{"id":649,"date":"2026-01-11T07:29:55","date_gmt":"2026-01-11T06:29:55","guid":{"rendered":"https:\/\/lemandat.org\/kir\/?p=649"},"modified":"2026-01-11T07:30:53","modified_gmt":"2026-01-11T06:30:53","slug":"burundi-ifatwa-ryagasakisaki-ryabayoboke-ba-zebiya-ngendakumana-ryasubiriye","status":"publish","type":"post","link":"https:\/\/lemandat.org\/kir\/blog\/2026\/01\/11\/burundi-ifatwa-ryagasakisaki-ryabayoboke-ba-zebiya-ngendakumana-ryasubiriye\/","title":{"rendered":"Burundi\u00a0: ifatwa ry\u2019agasakisaki ry\u2019&#8221;abayoboke ba Zebiya Ngendakumana&#8221; ryasubiriye"},"content":{"rendered":"<p><strong>Iryo fatwa ry\u2019abahoze ari abayoboke ba Zebiya Ngendakumana ryatanguye kwibokeneza kuva mw\u2019ijoro ry\u2019uwa 31 kigarama mu mwaka uheze w\u2019i 2025. Amasoko yacu atandukanye avuga ko iryo hagarikwa rikorwa n\u2019urwaruka rw\u2019umugambwe CNDD-FDD rufadikanije na bamwe mu bari mu nzego z\u2019igiporisi bakoresheje iterabwoba. (Le Mandat)<\/strong><\/p>\n<p>Muri komine Cibitoke y\u2019intara nshasha ya Bujumbura, abantu bane bo mu muryago umwe bahoze ari abayoboke b\u2019umwigeme Zebiya barafashwe hadakurikijwe amategeko mw\u2019ijoro ry\u2019uwa 31 kigarama 2025 mu gihe abanyagihugu bariko bitegurira kwinjira mu mwaka mushasha w\u2019i 2026. Amasoko yacu avuga ko, ico gihe, bamwe mu rwaruka rw\u2019umugambwe uri ku butegetsi bari kumwe n\u2019abaporisi binjiye mu rugo bafata abantu bane bahasanze ari bo Jean Nduwimana, Nsanzugwimo Idephonse, Abdul Ntunzwenayo na Gloriose Ndikumwenayo.<\/p>\n<p>Nta kintu na kimwe cigeze cerekanwa n\u2019abaje kubahagarika kandi gushika ubu abegereye uwo muryango ntibigeze bamenyeshwa iyo bajanywe. Bakavuga ko bafise amakenga menshi ko ababo bashobora kugirirwa nabi na burya bajanywe ahantu hatazwi.<\/p>\n<p>Ibikorwa nk\u2019ivyo vyarakozwe kandi no mu ntara ya Butanyerera, neza na neza muri komine Matongo aho hari abagabo batatu ari bo Claude Ndikumana, Jean Paul Nuwarugira na Jonas Ndahiro bafashwe mu bucagucagu bw\u2019uwa Mungu w\u2019igenekerezo rya 4 Nzero muri uwu mwaka w\u2019i 2026. Amasoko yacu akemeza ko ata kintu na kimwe cigeze cerekanwa n\u2019abaporisi n\u2019imbonerakure mu gihe baja kubafata.<\/p>\n<p><strong>Uruhigi ruriko rukorerwa abayoboke bahungutse bavuye muri Kongo<\/strong><\/p>\n<p>Ku bw\u2019amakuru atandukanye dukura mu begereye imiryango y\u2019abafashwe, iryo hagarikwa ry\u2019agasakisaki ririko rikorerwa cane cane abayoboke ba kera ba Zebiya Ngendakumana baherutse guhunguka bavuye mu gihugu ca Repuburika ya Demokarasi ya Kongo aho benshi mu bayoboke bari barahungiye mu myaka iheze.<\/p>\n<p>Indongozi zoba zikeka abo bahoze ari abayoboke ba Zebiya ko basubiye mu bikorwa vy\u2019amasengesho atemewe n\u2019ubutegetsi bw\u2019Uburundi. Ariko n\u2019aho biri uko, abegereye imiryango y\u2019abo bafashwe barahakana ivyo bagirizwa. Abo banyagihugu bemeza ko ivyo bikorwa vy\u2019amasengesho bigwanywa n\u2019ubutegetsi bw\u2019Uburundi babihagaritse kuva kera. Umwe mu begereye imiryango y\u2019abafashwe avuga ati : &#8220;Ivyo bikorwa vy\u2019amasengesho atemewe barabihagaritse, haraciye imyaka myinshi, bariko bazira ubusa.&#8221;<\/p>\n<p><strong>Ibikorwa vyo gufata \u201cabayoboke ba Zebiya\u201d vyarabaye no mu mwaka w\u2019i 2025<\/strong><\/p>\n<p>Urwo ruhigi rw\u2019&#8221;abayoboke ba Zebiya&#8221; si ubwambere rubaye. Mu mwaka w\u2019i 2025, bamwe muri bo barafashwe mu buryo nk\u2019ubwo nyene mu kwezi kwa Gitugutu cane cane abaheruka gutahuka bavuye muri Kongo. Abo bafashwe baratwawe gupfungwa igihe c\u2019indwi, abandi bamara amezi bapfungiwe ahantu hatazwi aho imiryango yabo itari yemerewe kubabona.<\/p>\n<p>Bamwe mu baharanira agateka ka zina muntu mu Burundi bakavuga ko ivyo bikorwa binyuranye n\u2019amategeko kandi ko biri mu mabi yo guhungabanya agateka ka zina muntu mu gihe umuntu adashizwe imbere y\u2019ubutungane ngo yisigure ku vyo yagirizwa.<\/p>\n<p><strong>Akamo ko kubarekura n\u2019agacerere k\u2019indongozi<\/strong><\/p>\n<p>Abegereye imiryango y\u2019abahagaritswe batera akamo indongozi z\u2019Uburundi ngo bakore ibishoboka vyose kugira ngo abo banyagihugu barekurwe canke ngo bashirwe imbere y\u2019ubutungane kugira bamenye ivyaha bagirizwa bongere bahabwe n\u2019umwanya wo kuvyisigurako.<\/p>\n<p>Gushika ubu, nta mutegetsi n\u2019umwe mu gihugu canke uwujejwe umutekano aragira ico avuze kuri iryo fatwa ry\u2019&#8221;abanyoboke ba Zebiya Ngendakumana&#8221;. Ako gacerere kadasanzwe kakaba gateye amakenga menshi n\u2019ubwoba abegereye imiryango y\u2019abafashwe aho bikeka ko bashobora kugirirwa nabi.<\/p>\n<p>Mu bice bitandukanye vy\u2019igihugu birimwo abahoze ari abayoboke ba Zebiya Ngendakumana hakaba harangwa ubwoba bwinshi, bikeka ko nabo bashobora guhagarikwa umwanya uwo ariwo wose.<\/p>\n","protected":false},"excerpt":{"rendered":"<p>Iryo fatwa ry\u2019abahoze ari abayoboke ba Zebiya Ngendakumana ryatanguye kwibokeneza kuva mw\u2019ijoro ry\u2019uwa 31 kigarama mu mwaka uheze w\u2019i 2025. Amasoko yacu atandukanye avuga ko iryo hagarikwa rikorwa n\u2019urwaruka rw\u2019umugambwe CNDD-FDD rufadikanije na bamwe mu bari mu nzego z\u2019igiporisi bakoresheje iterabwoba. (Le Mandat) Muri komine Cibitoke y\u2019intara nshasha ya Bujumbura, abantu bane bo mu muryago [&hellip;]<\/p>\n","protected":false},"author":1,"featured_media":650,"comment_status":"open","ping_status":"open","sticky":false,"template":"","format":"standard","meta":{"footnotes":""},"categories":[9],"tags":[27],"class_list":["post-649","post","type-post","status-publish","format-standard","has-post-thumbnail","hentry","category-agateka-ka-zina-muntu","tag-burundi"],"yoast_head":"<!-- This site is optimized with the Yoast SEO plugin v26.9 - https:\/\/yoast.com\/product\/yoast-seo-wordpress\/ -->\n<title>Burundi\u00a0: ifatwa ry\u2019agasakisaki ry\u2019&quot;abayoboke ba Zebiya Ngendakumana&quot; ryasubiriye -<\/title>\n<meta name=\"robots\" content=\"index, follow, max-snippet:-1, max-image-preview:large, max-video-preview:-1\" \/>\n<link rel=\"canonical\" href=\"https:\/\/lemandat.org\/kir\/blog\/2026\/01\/11\/burundi-ifatwa-ryagasakisaki-ryabayoboke-ba-zebiya-ngendakumana-ryasubiriye\/\" \/>\n<meta property=\"og:locale\" content=\"en_GB\" \/>\n<meta property=\"og:type\" content=\"article\" \/>\n<meta property=\"og:title\" content=\"Burundi\u00a0: ifatwa ry\u2019agasakisaki ry\u2019&quot;abayoboke ba Zebiya Ngendakumana&quot; ryasubiriye -\" \/>\n<meta property=\"og:description\" content=\"Iryo fatwa ry\u2019abahoze ari abayoboke ba Zebiya Ngendakumana ryatanguye kwibokeneza kuva mw\u2019ijoro ry\u2019uwa 31 kigarama mu mwaka uheze w\u2019i 2025. Amasoko yacu atandukanye avuga ko iryo hagarikwa rikorwa n\u2019urwaruka rw\u2019umugambwe CNDD-FDD rufadikanije na bamwe mu bari mu nzego z\u2019igiporisi bakoresheje iterabwoba. (Le Mandat) Muri komine Cibitoke y\u2019intara nshasha ya Bujumbura, abantu bane bo mu muryago [&hellip;]\" \/>\n<meta property=\"og:url\" content=\"https:\/\/lemandat.org\/kir\/blog\/2026\/01\/11\/burundi-ifatwa-ryagasakisaki-ryabayoboke-ba-zebiya-ngendakumana-ryasubiriye\/\" \/>\n<meta property=\"article:published_time\" content=\"2026-01-11T06:29:55+00:00\" \/>\n<meta property=\"article:modified_time\" content=\"2026-01-11T06:30:53+00:00\" \/>\n<meta property=\"og:image\" content=\"https:\/\/lemandat.org\/kir\/wp-content\/uploads\/2026\/01\/Burundi-carte-Buja.png\" \/>\n\t<meta property=\"og:image:width\" content=\"250\" \/>\n\t<meta property=\"og:image:height\" content=\"274\" \/>\n\t<meta property=\"og:image:type\" content=\"image\/png\" \/>\n<meta name=\"author\" content=\"Le Mandat\" \/>\n<meta name=\"twitter:card\" content=\"summary_large_image\" \/>\n<meta name=\"twitter:label1\" content=\"Written by\" \/>\n\t<meta name=\"twitter:data1\" content=\"Le Mandat\" \/>\n\t<meta name=\"twitter:label2\" content=\"Estimated reading time\" \/>\n\t<meta name=\"twitter:data2\" content=\"3 minutes\" \/>\n<script type=\"application\/ld+json\" class=\"yoast-schema-graph\">{\"@context\":\"https:\/\/schema.org\",\"@graph\":[{\"@type\":\"Article\",\"@id\":\"https:\/\/lemandat.org\/kir\/blog\/2026\/01\/11\/burundi-ifatwa-ryagasakisaki-ryabayoboke-ba-zebiya-ngendakumana-ryasubiriye\/#article\",\"isPartOf\":{\"@id\":\"https:\/\/lemandat.org\/kir\/blog\/2026\/01\/11\/burundi-ifatwa-ryagasakisaki-ryabayoboke-ba-zebiya-ngendakumana-ryasubiriye\/\"},\"author\":{\"name\":\"Le Mandat\",\"@id\":\"https:\/\/lemandat.org\/kir\/#\/schema\/person\/659544ce17a9677696060118fc31814e\"},\"headline\":\"Burundi\u00a0: ifatwa ry\u2019agasakisaki ry\u2019&#8221;abayoboke ba Zebiya Ngendakumana&#8221; ryasubiriye\",\"datePublished\":\"2026-01-11T06:29:55+00:00\",\"dateModified\":\"2026-01-11T06:30:53+00:00\",\"mainEntityOfPage\":{\"@id\":\"https:\/\/lemandat.org\/kir\/blog\/2026\/01\/11\/burundi-ifatwa-ryagasakisaki-ryabayoboke-ba-zebiya-ngendakumana-ryasubiriye\/\"},\"wordCount\":561,\"commentCount\":0,\"image\":{\"@id\":\"https:\/\/lemandat.org\/kir\/blog\/2026\/01\/11\/burundi-ifatwa-ryagasakisaki-ryabayoboke-ba-zebiya-ngendakumana-ryasubiriye\/#primaryimage\"},\"thumbnailUrl\":\"https:\/\/lemandat.org\/kir\/wp-content\/uploads\/2026\/01\/Burundi-carte-Buja.png\",\"keywords\":[\"Burundi\"],\"articleSection\":[\"AGATEKA KA ZINA MUNTU\"],\"inLanguage\":\"en-GB\",\"potentialAction\":[{\"@type\":\"CommentAction\",\"name\":\"Comment\",\"target\":[\"https:\/\/lemandat.org\/kir\/blog\/2026\/01\/11\/burundi-ifatwa-ryagasakisaki-ryabayoboke-ba-zebiya-ngendakumana-ryasubiriye\/#respond\"]}]},{\"@type\":\"WebPage\",\"@id\":\"https:\/\/lemandat.org\/kir\/blog\/2026\/01\/11\/burundi-ifatwa-ryagasakisaki-ryabayoboke-ba-zebiya-ngendakumana-ryasubiriye\/\",\"url\":\"https:\/\/lemandat.org\/kir\/blog\/2026\/01\/11\/burundi-ifatwa-ryagasakisaki-ryabayoboke-ba-zebiya-ngendakumana-ryasubiriye\/\",\"name\":\"Burundi\u00a0: ifatwa ry\u2019agasakisaki ry\u2019\\\"abayoboke ba Zebiya Ngendakumana\\\" ryasubiriye -\",\"isPartOf\":{\"@id\":\"https:\/\/lemandat.org\/kir\/#website\"},\"primaryImageOfPage\":{\"@id\":\"https:\/\/lemandat.org\/kir\/blog\/2026\/01\/11\/burundi-ifatwa-ryagasakisaki-ryabayoboke-ba-zebiya-ngendakumana-ryasubiriye\/#primaryimage\"},\"image\":{\"@id\":\"https:\/\/lemandat.org\/kir\/blog\/2026\/01\/11\/burundi-ifatwa-ryagasakisaki-ryabayoboke-ba-zebiya-ngendakumana-ryasubiriye\/#primaryimage\"},\"thumbnailUrl\":\"https:\/\/lemandat.org\/kir\/wp-content\/uploads\/2026\/01\/Burundi-carte-Buja.png\",\"datePublished\":\"2026-01-11T06:29:55+00:00\",\"dateModified\":\"2026-01-11T06:30:53+00:00\",\"author\":{\"@id\":\"https:\/\/lemandat.org\/kir\/#\/schema\/person\/659544ce17a9677696060118fc31814e\"},\"breadcrumb\":{\"@id\":\"https:\/\/lemandat.org\/kir\/blog\/2026\/01\/11\/burundi-ifatwa-ryagasakisaki-ryabayoboke-ba-zebiya-ngendakumana-ryasubiriye\/#breadcrumb\"},\"inLanguage\":\"en-GB\",\"potentialAction\":[{\"@type\":\"ReadAction\",\"target\":[\"https:\/\/lemandat.org\/kir\/blog\/2026\/01\/11\/burundi-ifatwa-ryagasakisaki-ryabayoboke-ba-zebiya-ngendakumana-ryasubiriye\/\"]}]},{\"@type\":\"ImageObject\",\"inLanguage\":\"en-GB\",\"@id\":\"https:\/\/lemandat.org\/kir\/blog\/2026\/01\/11\/burundi-ifatwa-ryagasakisaki-ryabayoboke-ba-zebiya-ngendakumana-ryasubiriye\/#primaryimage\",\"url\":\"https:\/\/lemandat.org\/kir\/wp-content\/uploads\/2026\/01\/Burundi-carte-Buja.png\",\"contentUrl\":\"https:\/\/lemandat.org\/kir\/wp-content\/uploads\/2026\/01\/Burundi-carte-Buja.png\",\"width\":250,\"height\":274},{\"@type\":\"BreadcrumbList\",\"@id\":\"https:\/\/lemandat.org\/kir\/blog\/2026\/01\/11\/burundi-ifatwa-ryagasakisaki-ryabayoboke-ba-zebiya-ngendakumana-ryasubiriye\/#breadcrumb\",\"itemListElement\":[{\"@type\":\"ListItem\",\"position\":1,\"name\":\"Home\",\"item\":\"https:\/\/lemandat.org\/kir\/\"},{\"@type\":\"ListItem\",\"position\":2,\"name\":\"Burundi\u00a0: ifatwa ry\u2019agasakisaki ry\u2019&#8221;abayoboke ba Zebiya Ngendakumana&#8221; ryasubiriye\"}]},{\"@type\":\"WebSite\",\"@id\":\"https:\/\/lemandat.org\/kir\/#website\",\"url\":\"https:\/\/lemandat.org\/kir\/\",\"name\":\"\",\"description\":\"\",\"potentialAction\":[{\"@type\":\"SearchAction\",\"target\":{\"@type\":\"EntryPoint\",\"urlTemplate\":\"https:\/\/lemandat.org\/kir\/?s={search_term_string}\"},\"query-input\":{\"@type\":\"PropertyValueSpecification\",\"valueRequired\":true,\"valueName\":\"search_term_string\"}}],\"inLanguage\":\"en-GB\"},{\"@type\":\"Person\",\"@id\":\"https:\/\/lemandat.org\/kir\/#\/schema\/person\/659544ce17a9677696060118fc31814e\",\"name\":\"Le Mandat\",\"image\":{\"@type\":\"ImageObject\",\"inLanguage\":\"en-GB\",\"@id\":\"https:\/\/lemandat.org\/kir\/#\/schema\/person\/image\/\",\"url\":\"https:\/\/secure.gravatar.com\/avatar\/ea4182f5ca1cedc86d61e61a9320c52dd67255ac8cdb53f245ec8233a747161b?s=96&d=mm&r=g\",\"contentUrl\":\"https:\/\/secure.gravatar.com\/avatar\/ea4182f5ca1cedc86d61e61a9320c52dd67255ac8cdb53f245ec8233a747161b?s=96&d=mm&r=g\",\"caption\":\"Le Mandat\"},\"sameAs\":[\"https:\/\/lemandat.org\/kir\"],\"url\":\"https:\/\/lemandat.org\/kir\/blog\/author\/kiradmin\/\"}]}<\/script>\n<!-- \/ Yoast SEO plugin. -->","yoast_head_json":{"title":"Burundi\u00a0: ifatwa ry\u2019agasakisaki ry\u2019\"abayoboke ba Zebiya Ngendakumana\" ryasubiriye -","robots":{"index":"index","follow":"follow","max-snippet":"max-snippet:-1","max-image-preview":"max-image-preview:large","max-video-preview":"max-video-preview:-1"},"canonical":"https:\/\/lemandat.org\/kir\/blog\/2026\/01\/11\/burundi-ifatwa-ryagasakisaki-ryabayoboke-ba-zebiya-ngendakumana-ryasubiriye\/","og_locale":"en_GB","og_type":"article","og_title":"Burundi\u00a0: ifatwa ry\u2019agasakisaki ry\u2019\"abayoboke ba Zebiya Ngendakumana\" ryasubiriye -","og_description":"Iryo fatwa ry\u2019abahoze ari abayoboke ba Zebiya Ngendakumana ryatanguye kwibokeneza kuva mw\u2019ijoro ry\u2019uwa 31 kigarama mu mwaka uheze w\u2019i 2025. Amasoko yacu atandukanye avuga ko iryo hagarikwa rikorwa n\u2019urwaruka rw\u2019umugambwe CNDD-FDD rufadikanije na bamwe mu bari mu nzego z\u2019igiporisi bakoresheje iterabwoba. (Le Mandat) Muri komine Cibitoke y\u2019intara nshasha ya Bujumbura, abantu bane bo mu muryago [&hellip;]","og_url":"https:\/\/lemandat.org\/kir\/blog\/2026\/01\/11\/burundi-ifatwa-ryagasakisaki-ryabayoboke-ba-zebiya-ngendakumana-ryasubiriye\/","article_published_time":"2026-01-11T06:29:55+00:00","article_modified_time":"2026-01-11T06:30:53+00:00","og_image":[{"width":250,"height":274,"url":"https:\/\/lemandat.org\/kir\/wp-content\/uploads\/2026\/01\/Burundi-carte-Buja.png","type":"image\/png"}],"author":"Le Mandat","twitter_card":"summary_large_image","twitter_misc":{"Written by":"Le Mandat","Estimated reading time":"3 minutes"},"schema":{"@context":"https:\/\/schema.org","@graph":[{"@type":"Article","@id":"https:\/\/lemandat.org\/kir\/blog\/2026\/01\/11\/burundi-ifatwa-ryagasakisaki-ryabayoboke-ba-zebiya-ngendakumana-ryasubiriye\/#article","isPartOf":{"@id":"https:\/\/lemandat.org\/kir\/blog\/2026\/01\/11\/burundi-ifatwa-ryagasakisaki-ryabayoboke-ba-zebiya-ngendakumana-ryasubiriye\/"},"author":{"name":"Le Mandat","@id":"https:\/\/lemandat.org\/kir\/#\/schema\/person\/659544ce17a9677696060118fc31814e"},"headline":"Burundi\u00a0: ifatwa ry\u2019agasakisaki ry\u2019&#8221;abayoboke ba Zebiya Ngendakumana&#8221; ryasubiriye","datePublished":"2026-01-11T06:29:55+00:00","dateModified":"2026-01-11T06:30:53+00:00","mainEntityOfPage":{"@id":"https:\/\/lemandat.org\/kir\/blog\/2026\/01\/11\/burundi-ifatwa-ryagasakisaki-ryabayoboke-ba-zebiya-ngendakumana-ryasubiriye\/"},"wordCount":561,"commentCount":0,"image":{"@id":"https:\/\/lemandat.org\/kir\/blog\/2026\/01\/11\/burundi-ifatwa-ryagasakisaki-ryabayoboke-ba-zebiya-ngendakumana-ryasubiriye\/#primaryimage"},"thumbnailUrl":"https:\/\/lemandat.org\/kir\/wp-content\/uploads\/2026\/01\/Burundi-carte-Buja.png","keywords":["Burundi"],"articleSection":["AGATEKA KA ZINA MUNTU"],"inLanguage":"en-GB","potentialAction":[{"@type":"CommentAction","name":"Comment","target":["https:\/\/lemandat.org\/kir\/blog\/2026\/01\/11\/burundi-ifatwa-ryagasakisaki-ryabayoboke-ba-zebiya-ngendakumana-ryasubiriye\/#respond"]}]},{"@type":"WebPage","@id":"https:\/\/lemandat.org\/kir\/blog\/2026\/01\/11\/burundi-ifatwa-ryagasakisaki-ryabayoboke-ba-zebiya-ngendakumana-ryasubiriye\/","url":"https:\/\/lemandat.org\/kir\/blog\/2026\/01\/11\/burundi-ifatwa-ryagasakisaki-ryabayoboke-ba-zebiya-ngendakumana-ryasubiriye\/","name":"Burundi\u00a0: ifatwa ry\u2019agasakisaki ry\u2019\"abayoboke ba Zebiya Ngendakumana\" ryasubiriye -","isPartOf":{"@id":"https:\/\/lemandat.org\/kir\/#website"},"primaryImageOfPage":{"@id":"https:\/\/lemandat.org\/kir\/blog\/2026\/01\/11\/burundi-ifatwa-ryagasakisaki-ryabayoboke-ba-zebiya-ngendakumana-ryasubiriye\/#primaryimage"},"image":{"@id":"https:\/\/lemandat.org\/kir\/blog\/2026\/01\/11\/burundi-ifatwa-ryagasakisaki-ryabayoboke-ba-zebiya-ngendakumana-ryasubiriye\/#primaryimage"},"thumbnailUrl":"https:\/\/lemandat.org\/kir\/wp-content\/uploads\/2026\/01\/Burundi-carte-Buja.png","datePublished":"2026-01-11T06:29:55+00:00","dateModified":"2026-01-11T06:30:53+00:00","author":{"@id":"https:\/\/lemandat.org\/kir\/#\/schema\/person\/659544ce17a9677696060118fc31814e"},"breadcrumb":{"@id":"https:\/\/lemandat.org\/kir\/blog\/2026\/01\/11\/burundi-ifatwa-ryagasakisaki-ryabayoboke-ba-zebiya-ngendakumana-ryasubiriye\/#breadcrumb"},"inLanguage":"en-GB","potentialAction":[{"@type":"ReadAction","target":["https:\/\/lemandat.org\/kir\/blog\/2026\/01\/11\/burundi-ifatwa-ryagasakisaki-ryabayoboke-ba-zebiya-ngendakumana-ryasubiriye\/"]}]},{"@type":"ImageObject","inLanguage":"en-GB","@id":"https:\/\/lemandat.org\/kir\/blog\/2026\/01\/11\/burundi-ifatwa-ryagasakisaki-ryabayoboke-ba-zebiya-ngendakumana-ryasubiriye\/#primaryimage","url":"https:\/\/lemandat.org\/kir\/wp-content\/uploads\/2026\/01\/Burundi-carte-Buja.png","contentUrl":"https:\/\/lemandat.org\/kir\/wp-content\/uploads\/2026\/01\/Burundi-carte-Buja.png","width":250,"height":274},{"@type":"BreadcrumbList","@id":"https:\/\/lemandat.org\/kir\/blog\/2026\/01\/11\/burundi-ifatwa-ryagasakisaki-ryabayoboke-ba-zebiya-ngendakumana-ryasubiriye\/#breadcrumb","itemListElement":[{"@type":"ListItem","position":1,"name":"Home","item":"https:\/\/lemandat.org\/kir\/"},{"@type":"ListItem","position":2,"name":"Burundi\u00a0: ifatwa ry\u2019agasakisaki ry\u2019&#8221;abayoboke ba Zebiya Ngendakumana&#8221; ryasubiriye"}]},{"@type":"WebSite","@id":"https:\/\/lemandat.org\/kir\/#website","url":"https:\/\/lemandat.org\/kir\/","name":"","description":"","potentialAction":[{"@type":"SearchAction","target":{"@type":"EntryPoint","urlTemplate":"https:\/\/lemandat.org\/kir\/?s={search_term_string}"},"query-input":{"@type":"PropertyValueSpecification","valueRequired":true,"valueName":"search_term_string"}}],"inLanguage":"en-GB"},{"@type":"Person","@id":"https:\/\/lemandat.org\/kir\/#\/schema\/person\/659544ce17a9677696060118fc31814e","name":"Le Mandat","image":{"@type":"ImageObject","inLanguage":"en-GB","@id":"https:\/\/lemandat.org\/kir\/#\/schema\/person\/image\/","url":"https:\/\/secure.gravatar.com\/avatar\/ea4182f5ca1cedc86d61e61a9320c52dd67255ac8cdb53f245ec8233a747161b?s=96&d=mm&r=g","contentUrl":"https:\/\/secure.gravatar.com\/avatar\/ea4182f5ca1cedc86d61e61a9320c52dd67255ac8cdb53f245ec8233a747161b?s=96&d=mm&r=g","caption":"Le Mandat"},"sameAs":["https:\/\/lemandat.org\/kir"],"url":"https:\/\/lemandat.org\/kir\/blog\/author\/kiradmin\/"}]}},"_links":{"self":[{"href":"https:\/\/lemandat.org\/kir\/wp-json\/wp\/v2\/posts\/649","targetHints":{"allow":["GET"]}}],"collection":[{"href":"https:\/\/lemandat.org\/kir\/wp-json\/wp\/v2\/posts"}],"about":[{"href":"https:\/\/lemandat.org\/kir\/wp-json\/wp\/v2\/types\/post"}],"author":[{"embeddable":true,"href":"https:\/\/lemandat.org\/kir\/wp-json\/wp\/v2\/users\/1"}],"replies":[{"embeddable":true,"href":"https:\/\/lemandat.org\/kir\/wp-json\/wp\/v2\/comments?post=649"}],"version-history":[{"count":1,"href":"https:\/\/lemandat.org\/kir\/wp-json\/wp\/v2\/posts\/649\/revisions"}],"predecessor-version":[{"id":651,"href":"https:\/\/lemandat.org\/kir\/wp-json\/wp\/v2\/posts\/649\/revisions\/651"}],"wp:featuredmedia":[{"embeddable":true,"href":"https:\/\/lemandat.org\/kir\/wp-json\/wp\/v2\/media\/650"}],"wp:attachment":[{"href":"https:\/\/lemandat.org\/kir\/wp-json\/wp\/v2\/media?parent=649"}],"wp:term":[{"taxonomy":"category","embeddable":true,"href":"https:\/\/lemandat.org\/kir\/wp-json\/wp\/v2\/categories?post=649"},{"taxonomy":"post_tag","embeddable":true,"href":"https:\/\/lemandat.org\/kir\/wp-json\/wp\/v2\/tags?post=649"}],"curies":[{"name":"wp","href":"https:\/\/api.w.org\/{rel}","templated":true}]}}