{"id":501,"date":"2023-11-19T13:57:08","date_gmt":"2023-11-19T12:57:08","guid":{"rendered":"https:\/\/lemandat.org\/kir\/?p=501"},"modified":"2023-11-19T14:08:08","modified_gmt":"2023-11-19T13:08:08","slug":"red-tabara-intwazangabo-zibiri-zishwe-zihorwa-guhemuka-no-gucudika-numwansi","status":"publish","type":"post","link":"https:\/\/lemandat.org\/kir\/blog\/2023\/11\/19\/red-tabara-intwazangabo-zibiri-zishwe-zihorwa-guhemuka-no-gucudika-numwansi\/","title":{"rendered":"RED-Tabara : Intwazangabo zibiri zishwe zihorwa guhemuka no gucudika n&#8217;umwansi."},"content":{"rendered":"<p><strong>Umwe mu bishwe ni Komiseri yari ajejwe ibijanye n&#8217;ibikorwa vya gisirikare hamwe n&#8217;inyigisho za gisirikare mu muhari RED-Tabara. Bamwita C3 muri uwo mugwi witwaje ibirwanisho. Uwa kabiri yishwe bamwita C4. Yari Komiseri ajejwe ububiko, uburaro, ukwunguruza hamwe n&#8217;ukugaburira abarwanyi. Izo ntwazangabo zibiri z&#8217;uwo mugwi ufise ibirindiro muri Repuburika ya Demokarasi ya Kongo zariko zirategura kujabukana mu Burundi bamwe mu barwanyi kugira ngo bazoce bishikana nk&#8217;uko bari babipfunditse n&#8217;ibiro vy&#8217;umukuru w&#8217;igihugu c&#8217;Uburundi. (Le Mandat)\u00a0<\/strong><\/p>\n<p>Nicolas Niyukuri batazira Gisiga, Komiseri nimero 3, hamwe na R\u00e9verien, Komiseri nimero 4, bishwe n&#8217;urwego rwa gisirikare rwo hejuru rw&#8217;umugwi uharanira intwaro ishingiye ku mategeko RED-Tabara, haraheze amezi make. Itororokanirizo ry&#8217;amakuru Le Mandat ryaronse amakuru avuga ko, imbere y&#8217;uko bicwa, abo basirikare babiri bo ku rwego rw&#8217;intwazangabo bari bamaze igihe bavugana n&#8217;urwego rw&#8217;iperereza rw&#8217;Uburundi bahujwe n&#8217;uwuserukira Uburundi muri Repuburika ya Demokarasi ya Kongo afise icicaro i Kinshasa G\u00e9n\u00e9ral de Brigade Agricole Mwamba Ntirampeba. Uwo nawe yatanguye kuvugana n&#8217;izo ntwazangabo zibiri za RED-Tabara bahujwe n&#8217;urwego rw&#8217;igendereza rwa kimwe mu bihugu vyo mu karere k&#8217;ibiyaga binini. Mu matohoza yacu, twaramenye ko ivyo biganiro vyari bifise intumbero yo kujana mu Burundi bamwe mu barwanyi ba RED-Tabara, bari kuba barongowe na Nicolas Niyukuri batazira Gisiga, hanyuma bagaca bishikana ku nzego z&#8217;igihugu.<\/p>\n<p>Ntiturashobora kuronka G\u00e9n\u00e9ral de Brigade Agricole Mwamba Ntirampeba kugira agire ico abivuzeko. Ku ruhande rwa RED-Tabara, ntibemeza kandi ntibahakana igandagurwa rya Nicolas Niyukuri batazira Gisiga hamwe na R\u00e9verien. Umwe mu barongoye abandi mu gisirikare c&#8217;uwo mugwi ugwanya Reta y&#8217;Uburundi yatubwiye gusa ko izo ntwazangabo zibiri zakoze amakosa hanyuma &#8220;zirarengutswa, zirisigura, mu nyuma zica zicirwa urubanza hisunzwe amategeko n&#8217;amabwirizwa agenga abarwanyi ba RED-Tabara&#8221;.<\/p>\n<p><strong><em>Soma n&#8217;iyi\u00a0<\/em><a href=\"https:\/\/lemandat.org\/kir\/blog\/2023\/06\/26\/kongo-red-tabara-ngo-barabesha-ntisugerejwe\/\" target=\"_blank\" rel=\"noopener\">Kongo : RED-Tabara ngo barabesha ntisugerejwe<\/a><\/strong><\/p>\n<p>Muri iyi myaka, umuhari RED-Tabara waratsimbataje cane igisata cawo c&#8217;iperereza harimwo n&#8217;ibijanye n&#8217;ugusuma urusaku. Mu matohoza itororokanirizo ry&#8217;amakuru Le Mandat ryagize, ryasanze hari imitego myinshi yatezwe n&#8217;inzego z&#8217;iperereza mu Burundi no mu karere yasambuwe n&#8217;uwo muhari usigaye uvugwa mu biganiro nka vyose bijanye n&#8217;amagume azingamitse Uburundi.<\/p>\n<p>Akarorero ka hafi ni ako ku musi wa kane, igenekerezo rya 16 Munyonyo 2023, igihe umugambwe CNDD-FDD watanguza ku mugaragaro indwi wahariye intwari. Uwo musi, umukuru w&#8217;igihugu c&#8217;Uburundi\u00a0<a href=\"https:\/\/lemandat.org\/kir\/blog\/2023\/01\/22\/burundi-ni-nde-azokurikirana-umukuru-wigihugu-ndayishimiye-ahemukiye-igihugu\/\" target=\"_blank\" rel=\"noopener\">Evariste Ndayishimiye<\/a>, asanzwe arongoye n&#8217;inama nkuru y&#8217;inararibonye y&#8217;uwo mugambwe uri ku butegetsi, yavuze ko RED-Tabara iri mu migwi yatsinzwe muri kahise, ko rero ubu ata cotera ubwoba Abarundi.<\/p>\n<p><iframe loading=\"lazy\" title=\"Hasigaye isupu, twaratsinze FNL, CNARED, RED-Tabara\u2502Evariste Ndayishimiye\" width=\"640\" height=\"360\" src=\"https:\/\/www.youtube.com\/embed\/Y5DoeDQV4C8?feature=oembed\" frameborder=\"0\" allow=\"accelerometer; autoplay; clipboard-write; encrypted-media; gyroscope; picture-in-picture; web-share\" referrerpolicy=\"strict-origin-when-cross-origin\" allowfullscreen><\/iframe><\/p>\n<p>Imisi ibiri imbere y&#8217;uko umukuru w&#8217;igihugu c&#8217;Uburundi avuga, mugenziwe wa Repuburika ya Demokarasi ya Kongo nawe nyene yari <a href=\"https:\/\/x.com\/EmileNibasumba\/status\/1724768496037364086?s=20\" target=\"_blank\" rel=\"noopener\">yavuze ibijanye n&#8217;umuhari RED-Tabara<\/a> mw&#8217;ijambo yashikirije inama nshingamateka na nkenguzamateka zikoranye ku musi wa kabiri igenekerezo rya 14 Munyonyo. F\u00e9lix Antoine Tshisekedi yariko aravuga ibihugu bibiri vyo mu karere bafitaniye imigenderanire ya gisirikare n&#8217;iy&#8217;iperereza. Uwo musi yavuze ati : &#8220;Igisirikare ca Kongo kirakorera hamwe n&#8217;igisirikare ca Uganda mu kurwanya umugwi w&#8217;iterabwoba ADF hanyuma kigakorana n&#8217;igisirikare c&#8217;Uburundi mu kurandurana n&#8217;imizi abarwanyi ba RED-Tabara.&#8221;<\/p>\n<p>Indwi zitatu imbere yaho, hari ku wa 26 Gitugutu, umukuru w&#8217;igihugu Evariste Ndayishimiye yari yahamagariye &#8220;abarwanyi ba RED-Tabara bavyipfuza gutahuka mu gihugu, bakakwa ibirwanisho, bagaca basubizwa mu buzima busanzwe, abandi nabo bakitaba ubutungane&#8221;. Uwo musi yari yakiriye indongozi z&#8217;ishirahamwe ry&#8217;abanyaburaya European Institute of Peace yavuze ko ririko rirabimufashamwo.<\/p>\n<blockquote class=\"twitter-tweet\">\n<p dir=\"ltr\" lang=\"fr\">Ce 26\/10, S.E <a href=\"https:\/\/twitter.com\/GeneralNeva?ref_src=twsrc%5Etfw\">@GeneralNeva<\/a> a re\u00e7u en audience une d\u00e9l\u00e9gation de l&#8217;Institut Europ\u00e9en pour la Paix (EIP), conduite par Mme Johnson Hilde. Les \u00e9changes ont port\u00e9 sur la situation s\u00e9curitaire \u00e0 l&#8217;Est de la <a href=\"https:\/\/twitter.com\/hashtag\/RDC?src=hash&amp;ref_src=twsrc%5Etfw\">#RDC<\/a>, particuli\u00e8rement le rapatriement des combattants du Groupe Red Tabara. <a href=\"https:\/\/t.co\/MX0Ra7eNSE\">pic.twitter.com\/MX0Ra7eNSE<\/a><\/p>\n<p>\u2014 Ntare Rushatsi House (@NtareHouse) <a href=\"https:\/\/twitter.com\/NtareHouse\/status\/1717566830343016711?ref_src=twsrc%5Etfw\">October 26, 2023<\/a><\/p><\/blockquote>\n<p>Ico gihe, uwo mugwi, uheruka kwica intwazangabo zawo zibiri uzihora guhemuka no gucudika n&#8217;umwansi, wagirije umukuru w&#8217;igihugu Evariste Ndayishimiye kwiteza utunyoni kandi azi neza ko utigeze uhengeshanya gusaba ko haba ibiganiro bifise intumbero yo gutunganya amatora yo ku mugaragaro, akwije ivyangombwa kandi adakumira.<\/p>\n<blockquote class=\"twitter-tweet\">\n<p dir=\"ltr\" lang=\"fr\"><a href=\"https:\/\/twitter.com\/hashtag\/REDTabara?src=hash&amp;ref_src=twsrc%5Etfw\">#REDTabara<\/a> n&#8217;a jamais cess\u00e9 de r\u00e9clamer les n\u00e9gociations des conditions d&#8217;organisation d&#8217;\u00e9lections d\u00e9mocratiques, libres, inclusives et transparentes.<\/p>\n<p>Il appartient au pr\u00e9sident Ndayishimiye de clarifier sa v\u00e9ritable position au peuple burundais et aux partenaires du <a href=\"https:\/\/twitter.com\/hashtag\/Burundi?src=hash&amp;ref_src=twsrc%5Etfw\">#Burundi<\/a>. <a href=\"https:\/\/t.co\/E5TYyOmGtu\">pic.twitter.com\/E5TYyOmGtu<\/a><\/p>\n<p>\u2014 RED Tabara (@Red_Tabara) <a href=\"https:\/\/twitter.com\/Red_Tabara\/status\/1723851035507073243?ref_src=twsrc%5Etfw\">November 12, 2023<\/a><\/p><\/blockquote>\n","protected":false},"excerpt":{"rendered":"<p>Umwe mu bishwe ni Komiseri yari ajejwe ibijanye n&#8217;ibikorwa vya gisirikare hamwe n&#8217;inyigisho za gisirikare mu muhari RED-Tabara. Bamwita C3 muri uwo mugwi witwaje ibirwanisho. Uwa kabiri yishwe bamwita C4. Yari Komiseri ajejwe ububiko, uburaro, ukwunguruza hamwe n&#8217;ukugaburira abarwanyi. Izo ntwazangabo zibiri z&#8217;uwo mugwi ufise ibirindiro muri Repuburika ya Demokarasi ya Kongo zariko zirategura kujabukana [&hellip;]<\/p>\n","protected":false},"author":1,"featured_media":504,"comment_status":"open","ping_status":"open","sticky":false,"template":"","format":"standard","meta":{"footnotes":""},"categories":[43,14],"tags":[27],"class_list":["post-501","post","type-post","status-publish","format-standard","has-post-thumbnail","hentry","category-amatohoza","category-umutekano","tag-burundi"],"yoast_head":"<!-- This site is optimized with the Yoast SEO plugin v26.9 - https:\/\/yoast.com\/product\/yoast-seo-wordpress\/ -->\n<title>RED-Tabara : Intwazangabo zibiri zishwe zihorwa guhemuka no gucudika n&#039;umwansi. -<\/title>\n<meta name=\"robots\" content=\"index, follow, max-snippet:-1, max-image-preview:large, max-video-preview:-1\" \/>\n<link rel=\"canonical\" href=\"https:\/\/lemandat.org\/kir\/blog\/2023\/11\/19\/red-tabara-intwazangabo-zibiri-zishwe-zihorwa-guhemuka-no-gucudika-numwansi\/\" \/>\n<meta property=\"og:locale\" content=\"en_GB\" \/>\n<meta property=\"og:type\" content=\"article\" \/>\n<meta property=\"og:title\" content=\"RED-Tabara : Intwazangabo zibiri zishwe zihorwa guhemuka no gucudika n&#039;umwansi. -\" \/>\n<meta property=\"og:description\" content=\"Umwe mu bishwe ni Komiseri yari ajejwe ibijanye n&#8217;ibikorwa vya gisirikare hamwe n&#8217;inyigisho za gisirikare mu muhari RED-Tabara. Bamwita C3 muri uwo mugwi witwaje ibirwanisho. Uwa kabiri yishwe bamwita C4. Yari Komiseri ajejwe ububiko, uburaro, ukwunguruza hamwe n&#8217;ukugaburira abarwanyi. Izo ntwazangabo zibiri z&#8217;uwo mugwi ufise ibirindiro muri Repuburika ya Demokarasi ya Kongo zariko zirategura kujabukana [&hellip;]\" \/>\n<meta property=\"og:url\" content=\"https:\/\/lemandat.org\/kir\/blog\/2023\/11\/19\/red-tabara-intwazangabo-zibiri-zishwe-zihorwa-guhemuka-no-gucudika-numwansi\/\" \/>\n<meta property=\"article:published_time\" content=\"2023-11-19T12:57:08+00:00\" \/>\n<meta property=\"article:modified_time\" content=\"2023-11-19T13:08:08+00:00\" \/>\n<meta property=\"og:image\" content=\"https:\/\/lemandat.org\/kir\/wp-content\/uploads\/2023\/11\/RED-Tabara-logo.jpg\" \/>\n\t<meta property=\"og:image:width\" content=\"400\" \/>\n\t<meta property=\"og:image:height\" content=\"400\" \/>\n\t<meta property=\"og:image:type\" content=\"image\/jpeg\" \/>\n<meta name=\"author\" content=\"Le Mandat\" \/>\n<meta name=\"twitter:card\" content=\"summary_large_image\" \/>\n<meta name=\"twitter:label1\" content=\"Written by\" \/>\n\t<meta name=\"twitter:data1\" content=\"Le Mandat\" \/>\n\t<meta name=\"twitter:label2\" content=\"Estimated reading time\" \/>\n\t<meta name=\"twitter:data2\" content=\"3 minutes\" \/>\n<script type=\"application\/ld+json\" class=\"yoast-schema-graph\">{\"@context\":\"https:\/\/schema.org\",\"@graph\":[{\"@type\":\"Article\",\"@id\":\"https:\/\/lemandat.org\/kir\/blog\/2023\/11\/19\/red-tabara-intwazangabo-zibiri-zishwe-zihorwa-guhemuka-no-gucudika-numwansi\/#article\",\"isPartOf\":{\"@id\":\"https:\/\/lemandat.org\/kir\/blog\/2023\/11\/19\/red-tabara-intwazangabo-zibiri-zishwe-zihorwa-guhemuka-no-gucudika-numwansi\/\"},\"author\":{\"name\":\"Le Mandat\",\"@id\":\"https:\/\/lemandat.org\/kir\/#\/schema\/person\/659544ce17a9677696060118fc31814e\"},\"headline\":\"RED-Tabara : Intwazangabo zibiri zishwe zihorwa guhemuka no gucudika n&#8217;umwansi.\",\"datePublished\":\"2023-11-19T12:57:08+00:00\",\"dateModified\":\"2023-11-19T13:08:08+00:00\",\"mainEntityOfPage\":{\"@id\":\"https:\/\/lemandat.org\/kir\/blog\/2023\/11\/19\/red-tabara-intwazangabo-zibiri-zishwe-zihorwa-guhemuka-no-gucudika-numwansi\/\"},\"wordCount\":735,\"commentCount\":0,\"image\":{\"@id\":\"https:\/\/lemandat.org\/kir\/blog\/2023\/11\/19\/red-tabara-intwazangabo-zibiri-zishwe-zihorwa-guhemuka-no-gucudika-numwansi\/#primaryimage\"},\"thumbnailUrl\":\"https:\/\/lemandat.org\/kir\/wp-content\/uploads\/2023\/11\/RED-Tabara-logo.jpg\",\"keywords\":[\"Burundi\"],\"articleSection\":[\"AMATOHOZA\",\"UMUTEKANO\"],\"inLanguage\":\"en-GB\",\"potentialAction\":[{\"@type\":\"CommentAction\",\"name\":\"Comment\",\"target\":[\"https:\/\/lemandat.org\/kir\/blog\/2023\/11\/19\/red-tabara-intwazangabo-zibiri-zishwe-zihorwa-guhemuka-no-gucudika-numwansi\/#respond\"]}]},{\"@type\":\"WebPage\",\"@id\":\"https:\/\/lemandat.org\/kir\/blog\/2023\/11\/19\/red-tabara-intwazangabo-zibiri-zishwe-zihorwa-guhemuka-no-gucudika-numwansi\/\",\"url\":\"https:\/\/lemandat.org\/kir\/blog\/2023\/11\/19\/red-tabara-intwazangabo-zibiri-zishwe-zihorwa-guhemuka-no-gucudika-numwansi\/\",\"name\":\"RED-Tabara : Intwazangabo zibiri zishwe zihorwa guhemuka no gucudika n'umwansi. -\",\"isPartOf\":{\"@id\":\"https:\/\/lemandat.org\/kir\/#website\"},\"primaryImageOfPage\":{\"@id\":\"https:\/\/lemandat.org\/kir\/blog\/2023\/11\/19\/red-tabara-intwazangabo-zibiri-zishwe-zihorwa-guhemuka-no-gucudika-numwansi\/#primaryimage\"},\"image\":{\"@id\":\"https:\/\/lemandat.org\/kir\/blog\/2023\/11\/19\/red-tabara-intwazangabo-zibiri-zishwe-zihorwa-guhemuka-no-gucudika-numwansi\/#primaryimage\"},\"thumbnailUrl\":\"https:\/\/lemandat.org\/kir\/wp-content\/uploads\/2023\/11\/RED-Tabara-logo.jpg\",\"datePublished\":\"2023-11-19T12:57:08+00:00\",\"dateModified\":\"2023-11-19T13:08:08+00:00\",\"author\":{\"@id\":\"https:\/\/lemandat.org\/kir\/#\/schema\/person\/659544ce17a9677696060118fc31814e\"},\"breadcrumb\":{\"@id\":\"https:\/\/lemandat.org\/kir\/blog\/2023\/11\/19\/red-tabara-intwazangabo-zibiri-zishwe-zihorwa-guhemuka-no-gucudika-numwansi\/#breadcrumb\"},\"inLanguage\":\"en-GB\",\"potentialAction\":[{\"@type\":\"ReadAction\",\"target\":[\"https:\/\/lemandat.org\/kir\/blog\/2023\/11\/19\/red-tabara-intwazangabo-zibiri-zishwe-zihorwa-guhemuka-no-gucudika-numwansi\/\"]}]},{\"@type\":\"ImageObject\",\"inLanguage\":\"en-GB\",\"@id\":\"https:\/\/lemandat.org\/kir\/blog\/2023\/11\/19\/red-tabara-intwazangabo-zibiri-zishwe-zihorwa-guhemuka-no-gucudika-numwansi\/#primaryimage\",\"url\":\"https:\/\/lemandat.org\/kir\/wp-content\/uploads\/2023\/11\/RED-Tabara-logo.jpg\",\"contentUrl\":\"https:\/\/lemandat.org\/kir\/wp-content\/uploads\/2023\/11\/RED-Tabara-logo.jpg\",\"width\":400,\"height\":400},{\"@type\":\"BreadcrumbList\",\"@id\":\"https:\/\/lemandat.org\/kir\/blog\/2023\/11\/19\/red-tabara-intwazangabo-zibiri-zishwe-zihorwa-guhemuka-no-gucudika-numwansi\/#breadcrumb\",\"itemListElement\":[{\"@type\":\"ListItem\",\"position\":1,\"name\":\"Home\",\"item\":\"https:\/\/lemandat.org\/kir\/\"},{\"@type\":\"ListItem\",\"position\":2,\"name\":\"RED-Tabara : Intwazangabo zibiri zishwe zihorwa guhemuka no gucudika n&#8217;umwansi.\"}]},{\"@type\":\"WebSite\",\"@id\":\"https:\/\/lemandat.org\/kir\/#website\",\"url\":\"https:\/\/lemandat.org\/kir\/\",\"name\":\"\",\"description\":\"\",\"potentialAction\":[{\"@type\":\"SearchAction\",\"target\":{\"@type\":\"EntryPoint\",\"urlTemplate\":\"https:\/\/lemandat.org\/kir\/?s={search_term_string}\"},\"query-input\":{\"@type\":\"PropertyValueSpecification\",\"valueRequired\":true,\"valueName\":\"search_term_string\"}}],\"inLanguage\":\"en-GB\"},{\"@type\":\"Person\",\"@id\":\"https:\/\/lemandat.org\/kir\/#\/schema\/person\/659544ce17a9677696060118fc31814e\",\"name\":\"Le Mandat\",\"image\":{\"@type\":\"ImageObject\",\"inLanguage\":\"en-GB\",\"@id\":\"https:\/\/lemandat.org\/kir\/#\/schema\/person\/image\/\",\"url\":\"https:\/\/secure.gravatar.com\/avatar\/ea4182f5ca1cedc86d61e61a9320c52dd67255ac8cdb53f245ec8233a747161b?s=96&d=mm&r=g\",\"contentUrl\":\"https:\/\/secure.gravatar.com\/avatar\/ea4182f5ca1cedc86d61e61a9320c52dd67255ac8cdb53f245ec8233a747161b?s=96&d=mm&r=g\",\"caption\":\"Le Mandat\"},\"sameAs\":[\"https:\/\/lemandat.org\/kir\"],\"url\":\"https:\/\/lemandat.org\/kir\/blog\/author\/kiradmin\/\"}]}<\/script>\n<!-- \/ Yoast SEO plugin. -->","yoast_head_json":{"title":"RED-Tabara : Intwazangabo zibiri zishwe zihorwa guhemuka no gucudika n'umwansi. -","robots":{"index":"index","follow":"follow","max-snippet":"max-snippet:-1","max-image-preview":"max-image-preview:large","max-video-preview":"max-video-preview:-1"},"canonical":"https:\/\/lemandat.org\/kir\/blog\/2023\/11\/19\/red-tabara-intwazangabo-zibiri-zishwe-zihorwa-guhemuka-no-gucudika-numwansi\/","og_locale":"en_GB","og_type":"article","og_title":"RED-Tabara : Intwazangabo zibiri zishwe zihorwa guhemuka no gucudika n'umwansi. -","og_description":"Umwe mu bishwe ni Komiseri yari ajejwe ibijanye n&#8217;ibikorwa vya gisirikare hamwe n&#8217;inyigisho za gisirikare mu muhari RED-Tabara. Bamwita C3 muri uwo mugwi witwaje ibirwanisho. Uwa kabiri yishwe bamwita C4. Yari Komiseri ajejwe ububiko, uburaro, ukwunguruza hamwe n&#8217;ukugaburira abarwanyi. Izo ntwazangabo zibiri z&#8217;uwo mugwi ufise ibirindiro muri Repuburika ya Demokarasi ya Kongo zariko zirategura kujabukana [&hellip;]","og_url":"https:\/\/lemandat.org\/kir\/blog\/2023\/11\/19\/red-tabara-intwazangabo-zibiri-zishwe-zihorwa-guhemuka-no-gucudika-numwansi\/","article_published_time":"2023-11-19T12:57:08+00:00","article_modified_time":"2023-11-19T13:08:08+00:00","og_image":[{"width":400,"height":400,"url":"https:\/\/lemandat.org\/kir\/wp-content\/uploads\/2023\/11\/RED-Tabara-logo.jpg","type":"image\/jpeg"}],"author":"Le Mandat","twitter_card":"summary_large_image","twitter_misc":{"Written by":"Le Mandat","Estimated reading time":"3 minutes"},"schema":{"@context":"https:\/\/schema.org","@graph":[{"@type":"Article","@id":"https:\/\/lemandat.org\/kir\/blog\/2023\/11\/19\/red-tabara-intwazangabo-zibiri-zishwe-zihorwa-guhemuka-no-gucudika-numwansi\/#article","isPartOf":{"@id":"https:\/\/lemandat.org\/kir\/blog\/2023\/11\/19\/red-tabara-intwazangabo-zibiri-zishwe-zihorwa-guhemuka-no-gucudika-numwansi\/"},"author":{"name":"Le Mandat","@id":"https:\/\/lemandat.org\/kir\/#\/schema\/person\/659544ce17a9677696060118fc31814e"},"headline":"RED-Tabara : Intwazangabo zibiri zishwe zihorwa guhemuka no gucudika n&#8217;umwansi.","datePublished":"2023-11-19T12:57:08+00:00","dateModified":"2023-11-19T13:08:08+00:00","mainEntityOfPage":{"@id":"https:\/\/lemandat.org\/kir\/blog\/2023\/11\/19\/red-tabara-intwazangabo-zibiri-zishwe-zihorwa-guhemuka-no-gucudika-numwansi\/"},"wordCount":735,"commentCount":0,"image":{"@id":"https:\/\/lemandat.org\/kir\/blog\/2023\/11\/19\/red-tabara-intwazangabo-zibiri-zishwe-zihorwa-guhemuka-no-gucudika-numwansi\/#primaryimage"},"thumbnailUrl":"https:\/\/lemandat.org\/kir\/wp-content\/uploads\/2023\/11\/RED-Tabara-logo.jpg","keywords":["Burundi"],"articleSection":["AMATOHOZA","UMUTEKANO"],"inLanguage":"en-GB","potentialAction":[{"@type":"CommentAction","name":"Comment","target":["https:\/\/lemandat.org\/kir\/blog\/2023\/11\/19\/red-tabara-intwazangabo-zibiri-zishwe-zihorwa-guhemuka-no-gucudika-numwansi\/#respond"]}]},{"@type":"WebPage","@id":"https:\/\/lemandat.org\/kir\/blog\/2023\/11\/19\/red-tabara-intwazangabo-zibiri-zishwe-zihorwa-guhemuka-no-gucudika-numwansi\/","url":"https:\/\/lemandat.org\/kir\/blog\/2023\/11\/19\/red-tabara-intwazangabo-zibiri-zishwe-zihorwa-guhemuka-no-gucudika-numwansi\/","name":"RED-Tabara : Intwazangabo zibiri zishwe zihorwa guhemuka no gucudika n'umwansi. -","isPartOf":{"@id":"https:\/\/lemandat.org\/kir\/#website"},"primaryImageOfPage":{"@id":"https:\/\/lemandat.org\/kir\/blog\/2023\/11\/19\/red-tabara-intwazangabo-zibiri-zishwe-zihorwa-guhemuka-no-gucudika-numwansi\/#primaryimage"},"image":{"@id":"https:\/\/lemandat.org\/kir\/blog\/2023\/11\/19\/red-tabara-intwazangabo-zibiri-zishwe-zihorwa-guhemuka-no-gucudika-numwansi\/#primaryimage"},"thumbnailUrl":"https:\/\/lemandat.org\/kir\/wp-content\/uploads\/2023\/11\/RED-Tabara-logo.jpg","datePublished":"2023-11-19T12:57:08+00:00","dateModified":"2023-11-19T13:08:08+00:00","author":{"@id":"https:\/\/lemandat.org\/kir\/#\/schema\/person\/659544ce17a9677696060118fc31814e"},"breadcrumb":{"@id":"https:\/\/lemandat.org\/kir\/blog\/2023\/11\/19\/red-tabara-intwazangabo-zibiri-zishwe-zihorwa-guhemuka-no-gucudika-numwansi\/#breadcrumb"},"inLanguage":"en-GB","potentialAction":[{"@type":"ReadAction","target":["https:\/\/lemandat.org\/kir\/blog\/2023\/11\/19\/red-tabara-intwazangabo-zibiri-zishwe-zihorwa-guhemuka-no-gucudika-numwansi\/"]}]},{"@type":"ImageObject","inLanguage":"en-GB","@id":"https:\/\/lemandat.org\/kir\/blog\/2023\/11\/19\/red-tabara-intwazangabo-zibiri-zishwe-zihorwa-guhemuka-no-gucudika-numwansi\/#primaryimage","url":"https:\/\/lemandat.org\/kir\/wp-content\/uploads\/2023\/11\/RED-Tabara-logo.jpg","contentUrl":"https:\/\/lemandat.org\/kir\/wp-content\/uploads\/2023\/11\/RED-Tabara-logo.jpg","width":400,"height":400},{"@type":"BreadcrumbList","@id":"https:\/\/lemandat.org\/kir\/blog\/2023\/11\/19\/red-tabara-intwazangabo-zibiri-zishwe-zihorwa-guhemuka-no-gucudika-numwansi\/#breadcrumb","itemListElement":[{"@type":"ListItem","position":1,"name":"Home","item":"https:\/\/lemandat.org\/kir\/"},{"@type":"ListItem","position":2,"name":"RED-Tabara : Intwazangabo zibiri zishwe zihorwa guhemuka no gucudika n&#8217;umwansi."}]},{"@type":"WebSite","@id":"https:\/\/lemandat.org\/kir\/#website","url":"https:\/\/lemandat.org\/kir\/","name":"","description":"","potentialAction":[{"@type":"SearchAction","target":{"@type":"EntryPoint","urlTemplate":"https:\/\/lemandat.org\/kir\/?s={search_term_string}"},"query-input":{"@type":"PropertyValueSpecification","valueRequired":true,"valueName":"search_term_string"}}],"inLanguage":"en-GB"},{"@type":"Person","@id":"https:\/\/lemandat.org\/kir\/#\/schema\/person\/659544ce17a9677696060118fc31814e","name":"Le Mandat","image":{"@type":"ImageObject","inLanguage":"en-GB","@id":"https:\/\/lemandat.org\/kir\/#\/schema\/person\/image\/","url":"https:\/\/secure.gravatar.com\/avatar\/ea4182f5ca1cedc86d61e61a9320c52dd67255ac8cdb53f245ec8233a747161b?s=96&d=mm&r=g","contentUrl":"https:\/\/secure.gravatar.com\/avatar\/ea4182f5ca1cedc86d61e61a9320c52dd67255ac8cdb53f245ec8233a747161b?s=96&d=mm&r=g","caption":"Le Mandat"},"sameAs":["https:\/\/lemandat.org\/kir"],"url":"https:\/\/lemandat.org\/kir\/blog\/author\/kiradmin\/"}]}},"_links":{"self":[{"href":"https:\/\/lemandat.org\/kir\/wp-json\/wp\/v2\/posts\/501","targetHints":{"allow":["GET"]}}],"collection":[{"href":"https:\/\/lemandat.org\/kir\/wp-json\/wp\/v2\/posts"}],"about":[{"href":"https:\/\/lemandat.org\/kir\/wp-json\/wp\/v2\/types\/post"}],"author":[{"embeddable":true,"href":"https:\/\/lemandat.org\/kir\/wp-json\/wp\/v2\/users\/1"}],"replies":[{"embeddable":true,"href":"https:\/\/lemandat.org\/kir\/wp-json\/wp\/v2\/comments?post=501"}],"version-history":[{"count":4,"href":"https:\/\/lemandat.org\/kir\/wp-json\/wp\/v2\/posts\/501\/revisions"}],"predecessor-version":[{"id":506,"href":"https:\/\/lemandat.org\/kir\/wp-json\/wp\/v2\/posts\/501\/revisions\/506"}],"wp:featuredmedia":[{"embeddable":true,"href":"https:\/\/lemandat.org\/kir\/wp-json\/wp\/v2\/media\/504"}],"wp:attachment":[{"href":"https:\/\/lemandat.org\/kir\/wp-json\/wp\/v2\/media?parent=501"}],"wp:term":[{"taxonomy":"category","embeddable":true,"href":"https:\/\/lemandat.org\/kir\/wp-json\/wp\/v2\/categories?post=501"},{"taxonomy":"post_tag","embeddable":true,"href":"https:\/\/lemandat.org\/kir\/wp-json\/wp\/v2\/tags?post=501"}],"curies":[{"name":"wp","href":"https:\/\/api.w.org\/{rel}","templated":true}]}}