GPS mu gihe yariko irarengana igeze mu buseruko bwa Kongo hafi y&#8217;urubibe rw&#8217;igihugu c&#8217;Urwanda.<\/p>\n<p>Nk&#8217;uko biri muri ico cegeranyo c&#8217;abahinga, iryo tandukaniro ngo ni ikimenyetso gishobora kwerekana uguhungabanywa kw&#8217;amakuru ya satelite akoreshwa mu gukurikirana ingendo z&#8217;indege.<\/p>\n<p><strong>Izo ngorane si nshasha<\/strong><\/p>\n<p>Nk&#8217;uko biri muri ico cegeranyo, izo ngorane ntizitanguye ubu.<\/p>\n<p>Mu cegeranyo cabo co mu 2024 kijanye na Kongo nyene, abo bahinga berekana ko bari baranditse ibikorwa vyinshi vy&#8217;ihungabanywa ry&#8217;imihora iyobora ivyuma harimwo GPS vyabaye hagati y&#8217;impera z&#8217;ukwezi kwa Rusama n&#8217;intango ya Myandagaro mu 2024. Ico gihe ngo vyagize ingaruka ku ndege za ONU, izitwara imfashanyo z&#8217;ubutabazi, iz&#8217;ubudandaji hamwe n&#8217;indege zitagira abadereva zakorera hafi y&#8217;ibibanza vyagenzurwa na M23 hamwe n&#8217;Ingabo z&#8217;Urwanda (RDF).<\/p>\n<p>Abahinga bavuga ko ibikoresho bibiri vy&#8217;uguhungabanya iyo mihora vyabonetse ku butaka bw&#8217;Urwanda, mu gihe ikindi cabonetse ahitwa Kanyabayonga, muri Kivu yo mu buraruko, haciye igihe gito ako karere gafashwe n&#8217;urunani M23-RDF.<\/p>\n<p>Ico cegeranyo nyene kiravuga n&#8217;isanganya ry&#8217;indege itagira umudereva ya MONUSCO ku wa 29 Gitugutu 2024, inyuma y&#8217;aho umuhora wa GPS wayo uhungabanijwe iri hejuru y&#8217;ahariko habera indwano. Imisi mike imbere yaho, ku bw&#8217;ico cegeranyo nyene, hari habonetse ibikoresho vyo kwivuna ibitero vyo mu kirere vyakoreshwa n&#8217;igisirikare c&#8217;Urwanda hafi y&#8217;ahitwa Karuba, mu karere ka Masisi.<\/p>\n<p>Abo bahinga ba ONU basigura rero ko gukoresha ubwo buryo bwo kwivuna ibitero vyo mu kirere hamwe no guhungabanya canke guhuvya imihora ikoreshwa n&#8217;ivyuma biri mu kirere biha M23 na RDF akarusho gakomeye mu bikorwa vya gisirikare.<\/p>\n","protected":false},"excerpt":{"rendered":"<p>Nk&#8217;uko biri mu cegeranyo giheruka c&#8217;Umugwi w&#8217;Abahinga b&#8217;ishirahamwe mpuzamakungu ONU ku bijanye na Repuburika ya Demokarasi ya Kongo, amashirahamwe menshi y&#8217;indege akorera kw&#8217;isi yamenyesheje ko hibonekeza uguhungabanywa kw&#8217;indege biciye ku mihora ya satelite mu kirere c&#8217;Uburundi. Reta ya Gitega ivuga ko ivyo biterwa n&#8217;igihugu kibanyi itadomako urutoke. Mu gihe ingabo z&#8217;Uburundi zifadikanije n&#8217;iza Kongo (FARDC) [&hellip;]<\/p>\n","protected":false},"author":1,"featured_media":666,"comment_status":"open","ping_status":"open","sticky":false,"template":"","format":"standard","meta":{"footnotes":""},"categories":[14],"tags":[27,51],"class_list":["post-665","post","type-post","status-publish","format-standard","has-post-thumbnail","hentry","category-umutekano","tag-burundi","tag-kongo"],"yoast_head":"<!-- This site is optimized with the Yoast SEO plugin v26.9 - https:\/\/yoast.com\/product\/yoast-seo-wordpress\/ -->\n<title>Abahinga ba ONU : Intambara yo muri Kongo itera uruhagarara mu kirere ca Bujumbura -<\/title>\n<meta name=\"robots\" content=\"index, follow, max-snippet:-1, max-image-preview:large, max-video-preview:-1\" \/>\n<link rel=\"canonical\" href=\"https:\/\/lemandat.org\/kir\/blog\/2026\/07\/06\/abahinga-ba-onu-intambara-yo-muri-kongo-itera-uruhagarara-mu-kirere-ca-bujumbura\/\" \/>\n<meta property=\"og:locale\" content=\"en_GB\" \/>\n<meta property=\"og:type\" content=\"article\" \/>\n<meta property=\"og:title\" content=\"Abahinga ba ONU : Intambara yo muri Kongo itera uruhagarara mu kirere ca Bujumbura -\" \/>\n<meta property=\"og:description\" content=\"Nk&#8217;uko biri mu cegeranyo giheruka c&#8217;Umugwi w&#8217;Abahinga b&#8217;ishirahamwe mpuzamakungu ONU ku bijanye na Repuburika ya Demokarasi ya Kongo, amashirahamwe menshi y&#8217;indege akorera kw&#8217;isi yamenyesheje ko hibonekeza uguhungabanywa kw&#8217;indege biciye ku mihora ya satelite mu kirere c&#8217;Uburundi. Reta ya Gitega ivuga ko ivyo biterwa n&#8217;igihugu kibanyi itadomako urutoke. Mu gihe ingabo z&#8217;Uburundi zifadikanije n&#8217;iza Kongo (FARDC) [&hellip;]\" \/>\n<meta property=\"og:url\" content=\"https:\/\/lemandat.org\/kir\/blog\/2026\/07\/06\/abahinga-ba-onu-intambara-yo-muri-kongo-itera-uruhagarara-mu-kirere-ca-bujumbura\/\" \/>\n<meta property=\"article:published_time\" content=\"2026-07-06T05:45:28+00:00\" \/>\n<meta property=\"article:modified_time\" content=\"2026-07-06T05:50:33+00:00\" \/>\n<meta property=\"og:image\" content=\"https:\/\/lemandat.org\/kir\/wp-content\/uploads\/2026\/07\/IMAGE-ARTICLE-BROUILLAGE-KIR-cpsse.jpg\" \/>\n\t<meta property=\"og:image:width\" content=\"1536\" \/>\n\t<meta property=\"og:image:height\" content=\"1024\" \/>\n\t<meta property=\"og:image:type\" content=\"image\/jpeg\" \/>\n<meta name=\"author\" content=\"Le Mandat\" \/>\n<meta name=\"twitter:card\" content=\"summary_large_image\" \/>\n<meta name=\"twitter:label1\" content=\"Written by\" \/>\n\t<meta name=\"twitter:data1\" content=\"Le Mandat\" \/>\n\t<meta name=\"twitter:label2\" content=\"Estimated reading time\" \/>\n\t<meta name=\"twitter:data2\" content=\"4 minutes\" \/>\n<script type=\"application\/ld+json\" class=\"yoast-schema-graph\">{\"@context\":\"https:\/\/schema.org\",\"@graph\":[{\"@type\":\"Article\",\"@id\":\"https:\/\/lemandat.org\/kir\/blog\/2026\/07\/06\/abahinga-ba-onu-intambara-yo-muri-kongo-itera-uruhagarara-mu-kirere-ca-bujumbura\/#article\",\"isPartOf\":{\"@id\":\"https:\/\/lemandat.org\/kir\/blog\/2026\/07\/06\/abahinga-ba-onu-intambara-yo-muri-kongo-itera-uruhagarara-mu-kirere-ca-bujumbura\/\"},\"author\":{\"name\":\"Le Mandat\",\"@id\":\"https:\/\/lemandat.org\/kir\/#\/schema\/person\/659544ce17a9677696060118fc31814e\"},\"headline\":\"Abahinga ba ONU : Intambara yo muri Kongo itera uruhagarara mu kirere ca Bujumbura\",\"datePublished\":\"2026-07-06T05:45:28+00:00\",\"dateModified\":\"2026-07-06T05:50:33+00:00\",\"mainEntityOfPage\":{\"@id\":\"https:\/\/lemandat.org\/kir\/blog\/2026\/07\/06\/abahinga-ba-onu-intambara-yo-muri-kongo-itera-uruhagarara-mu-kirere-ca-bujumbura\/\"},\"wordCount\":957,\"commentCount\":0,\"image\":{\"@id\":\"https:\/\/lemandat.org\/kir\/blog\/2026\/07\/06\/abahinga-ba-onu-intambara-yo-muri-kongo-itera-uruhagarara-mu-kirere-ca-bujumbura\/#primaryimage\"},\"thumbnailUrl\":\"https:\/\/lemandat.org\/kir\/wp-content\/uploads\/2026\/07\/IMAGE-ARTICLE-BROUILLAGE-KIR-cpsse.jpg\",\"keywords\":[\"Burundi\",\"Kongo\"],\"articleSection\":[\"UMUTEKANO\"],\"inLanguage\":\"en-GB\",\"potentialAction\":[{\"@type\":\"CommentAction\",\"name\":\"Comment\",\"target\":[\"https:\/\/lemandat.org\/kir\/blog\/2026\/07\/06\/abahinga-ba-onu-intambara-yo-muri-kongo-itera-uruhagarara-mu-kirere-ca-bujumbura\/#respond\"]}]},{\"@type\":\"WebPage\",\"@id\":\"https:\/\/lemandat.org\/kir\/blog\/2026\/07\/06\/abahinga-ba-onu-intambara-yo-muri-kongo-itera-uruhagarara-mu-kirere-ca-bujumbura\/\",\"url\":\"https:\/\/lemandat.org\/kir\/blog\/2026\/07\/06\/abahinga-ba-onu-intambara-yo-muri-kongo-itera-uruhagarara-mu-kirere-ca-bujumbura\/\",\"name\":\"Abahinga ba ONU : Intambara yo muri Kongo itera uruhagarara mu kirere ca Bujumbura -\",\"isPartOf\":{\"@id\":\"https:\/\/lemandat.org\/kir\/#website\"},\"primaryImageOfPage\":{\"@id\":\"https:\/\/lemandat.org\/kir\/blog\/2026\/07\/06\/abahinga-ba-onu-intambara-yo-muri-kongo-itera-uruhagarara-mu-kirere-ca-bujumbura\/#primaryimage\"},\"image\":{\"@id\":\"https:\/\/lemandat.org\/kir\/blog\/2026\/07\/06\/abahinga-ba-onu-intambara-yo-muri-kongo-itera-uruhagarara-mu-kirere-ca-bujumbura\/#primaryimage\"},\"thumbnailUrl\":\"https:\/\/lemandat.org\/kir\/wp-content\/uploads\/2026\/07\/IMAGE-ARTICLE-BROUILLAGE-KIR-cpsse.jpg\",\"datePublished\":\"2026-07-06T05:45:28+00:00\",\"dateModified\":\"2026-07-06T05:50:33+00:00\",\"author\":{\"@id\":\"https:\/\/lemandat.org\/kir\/#\/schema\/person\/659544ce17a9677696060118fc31814e\"},\"breadcrumb\":{\"@id\":\"https:\/\/lemandat.org\/kir\/blog\/2026\/07\/06\/abahinga-ba-onu-intambara-yo-muri-kongo-itera-uruhagarara-mu-kirere-ca-bujumbura\/#breadcrumb\"},\"inLanguage\":\"en-GB\",\"potentialAction\":[{\"@type\":\"ReadAction\",\"target\":[\"https:\/\/lemandat.org\/kir\/blog\/2026\/07\/06\/abahinga-ba-onu-intambara-yo-muri-kongo-itera-uruhagarara-mu-kirere-ca-bujumbura\/\"]}]},{\"@type\":\"ImageObject\",\"inLanguage\":\"en-GB\",\"@id\":\"https:\/\/lemandat.org\/kir\/blog\/2026\/07\/06\/abahinga-ba-onu-intambara-yo-muri-kongo-itera-uruhagarara-mu-kirere-ca-bujumbura\/#primaryimage\",\"url\":\"https:\/\/lemandat.org\/kir\/wp-content\/uploads\/2026\/07\/IMAGE-ARTICLE-BROUILLAGE-KIR-cpsse.jpg\",\"contentUrl\":\"https:\/\/lemandat.org\/kir\/wp-content\/uploads\/2026\/07\/IMAGE-ARTICLE-BROUILLAGE-KIR-cpsse.jpg\",\"width\":1536,\"height\":1024},{\"@type\":\"BreadcrumbList\",\"@id\":\"https:\/\/lemandat.org\/kir\/blog\/2026\/07\/06\/abahinga-ba-onu-intambara-yo-muri-kongo-itera-uruhagarara-mu-kirere-ca-bujumbura\/#breadcrumb\",\"itemListElement\":[{\"@type\":\"ListItem\",\"position\":1,\"name\":\"Home\",\"item\":\"https:\/\/lemandat.org\/kir\/\"},{\"@type\":\"ListItem\",\"position\":2,\"name\":\"Abahinga ba ONU : Intambara yo muri Kongo itera uruhagarara mu kirere ca Bujumbura\"}]},{\"@type\":\"WebSite\",\"@id\":\"https:\/\/lemandat.org\/kir\/#website\",\"url\":\"https:\/\/lemandat.org\/kir\/\",\"name\":\"\",\"description\":\"\",\"potentialAction\":[{\"@type\":\"SearchAction\",\"target\":{\"@type\":\"EntryPoint\",\"urlTemplate\":\"https:\/\/lemandat.org\/kir\/?s={search_term_string}\"},\"query-input\":{\"@type\":\"PropertyValueSpecification\",\"valueRequired\":true,\"valueName\":\"search_term_string\"}}],\"inLanguage\":\"en-GB\"},{\"@type\":\"Person\",\"@id\":\"https:\/\/lemandat.org\/kir\/#\/schema\/person\/659544ce17a9677696060118fc31814e\",\"name\":\"Le Mandat\",\"image\":{\"@type\":\"ImageObject\",\"inLanguage\":\"en-GB\",\"@id\":\"https:\/\/lemandat.org\/kir\/#\/schema\/person\/image\/\",\"url\":\"https:\/\/secure.gravatar.com\/avatar\/ea4182f5ca1cedc86d61e61a9320c52dd67255ac8cdb53f245ec8233a747161b?s=96&d=mm&r=g\",\"contentUrl\":\"https:\/\/secure.gravatar.com\/avatar\/ea4182f5ca1cedc86d61e61a9320c52dd67255ac8cdb53f245ec8233a747161b?s=96&d=mm&r=g\",\"caption\":\"Le Mandat\"},\"sameAs\":[\"https:\/\/lemandat.org\/kir\"],\"url\":\"https:\/\/lemandat.org\/kir\/blog\/author\/kiradmin\/\"}]}<\/script>\n<!-- \/ Yoast SEO plugin. -->","yoast_head_json":{"title":"Abahinga ba ONU : Intambara yo muri Kongo itera uruhagarara mu kirere ca Bujumbura -","robots":{"index":"index","follow":"follow","max-snippet":"max-snippet:-1","max-image-preview":"max-image-preview:large","max-video-preview":"max-video-preview:-1"},"canonical":"https:\/\/lemandat.org\/kir\/blog\/2026\/07\/06\/abahinga-ba-onu-intambara-yo-muri-kongo-itera-uruhagarara-mu-kirere-ca-bujumbura\/","og_locale":"en_GB","og_type":"article","og_title":"Abahinga ba ONU : Intambara yo muri Kongo itera uruhagarara mu kirere ca Bujumbura -","og_description":"Nk&#8217;uko biri mu cegeranyo giheruka c&#8217;Umugwi w&#8217;Abahinga b&#8217;ishirahamwe mpuzamakungu ONU ku bijanye na Repuburika ya Demokarasi ya Kongo, amashirahamwe menshi y&#8217;indege akorera kw&#8217;isi yamenyesheje ko hibonekeza uguhungabanywa kw&#8217;indege biciye ku mihora ya satelite mu kirere c&#8217;Uburundi. Reta ya Gitega ivuga ko ivyo biterwa n&#8217;igihugu kibanyi itadomako urutoke. Mu gihe ingabo z&#8217;Uburundi zifadikanije n&#8217;iza Kongo (FARDC) [&hellip;]","og_url":"https:\/\/lemandat.org\/kir\/blog\/2026\/07\/06\/abahinga-ba-onu-intambara-yo-muri-kongo-itera-uruhagarara-mu-kirere-ca-bujumbura\/","article_published_time":"2026-07-06T05:45:28+00:00","article_modified_time":"2026-07-06T05:50:33+00:00","og_image":[{"width":1536,"height":1024,"url":"https:\/\/lemandat.org\/kir\/wp-content\/uploads\/2026\/07\/IMAGE-ARTICLE-BROUILLAGE-KIR-cpsse.jpg","type":"image\/jpeg"}],"author":"Le Mandat","twitter_card":"summary_large_image","twitter_misc":{"Written by":"Le Mandat","Estimated reading time":"4 minutes"},"schema":{"@context":"https:\/\/schema.org","@graph":[{"@type":"Article","@id":"https:\/\/lemandat.org\/kir\/blog\/2026\/07\/06\/abahinga-ba-onu-intambara-yo-muri-kongo-itera-uruhagarara-mu-kirere-ca-bujumbura\/#article","isPartOf":{"@id":"https:\/\/lemandat.org\/kir\/blog\/2026\/07\/06\/abahinga-ba-onu-intambara-yo-muri-kongo-itera-uruhagarara-mu-kirere-ca-bujumbura\/"},"author":{"name":"Le Mandat","@id":"https:\/\/lemandat.org\/kir\/#\/schema\/person\/659544ce17a9677696060118fc31814e"},"headline":"Abahinga ba ONU : Intambara yo muri Kongo itera uruhagarara mu kirere ca Bujumbura","datePublished":"2026-07-06T05:45:28+00:00","dateModified":"2026-07-06T05:50:33+00:00","mainEntityOfPage":{"@id":"https:\/\/lemandat.org\/kir\/blog\/2026\/07\/06\/abahinga-ba-onu-intambara-yo-muri-kongo-itera-uruhagarara-mu-kirere-ca-bujumbura\/"},"wordCount":957,"commentCount":0,"image":{"@id":"https:\/\/lemandat.org\/kir\/blog\/2026\/07\/06\/abahinga-ba-onu-intambara-yo-muri-kongo-itera-uruhagarara-mu-kirere-ca-bujumbura\/#primaryimage"},"thumbnailUrl":"https:\/\/lemandat.org\/kir\/wp-content\/uploads\/2026\/07\/IMAGE-ARTICLE-BROUILLAGE-KIR-cpsse.jpg","keywords":["Burundi","Kongo"],"articleSection":["UMUTEKANO"],"inLanguage":"en-GB","potentialAction":[{"@type":"CommentAction","name":"Comment","target":["https:\/\/lemandat.org\/kir\/blog\/2026\/07\/06\/abahinga-ba-onu-intambara-yo-muri-kongo-itera-uruhagarara-mu-kirere-ca-bujumbura\/#respond"]}]},{"@type":"WebPage","@id":"https:\/\/lemandat.org\/kir\/blog\/2026\/07\/06\/abahinga-ba-onu-intambara-yo-muri-kongo-itera-uruhagarara-mu-kirere-ca-bujumbura\/","url":"https:\/\/lemandat.org\/kir\/blog\/2026\/07\/06\/abahinga-ba-onu-intambara-yo-muri-kongo-itera-uruhagarara-mu-kirere-ca-bujumbura\/","name":"Abahinga ba ONU : Intambara yo muri Kongo itera uruhagarara mu kirere ca Bujumbura -","isPartOf":{"@id":"https:\/\/lemandat.org\/kir\/#website"},"primaryImageOfPage":{"@id":"https:\/\/lemandat.org\/kir\/blog\/2026\/07\/06\/abahinga-ba-onu-intambara-yo-muri-kongo-itera-uruhagarara-mu-kirere-ca-bujumbura\/#primaryimage"},"image":{"@id":"https:\/\/lemandat.org\/kir\/blog\/2026\/07\/06\/abahinga-ba-onu-intambara-yo-muri-kongo-itera-uruhagarara-mu-kirere-ca-bujumbura\/#primaryimage"},"thumbnailUrl":"https:\/\/lemandat.org\/kir\/wp-content\/uploads\/2026\/07\/IMAGE-ARTICLE-BROUILLAGE-KIR-cpsse.jpg","datePublished":"2026-07-06T05:45:28+00:00","dateModified":"2026-07-06T05:50:33+00:00","author":{"@id":"https:\/\/lemandat.org\/kir\/#\/schema\/person\/659544ce17a9677696060118fc31814e"},"breadcrumb":{"@id":"https:\/\/lemandat.org\/kir\/blog\/2026\/07\/06\/abahinga-ba-onu-intambara-yo-muri-kongo-itera-uruhagarara-mu-kirere-ca-bujumbura\/#breadcrumb"},"inLanguage":"en-GB","potentialAction":[{"@type":"ReadAction","target":["https:\/\/lemandat.org\/kir\/blog\/2026\/07\/06\/abahinga-ba-onu-intambara-yo-muri-kongo-itera-uruhagarara-mu-kirere-ca-bujumbura\/"]}]},{"@type":"ImageObject","inLanguage":"en-GB","@id":"https:\/\/lemandat.org\/kir\/blog\/2026\/07\/06\/abahinga-ba-onu-intambara-yo-muri-kongo-itera-uruhagarara-mu-kirere-ca-bujumbura\/#primaryimage","url":"https:\/\/lemandat.org\/kir\/wp-content\/uploads\/2026\/07\/IMAGE-ARTICLE-BROUILLAGE-KIR-cpsse.jpg","contentUrl":"https:\/\/lemandat.org\/kir\/wp-content\/uploads\/2026\/07\/IMAGE-ARTICLE-BROUILLAGE-KIR-cpsse.jpg","width":1536,"height":1024},{"@type":"BreadcrumbList","@id":"https:\/\/lemandat.org\/kir\/blog\/2026\/07\/06\/abahinga-ba-onu-intambara-yo-muri-kongo-itera-uruhagarara-mu-kirere-ca-bujumbura\/#breadcrumb","itemListElement":[{"@type":"ListItem","position":1,"name":"Home","item":"https:\/\/lemandat.org\/kir\/"},{"@type":"ListItem","position":2,"name":"Abahinga ba ONU : Intambara yo muri Kongo itera uruhagarara mu kirere ca Bujumbura"}]},{"@type":"WebSite","@id":"https:\/\/lemandat.org\/kir\/#website","url":"https:\/\/lemandat.org\/kir\/","name":"","description":"","potentialAction":[{"@type":"SearchAction","target":{"@type":"EntryPoint","urlTemplate":"https:\/\/lemandat.org\/kir\/?s={search_term_string}"},"query-input":{"@type":"PropertyValueSpecification","valueRequired":true,"valueName":"search_term_string"}}],"inLanguage":"en-GB"},{"@type":"Person","@id":"https:\/\/lemandat.org\/kir\/#\/schema\/person\/659544ce17a9677696060118fc31814e","name":"Le Mandat","image":{"@type":"ImageObject","inLanguage":"en-GB","@id":"https:\/\/lemandat.org\/kir\/#\/schema\/person\/image\/","url":"https:\/\/secure.gravatar.com\/avatar\/ea4182f5ca1cedc86d61e61a9320c52dd67255ac8cdb53f245ec8233a747161b?s=96&d=mm&r=g","contentUrl":"https:\/\/secure.gravatar.com\/avatar\/ea4182f5ca1cedc86d61e61a9320c52dd67255ac8cdb53f245ec8233a747161b?s=96&d=mm&r=g","caption":"Le Mandat"},"sameAs":["https:\/\/lemandat.org\/kir"],"url":"https:\/\/lemandat.org\/kir\/blog\/author\/kiradmin\/"}]}},"_links":{"self":[{"href":"https:\/\/lemandat.org\/kir\/wp-json\/wp\/v2\/posts\/665","targetHints":{"allow":["GET"]}}],"collection":[{"href":"https:\/\/lemandat.org\/kir\/wp-json\/wp\/v2\/posts"}],"about":[{"href":"https:\/\/lemandat.org\/kir\/wp-json\/wp\/v2\/types\/post"}],"author":[{"embeddable":true,"href":"https:\/\/lemandat.org\/kir\/wp-json\/wp\/v2\/users\/1"}],"replies":[{"embeddable":true,"href":"https:\/\/lemandat.org\/kir\/wp-json\/wp\/v2\/comments?post=665"}],"version-history":[{"count":3,"href":"https:\/\/lemandat.org\/kir\/wp-json\/wp\/v2\/posts\/665\/revisions"}],"predecessor-version":[{"id":669,"href":"https:\/\/lemandat.org\/kir\/wp-json\/wp\/v2\/posts\/665\/revisions\/669"}],"wp:featuredmedia":[{"embeddable":true,"href":"https:\/\/lemandat.org\/kir\/wp-json\/wp\/v2\/media\/666"}],"wp:attachment":[{"href":"https:\/\/lemandat.org\/kir\/wp-json\/wp\/v2\/media?parent=665"}],"wp:term":[{"taxonomy":"category","embeddable":true,"href":"https:\/\/lemandat.org\/kir\/wp-json\/wp\/v2\/categories?post=665"},{"taxonomy":"post_tag","embeddable":true,"href":"https:\/\/lemandat.org\/kir\/wp-json\/wp\/v2\/tags?post=665"}],"curies":[{"name":"wp","href":"https:\/\/api.w.org\/{rel}","templated":true}]}}