{"id":451,"date":"2023-06-07T13:49:48","date_gmt":"2023-06-07T12:49:48","guid":{"rendered":"https:\/\/lemandat.org\/kir\/?p=451"},"modified":"2023-06-07T14:58:07","modified_gmt":"2023-06-07T13:58:07","slug":"burundi-ubwo-amasezerano-hagati-ya-ndayishimiye-na-bunyoni-hari-ico-azovamwo","status":"publish","type":"post","link":"https:\/\/lemandat.org\/kir\/blog\/2023\/06\/07\/burundi-ubwo-amasezerano-hagati-ya-ndayishimiye-na-bunyoni-hari-ico-azovamwo\/","title":{"rendered":"Burundi : Ubwo &#8220;amasezerano&#8221; hagati ya Ndayishimiye na Bunyoni hari ico azovamwo ?"},"content":{"rendered":"<p><strong>Umukuru w\u2019igihugu c\u2019Uburundi Evariste Ndayishimiye yasavye umupfungwa Alain Guillaume Bunyoni kwemera ivyo yagirizwa, agasaba ikigongwe, kugira ngo arekurwe. Jenerari Alain Guillaume Bunyoni aguma anana gushika ubu. Ariko, abakurikiranira hafi iyo dosiye babona ko uwo mupfungwa ariko arahendwa na burya ari we yahisemwo kuguma mu gihugu kandi yari yaronse ingene ahungira muri Kongo. (Le Mandat)<\/strong><\/p>\n<p>Igihe imiduga yari imuherekeje igana muri Repuburika ya Demokarasi ya Kongo <a href=\"https:\/\/lemandat.org\/kir\/blog\/2023\/04\/23\/ifatwa-rya-jenerari-bunyoni-imiduga-yari-imujanye-muri-kongo-yagarukiye-mu-nzira\/\" target=\"_blank\" rel=\"noopener\">yasubira inyuma mw\u2019ijoro ry\u2019igenenekerezo rya 20 rishira irya 21 Ndamukiza<\/a>, basigaje iminota mike ngo bashike ku rubibe, Jenerari Alain Guillaume Bunyoni niwe ubwiwe yatanze itegeko ryo guheba kuja muri ico gihugu. Amasoko y\u2019itororokanirizo ry\u2019amakuru Le Mandat avuga ko iyo ngingo ya Jenerari Alain Guillaume Bunyoni yababaje <a href=\"https:\/\/lemandat.org\/kir\/blog\/2023\/04\/22\/inyinyurana-hagati-ya-ndayishimiye-na-bunyoni-imisi-itatu-yo-kwisuganya-kwa-jenerari-silas-ntigurirwa\/\" target=\"_blank\" rel=\"noopener\">umugwi w\u2019abafise ipete rya Jenerari, na cane cane Jenerari Silas Ntigurirwa,<\/a><a href=\"https:\/\/lemandat.org\/kir\/blog\/2023\/04\/22\/inyinyurana-hagati-ya-ndayishimiye-na-bunyoni-imisi-itatu-yo-kwisuganya-kwa-jenerari-silas-ntigurirwa\/\" target=\"_blank\" rel=\"noopener\"> bari bafashije guhuza izo mpande zibiri<\/a> kuva imigenderanire hagati yiwe n\u2019umukuru w\u2019igihugu itanguye gutosekara cane.<\/p>\n<p><strong><em>Inkuru bijanye<\/em>\u00a0<a href=\"https:\/\/lemandat.org\/kir\/blog\/2023\/05\/06\/burundi-ingene-jenerari-bunyoni-yafashwe\/\" target=\"_blank\" rel=\"noopener\">Burundi : Ingene Jenerari Bunyoni &#8220;yafashwe&#8221;.<\/a><\/strong><\/p>\n<p>Muri iki gihe Jenerari Alain Guillaume Bunyoni ari mw\u2019ibohero rikuru rya Ngozi, umukuru w\u2019igihugu Evariste Ndayishimiye yaratumye intumwa zimubwira ko yokwandika ikete ryo kwemera ivyo yagirizwa, akanasaba ikigongwe kugira ngo arekurwe. Bimwe mu vyo yagirizwa bikaba ari uguhungabanya umutekano w\u2019igihugu kuko Evariste Ndayishimiye amwagiriza kugerageza kumutembagaza, uguhungabanya ubutunzi bw\u2019igihugu, gutunga ibirwanisho arenze amategeko hamwe n\u2019ugutyoza umukuru w\u2019igihugu. Ku bw\u2019amasoko yacu, uko uwo mukenyuro utunganijwe ni uko, Alain Guillaume Bunyoni amaze kwandika iryo kete bakarishikiriza umukuru w\u2019igihugu, boca basigura ko uwo mupfungwa agwaye, akajanwa kwa muganga akamarayo imisi, mu nyuma, ubutungane bugaca bufata ingingo y\u2019uko arekurwa ivy\u2019imfatakibanza. Ico gihe, ubutungane ngo bwoca bufata ingingo y\u2019uko yoza aritaba ataha igihe cose bumukenereye. Amasoko yacu yatubwiye ko Jenerari Alain Guillaume Bunyoni yavyanse.<\/p>\n<p><strong>Ntaco vyari kuvamwo\u00a0?<\/strong><\/p>\n<p>Bamwe mu bakurikiranira hafi poritike y\u2019Uburundi babona ko n\u2019aho Alain Guillaume Bunyoni yokwemera kwandika iryo kete ryo gusaba ikigongwe ataco rizomufasha, ahubwo ko rizoca rija mu vyemeza ko <a href=\"https:\/\/lemandat.org\/kir\/blog\/2023\/01\/22\/burundi-ni-nde-azokurikirana-umukuru-wigihugu-ndayishimiye-ahemukiye-igihugu\/\" target=\"_blank\" rel=\"noopener\">umukuru w&#8217;igihugu Evariste Ndayishimiye<\/a> atarira busema. Ku bw\u2019abo basesanguzi, Jenerari Alain Guillaume Bunyoni ntashobora kuva mu mvuto imbere y\u2019uko <a href=\"https:\/\/lemandat.org\/kir\/blog\/2022\/07\/30\/burundi-ishingwa-ryimbibe-nshasha-zintara-rinyegeje-inyungu-zo-mu-matora\/\" target=\"_blank\" rel=\"noopener\">amatora yo mu 2027<\/a> arangira kiretse habaye ikintu kidasanzwe.<\/p>\n<p><strong><em>Soma n&#8217;iyi<\/em>\u00a0<a href=\"https:\/\/lemandat.org\/kir\/blog\/2022\/07\/30\/burundi-ishingwa-ryimbibe-nshasha-zintara-rinyegeje-inyungu-zo-mu-matora\/\" target=\"_blank\" rel=\"noopener\">Burundi : Ishingwa ry&#8217;imbibe nshasha z&#8217;intara rinyegeje inyungu zo mu matora ?<\/a><\/strong><\/p>\n<p>Umukenyuro w\u2019ikete ryo gusaba ikigongwe nk\u2019iryo Jenerari Alain Guillaume Bunyoni ariko arasabwa kwandika uramaze gukoreshwa ku bagirizwa kugerageza guhirika ubutegetsi mu 2015. Biciye ku bahuza, harimwo abari barongoye amadini bamwe bamwe, izo ntwazangabo mu gisirikare no mu giporisi barandikiye umukuru w\u2019igihugu Evariste Ndayishimiye <a href=\"https:\/\/lemandat.org\/2021\/06\/le-deces-du-general-cyrille-deverouillera-t-il-la-liberation-des-putschistes\/\" target=\"_blank\" rel=\"noopener\">ikete ryo gusaba ikigongwe<\/a> haraheze imyaka irenga ibiri. Ico gihe bizezwa ko bashobora guca barekurwa ariko gushika ubu baracari mw\u2019ibohero rikuru ry\u2019i Gitega.<\/p>\n<p>Cl\u00e9ment Nkurunziza, yagirijwe kwica abanyeshure bo mu bwoko bw\u2019abahutu mu 1995 muri kaminuza y\u2019Uburundi, nawe nyene yoba yarandikiye umukuru w\u2019igihugu ikete ryo gusaba ikigongwe. Gushika ubu aracari mu mvuto kuva afatwa ku wa 22 Ntwarante mu 2018. Amakuru itororokanirizo ry\u2019amakuru Le Mandat ryaronse ni uko iryo kete rya Cl\u00e9ment Nkurunziza, umukuru w\u2019igihugu Evariste Ndayishimiye yoba yaciye ariha <a href=\"https:\/\/www.youtube.com\/watch?v=SxACgmG8swU\" target=\"_blank\" rel=\"noopener\">umugwi w&#8217;ukuri n&#8217;ukunywanisha CVR<\/a>\u00a0urishira mu bindi &#8220;vyemezo&#8221;.<\/p>\n","protected":false},"excerpt":{"rendered":"<p>Umukuru w\u2019igihugu c\u2019Uburundi Evariste Ndayishimiye yasavye umupfungwa Alain Guillaume Bunyoni kwemera ivyo yagirizwa, agasaba ikigongwe, kugira ngo arekurwe. Jenerari Alain Guillaume Bunyoni aguma anana gushika ubu. Ariko, abakurikiranira hafi iyo dosiye babona ko uwo mupfungwa ariko arahendwa na burya ari we yahisemwo kuguma mu gihugu kandi yari yaronse ingene ahungira muri Kongo. (Le Mandat) Igihe [&hellip;]<\/p>\n","protected":false},"author":1,"featured_media":453,"comment_status":"open","ping_status":"open","sticky":false,"template":"","format":"standard","meta":{"footnotes":""},"categories":[16],"tags":[27],"class_list":["post-451","post","type-post","status-publish","format-standard","has-post-thumbnail","hentry","category-imyihwezo","tag-burundi"],"yoast_head":"<!-- This site is optimized with the Yoast SEO plugin v26.9 - https:\/\/yoast.com\/product\/yoast-seo-wordpress\/ -->\n<title>Burundi : Ubwo &quot;amasezerano&quot; hagati ya Ndayishimiye na Bunyoni hari ico azovamwo ? -<\/title>\n<meta name=\"robots\" content=\"index, follow, max-snippet:-1, max-image-preview:large, max-video-preview:-1\" \/>\n<link rel=\"canonical\" href=\"https:\/\/lemandat.org\/kir\/blog\/2023\/06\/07\/burundi-ubwo-amasezerano-hagati-ya-ndayishimiye-na-bunyoni-hari-ico-azovamwo\/\" \/>\n<meta property=\"og:locale\" content=\"en_GB\" \/>\n<meta property=\"og:type\" content=\"article\" \/>\n<meta property=\"og:title\" content=\"Burundi : Ubwo &quot;amasezerano&quot; hagati ya Ndayishimiye na Bunyoni hari ico azovamwo ? -\" \/>\n<meta property=\"og:description\" content=\"Umukuru w\u2019igihugu c\u2019Uburundi Evariste Ndayishimiye yasavye umupfungwa Alain Guillaume Bunyoni kwemera ivyo yagirizwa, agasaba ikigongwe, kugira ngo arekurwe. Jenerari Alain Guillaume Bunyoni aguma anana gushika ubu. Ariko, abakurikiranira hafi iyo dosiye babona ko uwo mupfungwa ariko arahendwa na burya ari we yahisemwo kuguma mu gihugu kandi yari yaronse ingene ahungira muri Kongo. (Le Mandat) Igihe [&hellip;]\" \/>\n<meta property=\"og:url\" content=\"https:\/\/lemandat.org\/kir\/blog\/2023\/06\/07\/burundi-ubwo-amasezerano-hagati-ya-ndayishimiye-na-bunyoni-hari-ico-azovamwo\/\" \/>\n<meta property=\"article:published_time\" content=\"2023-06-07T12:49:48+00:00\" \/>\n<meta property=\"article:modified_time\" content=\"2023-06-07T13:58:07+00:00\" \/>\n<meta property=\"og:image\" content=\"https:\/\/lemandat.org\/kir\/wp-content\/uploads\/2023\/06\/NDAYISHIMIYE-BUNYONI-PHOTO-ARTICLE.jpg\" \/>\n\t<meta property=\"og:image:width\" content=\"642\" \/>\n\t<meta property=\"og:image:height\" content=\"430\" \/>\n\t<meta property=\"og:image:type\" content=\"image\/jpeg\" \/>\n<meta name=\"author\" content=\"Le Mandat\" \/>\n<meta name=\"twitter:card\" content=\"summary_large_image\" \/>\n<meta name=\"twitter:label1\" content=\"Written by\" \/>\n\t<meta name=\"twitter:data1\" content=\"Le Mandat\" \/>\n\t<meta name=\"twitter:label2\" content=\"Estimated reading time\" \/>\n\t<meta name=\"twitter:data2\" content=\"3 minutes\" \/>\n<script type=\"application\/ld+json\" class=\"yoast-schema-graph\">{\"@context\":\"https:\/\/schema.org\",\"@graph\":[{\"@type\":\"Article\",\"@id\":\"https:\/\/lemandat.org\/kir\/blog\/2023\/06\/07\/burundi-ubwo-amasezerano-hagati-ya-ndayishimiye-na-bunyoni-hari-ico-azovamwo\/#article\",\"isPartOf\":{\"@id\":\"https:\/\/lemandat.org\/kir\/blog\/2023\/06\/07\/burundi-ubwo-amasezerano-hagati-ya-ndayishimiye-na-bunyoni-hari-ico-azovamwo\/\"},\"author\":{\"name\":\"Le Mandat\",\"@id\":\"https:\/\/lemandat.org\/kir\/#\/schema\/person\/659544ce17a9677696060118fc31814e\"},\"headline\":\"Burundi : Ubwo &#8220;amasezerano&#8221; hagati ya Ndayishimiye na Bunyoni hari ico azovamwo ?\",\"datePublished\":\"2023-06-07T12:49:48+00:00\",\"dateModified\":\"2023-06-07T13:58:07+00:00\",\"mainEntityOfPage\":{\"@id\":\"https:\/\/lemandat.org\/kir\/blog\/2023\/06\/07\/burundi-ubwo-amasezerano-hagati-ya-ndayishimiye-na-bunyoni-hari-ico-azovamwo\/\"},\"wordCount\":511,\"commentCount\":2,\"image\":{\"@id\":\"https:\/\/lemandat.org\/kir\/blog\/2023\/06\/07\/burundi-ubwo-amasezerano-hagati-ya-ndayishimiye-na-bunyoni-hari-ico-azovamwo\/#primaryimage\"},\"thumbnailUrl\":\"https:\/\/lemandat.org\/kir\/wp-content\/uploads\/2023\/06\/NDAYISHIMIYE-BUNYONI-PHOTO-ARTICLE.jpg\",\"keywords\":[\"Burundi\"],\"articleSection\":[\"IMYIHWEZO\"],\"inLanguage\":\"en-GB\",\"potentialAction\":[{\"@type\":\"CommentAction\",\"name\":\"Comment\",\"target\":[\"https:\/\/lemandat.org\/kir\/blog\/2023\/06\/07\/burundi-ubwo-amasezerano-hagati-ya-ndayishimiye-na-bunyoni-hari-ico-azovamwo\/#respond\"]}]},{\"@type\":\"WebPage\",\"@id\":\"https:\/\/lemandat.org\/kir\/blog\/2023\/06\/07\/burundi-ubwo-amasezerano-hagati-ya-ndayishimiye-na-bunyoni-hari-ico-azovamwo\/\",\"url\":\"https:\/\/lemandat.org\/kir\/blog\/2023\/06\/07\/burundi-ubwo-amasezerano-hagati-ya-ndayishimiye-na-bunyoni-hari-ico-azovamwo\/\",\"name\":\"Burundi : Ubwo \\\"amasezerano\\\" hagati ya Ndayishimiye na Bunyoni hari ico azovamwo ? -\",\"isPartOf\":{\"@id\":\"https:\/\/lemandat.org\/kir\/#website\"},\"primaryImageOfPage\":{\"@id\":\"https:\/\/lemandat.org\/kir\/blog\/2023\/06\/07\/burundi-ubwo-amasezerano-hagati-ya-ndayishimiye-na-bunyoni-hari-ico-azovamwo\/#primaryimage\"},\"image\":{\"@id\":\"https:\/\/lemandat.org\/kir\/blog\/2023\/06\/07\/burundi-ubwo-amasezerano-hagati-ya-ndayishimiye-na-bunyoni-hari-ico-azovamwo\/#primaryimage\"},\"thumbnailUrl\":\"https:\/\/lemandat.org\/kir\/wp-content\/uploads\/2023\/06\/NDAYISHIMIYE-BUNYONI-PHOTO-ARTICLE.jpg\",\"datePublished\":\"2023-06-07T12:49:48+00:00\",\"dateModified\":\"2023-06-07T13:58:07+00:00\",\"author\":{\"@id\":\"https:\/\/lemandat.org\/kir\/#\/schema\/person\/659544ce17a9677696060118fc31814e\"},\"breadcrumb\":{\"@id\":\"https:\/\/lemandat.org\/kir\/blog\/2023\/06\/07\/burundi-ubwo-amasezerano-hagati-ya-ndayishimiye-na-bunyoni-hari-ico-azovamwo\/#breadcrumb\"},\"inLanguage\":\"en-GB\",\"potentialAction\":[{\"@type\":\"ReadAction\",\"target\":[\"https:\/\/lemandat.org\/kir\/blog\/2023\/06\/07\/burundi-ubwo-amasezerano-hagati-ya-ndayishimiye-na-bunyoni-hari-ico-azovamwo\/\"]}]},{\"@type\":\"ImageObject\",\"inLanguage\":\"en-GB\",\"@id\":\"https:\/\/lemandat.org\/kir\/blog\/2023\/06\/07\/burundi-ubwo-amasezerano-hagati-ya-ndayishimiye-na-bunyoni-hari-ico-azovamwo\/#primaryimage\",\"url\":\"https:\/\/lemandat.org\/kir\/wp-content\/uploads\/2023\/06\/NDAYISHIMIYE-BUNYONI-PHOTO-ARTICLE.jpg\",\"contentUrl\":\"https:\/\/lemandat.org\/kir\/wp-content\/uploads\/2023\/06\/NDAYISHIMIYE-BUNYONI-PHOTO-ARTICLE.jpg\",\"width\":642,\"height\":430},{\"@type\":\"BreadcrumbList\",\"@id\":\"https:\/\/lemandat.org\/kir\/blog\/2023\/06\/07\/burundi-ubwo-amasezerano-hagati-ya-ndayishimiye-na-bunyoni-hari-ico-azovamwo\/#breadcrumb\",\"itemListElement\":[{\"@type\":\"ListItem\",\"position\":1,\"name\":\"Home\",\"item\":\"https:\/\/lemandat.org\/kir\/\"},{\"@type\":\"ListItem\",\"position\":2,\"name\":\"Burundi : Ubwo &#8220;amasezerano&#8221; hagati ya Ndayishimiye na Bunyoni hari ico azovamwo ?\"}]},{\"@type\":\"WebSite\",\"@id\":\"https:\/\/lemandat.org\/kir\/#website\",\"url\":\"https:\/\/lemandat.org\/kir\/\",\"name\":\"\",\"description\":\"\",\"potentialAction\":[{\"@type\":\"SearchAction\",\"target\":{\"@type\":\"EntryPoint\",\"urlTemplate\":\"https:\/\/lemandat.org\/kir\/?s={search_term_string}\"},\"query-input\":{\"@type\":\"PropertyValueSpecification\",\"valueRequired\":true,\"valueName\":\"search_term_string\"}}],\"inLanguage\":\"en-GB\"},{\"@type\":\"Person\",\"@id\":\"https:\/\/lemandat.org\/kir\/#\/schema\/person\/659544ce17a9677696060118fc31814e\",\"name\":\"Le Mandat\",\"image\":{\"@type\":\"ImageObject\",\"inLanguage\":\"en-GB\",\"@id\":\"https:\/\/lemandat.org\/kir\/#\/schema\/person\/image\/\",\"url\":\"https:\/\/secure.gravatar.com\/avatar\/ea4182f5ca1cedc86d61e61a9320c52dd67255ac8cdb53f245ec8233a747161b?s=96&d=mm&r=g\",\"contentUrl\":\"https:\/\/secure.gravatar.com\/avatar\/ea4182f5ca1cedc86d61e61a9320c52dd67255ac8cdb53f245ec8233a747161b?s=96&d=mm&r=g\",\"caption\":\"Le Mandat\"},\"sameAs\":[\"https:\/\/lemandat.org\/kir\"],\"url\":\"https:\/\/lemandat.org\/kir\/blog\/author\/kiradmin\/\"}]}<\/script>\n<!-- \/ Yoast SEO plugin. -->","yoast_head_json":{"title":"Burundi : Ubwo \"amasezerano\" hagati ya Ndayishimiye na Bunyoni hari ico azovamwo ? -","robots":{"index":"index","follow":"follow","max-snippet":"max-snippet:-1","max-image-preview":"max-image-preview:large","max-video-preview":"max-video-preview:-1"},"canonical":"https:\/\/lemandat.org\/kir\/blog\/2023\/06\/07\/burundi-ubwo-amasezerano-hagati-ya-ndayishimiye-na-bunyoni-hari-ico-azovamwo\/","og_locale":"en_GB","og_type":"article","og_title":"Burundi : Ubwo \"amasezerano\" hagati ya Ndayishimiye na Bunyoni hari ico azovamwo ? -","og_description":"Umukuru w\u2019igihugu c\u2019Uburundi Evariste Ndayishimiye yasavye umupfungwa Alain Guillaume Bunyoni kwemera ivyo yagirizwa, agasaba ikigongwe, kugira ngo arekurwe. Jenerari Alain Guillaume Bunyoni aguma anana gushika ubu. Ariko, abakurikiranira hafi iyo dosiye babona ko uwo mupfungwa ariko arahendwa na burya ari we yahisemwo kuguma mu gihugu kandi yari yaronse ingene ahungira muri Kongo. (Le Mandat) Igihe [&hellip;]","og_url":"https:\/\/lemandat.org\/kir\/blog\/2023\/06\/07\/burundi-ubwo-amasezerano-hagati-ya-ndayishimiye-na-bunyoni-hari-ico-azovamwo\/","article_published_time":"2023-06-07T12:49:48+00:00","article_modified_time":"2023-06-07T13:58:07+00:00","og_image":[{"width":642,"height":430,"url":"https:\/\/lemandat.org\/kir\/wp-content\/uploads\/2023\/06\/NDAYISHIMIYE-BUNYONI-PHOTO-ARTICLE.jpg","type":"image\/jpeg"}],"author":"Le Mandat","twitter_card":"summary_large_image","twitter_misc":{"Written by":"Le Mandat","Estimated reading time":"3 minutes"},"schema":{"@context":"https:\/\/schema.org","@graph":[{"@type":"Article","@id":"https:\/\/lemandat.org\/kir\/blog\/2023\/06\/07\/burundi-ubwo-amasezerano-hagati-ya-ndayishimiye-na-bunyoni-hari-ico-azovamwo\/#article","isPartOf":{"@id":"https:\/\/lemandat.org\/kir\/blog\/2023\/06\/07\/burundi-ubwo-amasezerano-hagati-ya-ndayishimiye-na-bunyoni-hari-ico-azovamwo\/"},"author":{"name":"Le Mandat","@id":"https:\/\/lemandat.org\/kir\/#\/schema\/person\/659544ce17a9677696060118fc31814e"},"headline":"Burundi : Ubwo &#8220;amasezerano&#8221; hagati ya Ndayishimiye na Bunyoni hari ico azovamwo ?","datePublished":"2023-06-07T12:49:48+00:00","dateModified":"2023-06-07T13:58:07+00:00","mainEntityOfPage":{"@id":"https:\/\/lemandat.org\/kir\/blog\/2023\/06\/07\/burundi-ubwo-amasezerano-hagati-ya-ndayishimiye-na-bunyoni-hari-ico-azovamwo\/"},"wordCount":511,"commentCount":2,"image":{"@id":"https:\/\/lemandat.org\/kir\/blog\/2023\/06\/07\/burundi-ubwo-amasezerano-hagati-ya-ndayishimiye-na-bunyoni-hari-ico-azovamwo\/#primaryimage"},"thumbnailUrl":"https:\/\/lemandat.org\/kir\/wp-content\/uploads\/2023\/06\/NDAYISHIMIYE-BUNYONI-PHOTO-ARTICLE.jpg","keywords":["Burundi"],"articleSection":["IMYIHWEZO"],"inLanguage":"en-GB","potentialAction":[{"@type":"CommentAction","name":"Comment","target":["https:\/\/lemandat.org\/kir\/blog\/2023\/06\/07\/burundi-ubwo-amasezerano-hagati-ya-ndayishimiye-na-bunyoni-hari-ico-azovamwo\/#respond"]}]},{"@type":"WebPage","@id":"https:\/\/lemandat.org\/kir\/blog\/2023\/06\/07\/burundi-ubwo-amasezerano-hagati-ya-ndayishimiye-na-bunyoni-hari-ico-azovamwo\/","url":"https:\/\/lemandat.org\/kir\/blog\/2023\/06\/07\/burundi-ubwo-amasezerano-hagati-ya-ndayishimiye-na-bunyoni-hari-ico-azovamwo\/","name":"Burundi : Ubwo \"amasezerano\" hagati ya Ndayishimiye na Bunyoni hari ico azovamwo ? -","isPartOf":{"@id":"https:\/\/lemandat.org\/kir\/#website"},"primaryImageOfPage":{"@id":"https:\/\/lemandat.org\/kir\/blog\/2023\/06\/07\/burundi-ubwo-amasezerano-hagati-ya-ndayishimiye-na-bunyoni-hari-ico-azovamwo\/#primaryimage"},"image":{"@id":"https:\/\/lemandat.org\/kir\/blog\/2023\/06\/07\/burundi-ubwo-amasezerano-hagati-ya-ndayishimiye-na-bunyoni-hari-ico-azovamwo\/#primaryimage"},"thumbnailUrl":"https:\/\/lemandat.org\/kir\/wp-content\/uploads\/2023\/06\/NDAYISHIMIYE-BUNYONI-PHOTO-ARTICLE.jpg","datePublished":"2023-06-07T12:49:48+00:00","dateModified":"2023-06-07T13:58:07+00:00","author":{"@id":"https:\/\/lemandat.org\/kir\/#\/schema\/person\/659544ce17a9677696060118fc31814e"},"breadcrumb":{"@id":"https:\/\/lemandat.org\/kir\/blog\/2023\/06\/07\/burundi-ubwo-amasezerano-hagati-ya-ndayishimiye-na-bunyoni-hari-ico-azovamwo\/#breadcrumb"},"inLanguage":"en-GB","potentialAction":[{"@type":"ReadAction","target":["https:\/\/lemandat.org\/kir\/blog\/2023\/06\/07\/burundi-ubwo-amasezerano-hagati-ya-ndayishimiye-na-bunyoni-hari-ico-azovamwo\/"]}]},{"@type":"ImageObject","inLanguage":"en-GB","@id":"https:\/\/lemandat.org\/kir\/blog\/2023\/06\/07\/burundi-ubwo-amasezerano-hagati-ya-ndayishimiye-na-bunyoni-hari-ico-azovamwo\/#primaryimage","url":"https:\/\/lemandat.org\/kir\/wp-content\/uploads\/2023\/06\/NDAYISHIMIYE-BUNYONI-PHOTO-ARTICLE.jpg","contentUrl":"https:\/\/lemandat.org\/kir\/wp-content\/uploads\/2023\/06\/NDAYISHIMIYE-BUNYONI-PHOTO-ARTICLE.jpg","width":642,"height":430},{"@type":"BreadcrumbList","@id":"https:\/\/lemandat.org\/kir\/blog\/2023\/06\/07\/burundi-ubwo-amasezerano-hagati-ya-ndayishimiye-na-bunyoni-hari-ico-azovamwo\/#breadcrumb","itemListElement":[{"@type":"ListItem","position":1,"name":"Home","item":"https:\/\/lemandat.org\/kir\/"},{"@type":"ListItem","position":2,"name":"Burundi : Ubwo &#8220;amasezerano&#8221; hagati ya Ndayishimiye na Bunyoni hari ico azovamwo ?"}]},{"@type":"WebSite","@id":"https:\/\/lemandat.org\/kir\/#website","url":"https:\/\/lemandat.org\/kir\/","name":"","description":"","potentialAction":[{"@type":"SearchAction","target":{"@type":"EntryPoint","urlTemplate":"https:\/\/lemandat.org\/kir\/?s={search_term_string}"},"query-input":{"@type":"PropertyValueSpecification","valueRequired":true,"valueName":"search_term_string"}}],"inLanguage":"en-GB"},{"@type":"Person","@id":"https:\/\/lemandat.org\/kir\/#\/schema\/person\/659544ce17a9677696060118fc31814e","name":"Le Mandat","image":{"@type":"ImageObject","inLanguage":"en-GB","@id":"https:\/\/lemandat.org\/kir\/#\/schema\/person\/image\/","url":"https:\/\/secure.gravatar.com\/avatar\/ea4182f5ca1cedc86d61e61a9320c52dd67255ac8cdb53f245ec8233a747161b?s=96&d=mm&r=g","contentUrl":"https:\/\/secure.gravatar.com\/avatar\/ea4182f5ca1cedc86d61e61a9320c52dd67255ac8cdb53f245ec8233a747161b?s=96&d=mm&r=g","caption":"Le Mandat"},"sameAs":["https:\/\/lemandat.org\/kir"],"url":"https:\/\/lemandat.org\/kir\/blog\/author\/kiradmin\/"}]}},"_links":{"self":[{"href":"https:\/\/lemandat.org\/kir\/wp-json\/wp\/v2\/posts\/451","targetHints":{"allow":["GET"]}}],"collection":[{"href":"https:\/\/lemandat.org\/kir\/wp-json\/wp\/v2\/posts"}],"about":[{"href":"https:\/\/lemandat.org\/kir\/wp-json\/wp\/v2\/types\/post"}],"author":[{"embeddable":true,"href":"https:\/\/lemandat.org\/kir\/wp-json\/wp\/v2\/users\/1"}],"replies":[{"embeddable":true,"href":"https:\/\/lemandat.org\/kir\/wp-json\/wp\/v2\/comments?post=451"}],"version-history":[{"count":4,"href":"https:\/\/lemandat.org\/kir\/wp-json\/wp\/v2\/posts\/451\/revisions"}],"predecessor-version":[{"id":457,"href":"https:\/\/lemandat.org\/kir\/wp-json\/wp\/v2\/posts\/451\/revisions\/457"}],"wp:featuredmedia":[{"embeddable":true,"href":"https:\/\/lemandat.org\/kir\/wp-json\/wp\/v2\/media\/453"}],"wp:attachment":[{"href":"https:\/\/lemandat.org\/kir\/wp-json\/wp\/v2\/media?parent=451"}],"wp:term":[{"taxonomy":"category","embeddable":true,"href":"https:\/\/lemandat.org\/kir\/wp-json\/wp\/v2\/categories?post=451"},{"taxonomy":"post_tag","embeddable":true,"href":"https:\/\/lemandat.org\/kir\/wp-json\/wp\/v2\/tags?post=451"}],"curies":[{"name":"wp","href":"https:\/\/api.w.org\/{rel}","templated":true}]}}