{"id":589,"date":"2024-04-30T15:39:44","date_gmt":"2024-04-30T14:39:44","guid":{"rendered":"https:\/\/lemandat.org\/kir\/?p=589"},"modified":"2024-05-01T13:22:45","modified_gmt":"2024-05-01T12:22:45","slug":"ikibazo-cimipanga-ivyo-cndd-fdd-yiganiye-abamenyeshamakuru","status":"publish","type":"post","link":"https:\/\/lemandat.org\/kir\/blog\/2024\/04\/30\/ikibazo-cimipanga-ivyo-cndd-fdd-yiganiye-abamenyeshamakuru\/","title":{"rendered":"Ikibazo c\u2019imipanga : Ivyo CNDD-FDD yiganiye abamenyeshamakuru"},"content":{"rendered":"<p><strong>Ku musi wa gatatu, igenekerezo rya 24 Ndamukiza 2024, umugambwe CNDD-FDD wahavuye utunganya ca kiganiro itororokanirizo ry\u2019amakuru &#8220;Le Mandat&#8221; ryari ryavuze mu nkuru yaryo yo ku wa 8 Ndamukiza 2024. Benshi mu bamenyeshamakuru bararitswe gihutihuti ku muhingamo wo ku musi wa kabiri kugira ngo bazinduke bagana mu ntara ya Ngozi aho uwo mugambwe uri ku butegetsi mu Burundi wari umaze imisi ibiri mu nama ya komite nkuru yawo. Muri ico kiganiro, R\u00e9v\u00e9rien Ndikuriyo yishuye ibibazo bitandukanye bijanye n\u2019ubuzima bw\u2019igihugu harimwo ikijanye n\u2019imipanga yavuzwe. (Le Mandat)<\/strong><\/p>\n<p>Ku kibazo c\u2019imipanga yavuzwe mu gihugu, umunyamabanga mukuru w\u2019umugambwe CNDD-FDD R\u00e9v\u00e9rien Ndikuriyo yaragarutse ku nkuru itororokanirizo ry\u2019amakuru &#8220;Le Mandat&#8221; ryari ryashikirije hamwe no kw&#8217;<a href=\"https:\/\/lemandat.org\/kir\/blog\/2024\/04\/18\/itangazo-rijanye-ninkuru-yimipanga-yoba-iriko-iratangwa-mu-burundi-2\/\" target=\"_blank\" rel=\"noopener\">itangazo ryo kubangira<\/a>.<\/p>\n<p><iframe loading=\"lazy\" title=\"Iyindi nyishu ku bijanye n&#039;imipanga, l&#039;autre r\u00e9ponse sur l&#039;affaire des machettes\u2502R\u00e9v\u00e9rien Ndikuriyo\" width=\"640\" height=\"360\" src=\"https:\/\/www.youtube.com\/embed\/9LSRB-gOqOA?feature=oembed\" frameborder=\"0\" allow=\"accelerometer; autoplay; clipboard-write; encrypted-media; gyroscope; picture-in-picture; web-share\" referrerpolicy=\"strict-origin-when-cross-origin\" allowfullscreen><\/iframe><\/p>\n<p>Umunyamabanga mukuru w&#8217;umugambwe uri ku butegetsi mu Burundi yarishuye n&#8217;ibindi bibazo bijanye n&#8217;ingorane zihanze igihugu nk&#8217;uko itororokanirizo ry&#8217;amakuru &#8220;Le Mandat&#8221; ryari ryavyanditse mu nkuru ijanye n&#8217;<a href=\"https:\/\/lemandat.org\/kir\/blog\/2024\/04\/08\/ikibazo-cimipanga-cndd-fdd-izokwiganira-iki-abamenyeshamakuru-inyuma-yinama-yihuta\/\" target=\"_blank\" rel=\"noopener\">inama yari yahuje ibihangange muri CNDD-FDD<\/a>.<\/p>\n<p><strong>Ibijanye no kunyuruza no kwica abanyagihugu<\/strong><\/p>\n<p>Ku kibazo kijanye n&#8217;abanyagihugu banyuruzwa, bakaburwa irengero canke bagatorwa ari ibiziga, R\u00e9v\u00e9rien Ndikuriyo yishuye ko biva ku matati asanzwe ari mu kibano. Uwo atwara umugambwe CNDD-FDD ntaco yavuze ku bijanye n&#8217;abanyagihugu bicwa n&#8217;abanyuruzwa n&#8217;inzego za Reta hamwe n&#8217;abakorana nazo, mu nyuma bakaburwa irengero canke bagatorwa ari ibiziga.<\/p>\n<p><iframe loading=\"lazy\" title=\"Abanyuruzwa, enl\u00e8vements, disparitions forc\u00e9es\u2502R\u00e9v\u00e9rien Ndikuriyo\" width=\"640\" height=\"360\" src=\"https:\/\/www.youtube.com\/embed\/_BRh0buai7M?start=138&#038;feature=oembed\" frameborder=\"0\" allow=\"accelerometer; autoplay; clipboard-write; encrypted-media; gyroscope; picture-in-picture; web-share\" referrerpolicy=\"strict-origin-when-cross-origin\" allowfullscreen><\/iframe><\/p>\n<p><strong>Ibiciro biguma biduga<\/strong><\/p>\n<p>Umunyamabanga mukuru w&#8217;umugambwe CNDD-FDD yatanze inyishu igomba gusa n&#8217;iyo yatanze mu kwezi kwa mbere kuri iyo ngorane y&#8217;ibiciro vy&#8217;ivyankenerwa biguma biduga ku masoko aho yari yavuze ko <a href=\"https:\/\/www.youtube.com\/watch?v=TqZRlFTNWcg\" target=\"_blank\" rel=\"noopener\">Abarundi batari bake banse kurima<\/a>. Ku bwa R\u00e9v\u00e9rien Ndikuriyo, abarimyi ni bake, abaryi bakaba benshi.<\/p>\n<p><iframe loading=\"lazy\" title=\"Ibiciro, abaryi ni benshi, abarimyi ni bake\u2502R\u00e9v\u00e9rien Ndikuriyo\" width=\"640\" height=\"360\" src=\"https:\/\/www.youtube.com\/embed\/MJpVMS6VLBs?feature=oembed\" frameborder=\"0\" allow=\"accelerometer; autoplay; clipboard-write; encrypted-media; gyroscope; picture-in-picture; web-share\" referrerpolicy=\"strict-origin-when-cross-origin\" allowfullscreen><\/iframe><\/p>\n<p><strong>Abahejeje amashure babura akazi<\/strong><\/p>\n<p>R\u00e9v\u00e9rien Ndikuriyo yavuze ko inyishu y&#8217;iyo ngorane iri mu vyo bapfunditse <a href=\"https:\/\/www.youtube.com\/watch?v=7XWuyT51pPc&amp;t=281s\" target=\"_blank\" rel=\"noopener\">mu nama ya komite nkuru y&#8217;umugambwe CNDD-FDD yo ku magenekerezo ya 22 na 23 Ndamukiza 2024<\/a>. Umunyamabanga mukuru wa CNDD-FDD ati ubwo bushomeri buzotorerwa umuti mu myaka iza mu migambi itandukanye harimwo uwo gutera amavoka mu gihugu cose.<\/p>\n<p><iframe loading=\"lazy\" title=\"Ikibazo c&#039;ubushomeri mu Burundi\u2502R\u00e9v\u00e9rien Ndikuriyo\" width=\"640\" height=\"360\" src=\"https:\/\/www.youtube.com\/embed\/dhlT34Iz3uY?start=47&#038;feature=oembed\" frameborder=\"0\" allow=\"accelerometer; autoplay; clipboard-write; encrypted-media; gyroscope; picture-in-picture; web-share\" referrerpolicy=\"strict-origin-when-cross-origin\" allowfullscreen><\/iframe><\/p>\n<p><strong>Ifaranga ry&#8217;Uburundi rita agaciro<\/strong><\/p>\n<p>Uwutwara umugambwe CNDD-FDD asigura ko bihaye imyaka itatu kugira ngo iyo ngorane ive mu nzira. N&#8217;aho bamwe mu bahinga mu vy&#8217;ubutunzi babona ko ari ugusamaza abanyagihugu, R\u00e9v\u00e9rien Ndikuriyo avuga ko muri ico kiringo ibijanye no gushora hanze ikawa, ivoka n&#8217;umwavu bizoba vyafashe umurongo.<\/p>\n<p><iframe loading=\"lazy\" title=\"Ifaranga ry&#039;Uburundi riguma rita agaciro\u2502inyishu ya R\u00e9v\u00e9rien Ndikuriyo\" width=\"640\" height=\"360\" src=\"https:\/\/www.youtube.com\/embed\/1pwhaeIBzy0?start=2&#038;feature=oembed\" frameborder=\"0\" allow=\"accelerometer; autoplay; clipboard-write; encrypted-media; gyroscope; picture-in-picture; web-share\" referrerpolicy=\"strict-origin-when-cross-origin\" allowfullscreen><\/iframe><\/p>\n<p><strong>Uguhohotera iyindi migambwe<\/strong><\/p>\n<p>Ku kibazo kijanye n&#8217;uko umugambwe CNDD-FDD ushaka kuguma ari umugambwe umwe rudende mu gihugu, R\u00e9v\u00e9rien Ndikuriyo yishuye ko umugambwe arongoye utoreka kwakira abawugana. R\u00e9v\u00e9rien Ndikuriyo aca avuga ko umugambwe CNDD-FDD n&#8217;Abepiskopi ba Gatorika bakora cokimwe mu kurondera abanywanyi. R\u00e9v\u00e9rien Ndikuriyo ntiyavuze ibijanye n&#8217;uko uwo mugambwe uri ku butegetsi uhohotera iyindi migambwe.<\/p>\n<p><iframe loading=\"lazy\" title=\"Pentekote yofudika, abasenyeri boryoherwa\u2502R\u00e9v\u00e9rien Ndikuriyo niko abibona\" width=\"640\" height=\"360\" src=\"https:\/\/www.youtube.com\/embed\/QzvvcP_OfGk?start=2&#038;feature=oembed\" frameborder=\"0\" allow=\"accelerometer; autoplay; clipboard-write; encrypted-media; gyroscope; picture-in-picture; web-share\" referrerpolicy=\"strict-origin-when-cross-origin\" allowfullscreen><\/iframe><\/p>\n<p><strong>Ibwirizwa rigenga amatora ritumvikanyweko na bose<\/strong><\/p>\n<p>Ku bwa R\u00e9v\u00e9rien Ndikuriyo, ntibishoboka ko ivyiyumviro vy&#8217;umwe wese bishirwa mu nteguro y&#8217;ibwirizwa rigenga amatora iheruka kwemezwa mu nama nshingamateka na nkenguzamateka. Umunyamabanga mukuru w&#8217;umugambwe CNDD-FDD yashimikiye ku ngwati y&#8217;imiriyoni 100 isabwa uwitoza mu kibanza c&#8217;umukuru w&#8217;igihugu aho amenyesha ko ayo mafaranga atari menshi na gato.<\/p>\n<p><iframe loading=\"lazy\" title=\"Zana imiriyoni 100 bayatware, umukuru w&#039;igihugu si umucezo\u2502R\u00e9v\u00e9rien Ndikuriyo\" width=\"640\" height=\"360\" src=\"https:\/\/www.youtube.com\/embed\/SPfU4f60kWk?feature=oembed\" frameborder=\"0\" allow=\"accelerometer; autoplay; clipboard-write; encrypted-media; gyroscope; picture-in-picture; web-share\" referrerpolicy=\"strict-origin-when-cross-origin\" allowfullscreen><\/iframe><\/p>\n<p><strong><em>Inkuru bijanye<\/em> <a href=\"https:\/\/lemandat.org\/kir\/blog\/2024\/04\/08\/ikibazo-cimipanga-cndd-fdd-izokwiganira-iki-abamenyeshamakuru-inyuma-yinama-yihuta\/\" target=\"_blank\" rel=\"noopener\">Ikibazo c&#8217;imipanga : CNDD-FDD izokwiganira iki abamenyeshamakuru inyuma y&#8217;inama yihuta ?<\/a><\/strong><\/p>\n<p>Muri ico kiganiro yagiranye n&#8217;abamenyeshamakuru ku musozi Buye, muri komine Mwumba mu ntara ya Ngozi, R\u00e9v\u00e9rien Ndikuriyo yaravuze kandi ko komite nkuru y&#8217;umugambwe CNDD-FDD yapfunditse ko, imbere yo kuja muri kaminuza canke mu yindi mirimo, abanyeshure bahejeje amashure yisumbuye bazobanza kuja mu <a href=\"https:\/\/www.youtube.com\/watch?v=5nyGnPkDwig\" target=\"_blank\" rel=\"noopener\">nyigisho za gisirikare mu kiringo c&#8217;imyaka ibiri<\/a>.<\/p>\n","protected":false},"excerpt":{"rendered":"<p>Ku musi wa gatatu, igenekerezo rya 24 Ndamukiza 2024, umugambwe CNDD-FDD wahavuye utunganya ca kiganiro itororokanirizo ry\u2019amakuru &#8220;Le Mandat&#8221; ryari ryavuze mu nkuru yaryo yo ku wa 8 Ndamukiza 2024. Benshi mu bamenyeshamakuru bararitswe gihutihuti ku muhingamo wo ku musi wa kabiri kugira ngo bazinduke bagana mu ntara ya Ngozi aho uwo mugambwe uri ku [&hellip;]<\/p>\n","protected":false},"author":1,"featured_media":590,"comment_status":"open","ping_status":"open","sticky":false,"template":"","format":"standard","meta":{"footnotes":""},"categories":[12],"tags":[27],"class_list":["post-589","post","type-post","status-publish","format-standard","has-post-thumbnail","hentry","category-poritike","tag-burundi"],"yoast_head":"<!-- This site is optimized with the Yoast SEO plugin v26.9 - https:\/\/yoast.com\/product\/yoast-seo-wordpress\/ -->\n<title>Ikibazo c\u2019imipanga : Ivyo CNDD-FDD yiganiye abamenyeshamakuru -<\/title>\n<meta name=\"robots\" content=\"index, follow, max-snippet:-1, max-image-preview:large, max-video-preview:-1\" \/>\n<link rel=\"canonical\" href=\"https:\/\/lemandat.org\/kir\/blog\/2024\/04\/30\/ikibazo-cimipanga-ivyo-cndd-fdd-yiganiye-abamenyeshamakuru\/\" \/>\n<meta property=\"og:locale\" content=\"en_GB\" \/>\n<meta property=\"og:type\" content=\"article\" \/>\n<meta property=\"og:title\" content=\"Ikibazo c\u2019imipanga : Ivyo CNDD-FDD yiganiye abamenyeshamakuru -\" \/>\n<meta property=\"og:description\" content=\"Ku musi wa gatatu, igenekerezo rya 24 Ndamukiza 2024, umugambwe CNDD-FDD wahavuye utunganya ca kiganiro itororokanirizo ry\u2019amakuru &#8220;Le Mandat&#8221; ryari ryavuze mu nkuru yaryo yo ku wa 8 Ndamukiza 2024. Benshi mu bamenyeshamakuru bararitswe gihutihuti ku muhingamo wo ku musi wa kabiri kugira ngo bazinduke bagana mu ntara ya Ngozi aho uwo mugambwe uri ku [&hellip;]\" \/>\n<meta property=\"og:url\" content=\"https:\/\/lemandat.org\/kir\/blog\/2024\/04\/30\/ikibazo-cimipanga-ivyo-cndd-fdd-yiganiye-abamenyeshamakuru\/\" \/>\n<meta property=\"article:published_time\" content=\"2024-04-30T14:39:44+00:00\" \/>\n<meta property=\"article:modified_time\" content=\"2024-05-01T12:22:45+00:00\" \/>\n<meta property=\"og:image\" content=\"https:\/\/lemandat.org\/kir\/wp-content\/uploads\/2024\/04\/ARTICLE-PHOTO-DD-IKIGANIRO-300424.jpg\" \/>\n\t<meta property=\"og:image:width\" content=\"1293\" \/>\n\t<meta property=\"og:image:height\" content=\"691\" \/>\n\t<meta property=\"og:image:type\" content=\"image\/jpeg\" \/>\n<meta name=\"author\" content=\"Le Mandat\" \/>\n<meta name=\"twitter:card\" content=\"summary_large_image\" \/>\n<meta name=\"twitter:label1\" content=\"Written by\" \/>\n\t<meta name=\"twitter:data1\" content=\"Le Mandat\" \/>\n\t<meta name=\"twitter:label2\" content=\"Estimated reading time\" \/>\n\t<meta name=\"twitter:data2\" content=\"3 minutes\" \/>\n<script type=\"application\/ld+json\" class=\"yoast-schema-graph\">{\"@context\":\"https:\/\/schema.org\",\"@graph\":[{\"@type\":\"Article\",\"@id\":\"https:\/\/lemandat.org\/kir\/blog\/2024\/04\/30\/ikibazo-cimipanga-ivyo-cndd-fdd-yiganiye-abamenyeshamakuru\/#article\",\"isPartOf\":{\"@id\":\"https:\/\/lemandat.org\/kir\/blog\/2024\/04\/30\/ikibazo-cimipanga-ivyo-cndd-fdd-yiganiye-abamenyeshamakuru\/\"},\"author\":{\"name\":\"Le Mandat\",\"@id\":\"https:\/\/lemandat.org\/kir\/#\/schema\/person\/659544ce17a9677696060118fc31814e\"},\"headline\":\"Ikibazo c\u2019imipanga : Ivyo CNDD-FDD yiganiye abamenyeshamakuru\",\"datePublished\":\"2024-04-30T14:39:44+00:00\",\"dateModified\":\"2024-05-01T12:22:45+00:00\",\"mainEntityOfPage\":{\"@id\":\"https:\/\/lemandat.org\/kir\/blog\/2024\/04\/30\/ikibazo-cimipanga-ivyo-cndd-fdd-yiganiye-abamenyeshamakuru\/\"},\"wordCount\":653,\"commentCount\":0,\"image\":{\"@id\":\"https:\/\/lemandat.org\/kir\/blog\/2024\/04\/30\/ikibazo-cimipanga-ivyo-cndd-fdd-yiganiye-abamenyeshamakuru\/#primaryimage\"},\"thumbnailUrl\":\"https:\/\/lemandat.org\/kir\/wp-content\/uploads\/2024\/04\/ARTICLE-PHOTO-DD-IKIGANIRO-300424.jpg\",\"keywords\":[\"Burundi\"],\"articleSection\":[\"PORITIKE\"],\"inLanguage\":\"en-GB\",\"potentialAction\":[{\"@type\":\"CommentAction\",\"name\":\"Comment\",\"target\":[\"https:\/\/lemandat.org\/kir\/blog\/2024\/04\/30\/ikibazo-cimipanga-ivyo-cndd-fdd-yiganiye-abamenyeshamakuru\/#respond\"]}]},{\"@type\":\"WebPage\",\"@id\":\"https:\/\/lemandat.org\/kir\/blog\/2024\/04\/30\/ikibazo-cimipanga-ivyo-cndd-fdd-yiganiye-abamenyeshamakuru\/\",\"url\":\"https:\/\/lemandat.org\/kir\/blog\/2024\/04\/30\/ikibazo-cimipanga-ivyo-cndd-fdd-yiganiye-abamenyeshamakuru\/\",\"name\":\"Ikibazo c\u2019imipanga : Ivyo CNDD-FDD yiganiye abamenyeshamakuru -\",\"isPartOf\":{\"@id\":\"https:\/\/lemandat.org\/kir\/#website\"},\"primaryImageOfPage\":{\"@id\":\"https:\/\/lemandat.org\/kir\/blog\/2024\/04\/30\/ikibazo-cimipanga-ivyo-cndd-fdd-yiganiye-abamenyeshamakuru\/#primaryimage\"},\"image\":{\"@id\":\"https:\/\/lemandat.org\/kir\/blog\/2024\/04\/30\/ikibazo-cimipanga-ivyo-cndd-fdd-yiganiye-abamenyeshamakuru\/#primaryimage\"},\"thumbnailUrl\":\"https:\/\/lemandat.org\/kir\/wp-content\/uploads\/2024\/04\/ARTICLE-PHOTO-DD-IKIGANIRO-300424.jpg\",\"datePublished\":\"2024-04-30T14:39:44+00:00\",\"dateModified\":\"2024-05-01T12:22:45+00:00\",\"author\":{\"@id\":\"https:\/\/lemandat.org\/kir\/#\/schema\/person\/659544ce17a9677696060118fc31814e\"},\"breadcrumb\":{\"@id\":\"https:\/\/lemandat.org\/kir\/blog\/2024\/04\/30\/ikibazo-cimipanga-ivyo-cndd-fdd-yiganiye-abamenyeshamakuru\/#breadcrumb\"},\"inLanguage\":\"en-GB\",\"potentialAction\":[{\"@type\":\"ReadAction\",\"target\":[\"https:\/\/lemandat.org\/kir\/blog\/2024\/04\/30\/ikibazo-cimipanga-ivyo-cndd-fdd-yiganiye-abamenyeshamakuru\/\"]}]},{\"@type\":\"ImageObject\",\"inLanguage\":\"en-GB\",\"@id\":\"https:\/\/lemandat.org\/kir\/blog\/2024\/04\/30\/ikibazo-cimipanga-ivyo-cndd-fdd-yiganiye-abamenyeshamakuru\/#primaryimage\",\"url\":\"https:\/\/lemandat.org\/kir\/wp-content\/uploads\/2024\/04\/ARTICLE-PHOTO-DD-IKIGANIRO-300424.jpg\",\"contentUrl\":\"https:\/\/lemandat.org\/kir\/wp-content\/uploads\/2024\/04\/ARTICLE-PHOTO-DD-IKIGANIRO-300424.jpg\",\"width\":1293,\"height\":691},{\"@type\":\"BreadcrumbList\",\"@id\":\"https:\/\/lemandat.org\/kir\/blog\/2024\/04\/30\/ikibazo-cimipanga-ivyo-cndd-fdd-yiganiye-abamenyeshamakuru\/#breadcrumb\",\"itemListElement\":[{\"@type\":\"ListItem\",\"position\":1,\"name\":\"Home\",\"item\":\"https:\/\/lemandat.org\/kir\/\"},{\"@type\":\"ListItem\",\"position\":2,\"name\":\"Ikibazo c\u2019imipanga : Ivyo CNDD-FDD yiganiye abamenyeshamakuru\"}]},{\"@type\":\"WebSite\",\"@id\":\"https:\/\/lemandat.org\/kir\/#website\",\"url\":\"https:\/\/lemandat.org\/kir\/\",\"name\":\"\",\"description\":\"\",\"potentialAction\":[{\"@type\":\"SearchAction\",\"target\":{\"@type\":\"EntryPoint\",\"urlTemplate\":\"https:\/\/lemandat.org\/kir\/?s={search_term_string}\"},\"query-input\":{\"@type\":\"PropertyValueSpecification\",\"valueRequired\":true,\"valueName\":\"search_term_string\"}}],\"inLanguage\":\"en-GB\"},{\"@type\":\"Person\",\"@id\":\"https:\/\/lemandat.org\/kir\/#\/schema\/person\/659544ce17a9677696060118fc31814e\",\"name\":\"Le Mandat\",\"image\":{\"@type\":\"ImageObject\",\"inLanguage\":\"en-GB\",\"@id\":\"https:\/\/lemandat.org\/kir\/#\/schema\/person\/image\/\",\"url\":\"https:\/\/secure.gravatar.com\/avatar\/ea4182f5ca1cedc86d61e61a9320c52dd67255ac8cdb53f245ec8233a747161b?s=96&d=mm&r=g\",\"contentUrl\":\"https:\/\/secure.gravatar.com\/avatar\/ea4182f5ca1cedc86d61e61a9320c52dd67255ac8cdb53f245ec8233a747161b?s=96&d=mm&r=g\",\"caption\":\"Le Mandat\"},\"sameAs\":[\"https:\/\/lemandat.org\/kir\"],\"url\":\"https:\/\/lemandat.org\/kir\/blog\/author\/kiradmin\/\"}]}<\/script>\n<!-- \/ Yoast SEO plugin. -->","yoast_head_json":{"title":"Ikibazo c\u2019imipanga : Ivyo CNDD-FDD yiganiye abamenyeshamakuru -","robots":{"index":"index","follow":"follow","max-snippet":"max-snippet:-1","max-image-preview":"max-image-preview:large","max-video-preview":"max-video-preview:-1"},"canonical":"https:\/\/lemandat.org\/kir\/blog\/2024\/04\/30\/ikibazo-cimipanga-ivyo-cndd-fdd-yiganiye-abamenyeshamakuru\/","og_locale":"en_GB","og_type":"article","og_title":"Ikibazo c\u2019imipanga : Ivyo CNDD-FDD yiganiye abamenyeshamakuru -","og_description":"Ku musi wa gatatu, igenekerezo rya 24 Ndamukiza 2024, umugambwe CNDD-FDD wahavuye utunganya ca kiganiro itororokanirizo ry\u2019amakuru &#8220;Le Mandat&#8221; ryari ryavuze mu nkuru yaryo yo ku wa 8 Ndamukiza 2024. Benshi mu bamenyeshamakuru bararitswe gihutihuti ku muhingamo wo ku musi wa kabiri kugira ngo bazinduke bagana mu ntara ya Ngozi aho uwo mugambwe uri ku [&hellip;]","og_url":"https:\/\/lemandat.org\/kir\/blog\/2024\/04\/30\/ikibazo-cimipanga-ivyo-cndd-fdd-yiganiye-abamenyeshamakuru\/","article_published_time":"2024-04-30T14:39:44+00:00","article_modified_time":"2024-05-01T12:22:45+00:00","og_image":[{"width":1293,"height":691,"url":"https:\/\/lemandat.org\/kir\/wp-content\/uploads\/2024\/04\/ARTICLE-PHOTO-DD-IKIGANIRO-300424.jpg","type":"image\/jpeg"}],"author":"Le Mandat","twitter_card":"summary_large_image","twitter_misc":{"Written by":"Le Mandat","Estimated reading time":"3 minutes"},"schema":{"@context":"https:\/\/schema.org","@graph":[{"@type":"Article","@id":"https:\/\/lemandat.org\/kir\/blog\/2024\/04\/30\/ikibazo-cimipanga-ivyo-cndd-fdd-yiganiye-abamenyeshamakuru\/#article","isPartOf":{"@id":"https:\/\/lemandat.org\/kir\/blog\/2024\/04\/30\/ikibazo-cimipanga-ivyo-cndd-fdd-yiganiye-abamenyeshamakuru\/"},"author":{"name":"Le Mandat","@id":"https:\/\/lemandat.org\/kir\/#\/schema\/person\/659544ce17a9677696060118fc31814e"},"headline":"Ikibazo c\u2019imipanga : Ivyo CNDD-FDD yiganiye abamenyeshamakuru","datePublished":"2024-04-30T14:39:44+00:00","dateModified":"2024-05-01T12:22:45+00:00","mainEntityOfPage":{"@id":"https:\/\/lemandat.org\/kir\/blog\/2024\/04\/30\/ikibazo-cimipanga-ivyo-cndd-fdd-yiganiye-abamenyeshamakuru\/"},"wordCount":653,"commentCount":0,"image":{"@id":"https:\/\/lemandat.org\/kir\/blog\/2024\/04\/30\/ikibazo-cimipanga-ivyo-cndd-fdd-yiganiye-abamenyeshamakuru\/#primaryimage"},"thumbnailUrl":"https:\/\/lemandat.org\/kir\/wp-content\/uploads\/2024\/04\/ARTICLE-PHOTO-DD-IKIGANIRO-300424.jpg","keywords":["Burundi"],"articleSection":["PORITIKE"],"inLanguage":"en-GB","potentialAction":[{"@type":"CommentAction","name":"Comment","target":["https:\/\/lemandat.org\/kir\/blog\/2024\/04\/30\/ikibazo-cimipanga-ivyo-cndd-fdd-yiganiye-abamenyeshamakuru\/#respond"]}]},{"@type":"WebPage","@id":"https:\/\/lemandat.org\/kir\/blog\/2024\/04\/30\/ikibazo-cimipanga-ivyo-cndd-fdd-yiganiye-abamenyeshamakuru\/","url":"https:\/\/lemandat.org\/kir\/blog\/2024\/04\/30\/ikibazo-cimipanga-ivyo-cndd-fdd-yiganiye-abamenyeshamakuru\/","name":"Ikibazo c\u2019imipanga : Ivyo CNDD-FDD yiganiye abamenyeshamakuru -","isPartOf":{"@id":"https:\/\/lemandat.org\/kir\/#website"},"primaryImageOfPage":{"@id":"https:\/\/lemandat.org\/kir\/blog\/2024\/04\/30\/ikibazo-cimipanga-ivyo-cndd-fdd-yiganiye-abamenyeshamakuru\/#primaryimage"},"image":{"@id":"https:\/\/lemandat.org\/kir\/blog\/2024\/04\/30\/ikibazo-cimipanga-ivyo-cndd-fdd-yiganiye-abamenyeshamakuru\/#primaryimage"},"thumbnailUrl":"https:\/\/lemandat.org\/kir\/wp-content\/uploads\/2024\/04\/ARTICLE-PHOTO-DD-IKIGANIRO-300424.jpg","datePublished":"2024-04-30T14:39:44+00:00","dateModified":"2024-05-01T12:22:45+00:00","author":{"@id":"https:\/\/lemandat.org\/kir\/#\/schema\/person\/659544ce17a9677696060118fc31814e"},"breadcrumb":{"@id":"https:\/\/lemandat.org\/kir\/blog\/2024\/04\/30\/ikibazo-cimipanga-ivyo-cndd-fdd-yiganiye-abamenyeshamakuru\/#breadcrumb"},"inLanguage":"en-GB","potentialAction":[{"@type":"ReadAction","target":["https:\/\/lemandat.org\/kir\/blog\/2024\/04\/30\/ikibazo-cimipanga-ivyo-cndd-fdd-yiganiye-abamenyeshamakuru\/"]}]},{"@type":"ImageObject","inLanguage":"en-GB","@id":"https:\/\/lemandat.org\/kir\/blog\/2024\/04\/30\/ikibazo-cimipanga-ivyo-cndd-fdd-yiganiye-abamenyeshamakuru\/#primaryimage","url":"https:\/\/lemandat.org\/kir\/wp-content\/uploads\/2024\/04\/ARTICLE-PHOTO-DD-IKIGANIRO-300424.jpg","contentUrl":"https:\/\/lemandat.org\/kir\/wp-content\/uploads\/2024\/04\/ARTICLE-PHOTO-DD-IKIGANIRO-300424.jpg","width":1293,"height":691},{"@type":"BreadcrumbList","@id":"https:\/\/lemandat.org\/kir\/blog\/2024\/04\/30\/ikibazo-cimipanga-ivyo-cndd-fdd-yiganiye-abamenyeshamakuru\/#breadcrumb","itemListElement":[{"@type":"ListItem","position":1,"name":"Home","item":"https:\/\/lemandat.org\/kir\/"},{"@type":"ListItem","position":2,"name":"Ikibazo c\u2019imipanga : Ivyo CNDD-FDD yiganiye abamenyeshamakuru"}]},{"@type":"WebSite","@id":"https:\/\/lemandat.org\/kir\/#website","url":"https:\/\/lemandat.org\/kir\/","name":"","description":"","potentialAction":[{"@type":"SearchAction","target":{"@type":"EntryPoint","urlTemplate":"https:\/\/lemandat.org\/kir\/?s={search_term_string}"},"query-input":{"@type":"PropertyValueSpecification","valueRequired":true,"valueName":"search_term_string"}}],"inLanguage":"en-GB"},{"@type":"Person","@id":"https:\/\/lemandat.org\/kir\/#\/schema\/person\/659544ce17a9677696060118fc31814e","name":"Le Mandat","image":{"@type":"ImageObject","inLanguage":"en-GB","@id":"https:\/\/lemandat.org\/kir\/#\/schema\/person\/image\/","url":"https:\/\/secure.gravatar.com\/avatar\/ea4182f5ca1cedc86d61e61a9320c52dd67255ac8cdb53f245ec8233a747161b?s=96&d=mm&r=g","contentUrl":"https:\/\/secure.gravatar.com\/avatar\/ea4182f5ca1cedc86d61e61a9320c52dd67255ac8cdb53f245ec8233a747161b?s=96&d=mm&r=g","caption":"Le Mandat"},"sameAs":["https:\/\/lemandat.org\/kir"],"url":"https:\/\/lemandat.org\/kir\/blog\/author\/kiradmin\/"}]}},"_links":{"self":[{"href":"https:\/\/lemandat.org\/kir\/wp-json\/wp\/v2\/posts\/589","targetHints":{"allow":["GET"]}}],"collection":[{"href":"https:\/\/lemandat.org\/kir\/wp-json\/wp\/v2\/posts"}],"about":[{"href":"https:\/\/lemandat.org\/kir\/wp-json\/wp\/v2\/types\/post"}],"author":[{"embeddable":true,"href":"https:\/\/lemandat.org\/kir\/wp-json\/wp\/v2\/users\/1"}],"replies":[{"embeddable":true,"href":"https:\/\/lemandat.org\/kir\/wp-json\/wp\/v2\/comments?post=589"}],"version-history":[{"count":4,"href":"https:\/\/lemandat.org\/kir\/wp-json\/wp\/v2\/posts\/589\/revisions"}],"predecessor-version":[{"id":594,"href":"https:\/\/lemandat.org\/kir\/wp-json\/wp\/v2\/posts\/589\/revisions\/594"}],"wp:featuredmedia":[{"embeddable":true,"href":"https:\/\/lemandat.org\/kir\/wp-json\/wp\/v2\/media\/590"}],"wp:attachment":[{"href":"https:\/\/lemandat.org\/kir\/wp-json\/wp\/v2\/media?parent=589"}],"wp:term":[{"taxonomy":"category","embeddable":true,"href":"https:\/\/lemandat.org\/kir\/wp-json\/wp\/v2\/categories?post=589"},{"taxonomy":"post_tag","embeddable":true,"href":"https:\/\/lemandat.org\/kir\/wp-json\/wp\/v2\/tags?post=589"}],"curies":[{"name":"wp","href":"https:\/\/api.w.org\/{rel}","templated":true}]}}