{"id":437,"date":"2023-05-27T03:17:40","date_gmt":"2023-05-27T02:17:40","guid":{"rendered":"https:\/\/lemandat.org\/kir\/?p=437"},"modified":"2023-05-27T03:37:18","modified_gmt":"2023-05-27T02:37:18","slug":"amatora-muri-cndd-fdd-abagumyabanga-barasubira-kubuzwa-gutora","status":"publish","type":"post","link":"https:\/\/lemandat.org\/kir\/blog\/2023\/05\/27\/amatora-muri-cndd-fdd-abagumyabanga-barasubira-kubuzwa-gutora\/","title":{"rendered":"Amatora muri CNDD-FDD : Abagumyabanga barasubira kubuzwa gutora?"},"content":{"rendered":"<p><strong>Abanywanyi ba CNDD-FDD bahamagariwe gutora abarongora abandi muri uwo mugambwe ku mitumba yose igize igihugu c\u2019Uburundi kuri uwu wa gatandatu. Ariko, abagumyabanga benshi, harimwo abarongoye abandi, bahishijwe ko ari isekeza ritanguye ryo gusubiriza inzego zose z\u2019umugambwe hisunzwe imbibe nshasha z\u2019intara. Ikindi kibabaza abanywanyi bamwe bamwe b\u2019uwo mugambwe uri ku butegetsi ni uko bashobora kwakwa uburenganzira bwo kwitorera ababarongora ahubwo bagategekwa kwemeza amazina y\u2019abantu babazaniye. (Le Mandat)<\/strong><\/p>\n<p>Abagumyabanga bo mu mugambwe CNDD-FDD bibaza ko bazohabwa abantu batazi iyo bagenewe ngo bemeze mu gukoma amashi ko bagiye kubarongora mu mugambwe ku mitumba itandukanye y\u2019igihugu nk\u2019uko vyagenze mu vyiswe amatora yo mu mazone aheruka. Abo banywanyi b\u2019umugambwe uri ku butegetsi basigura ko ata mwanya wo kwiyamamaza umugambwe wigeze utanga. Gushika kuri uwu wa gatanu mw\u2019ijoro, benshi mu bagumyabanga, harimwo n\u2019abari basanzwe barongoye abandi mu nzego zitandukanye z\u2019umugambwe CNDD-FDD mu mihingo itandukanye y\u2019igihugu, ntibari bazi ingene ayo &#8220;matora&#8221; atunganijwe. Kiretse ko ibijanye n\u2019abazohagarikira ayo matora hamwe n\u2019abazokwitoza bitigeze bitunganywa, ubutumwa bahawe hakaba harimwo ibinyoma.<\/p>\n<p><strong>Babahenze ko bazosubiriza abakoze nabi hamwe n\u2019abagiye mu yandi mabanga, \u2026 <\/strong><\/p>\n<p>Mu butumwa bahawe kuri uwu wa kane, biciye mu manama hamwe no ku mbuga ngurukanabumenyi zitandukanye, abanywanyi bose b\u2019umugambwe CNDD-FDD harimwo n\u2019imvukira zo ku mitumba itandukanye igize igihugu, bahamagariwe kwitabira igikorwa co &#8220;gushinga inzego z\u2019umugambwe ku mitumba itazifise mu ntumbero yo kujana n\u2019indinganizo nshasha y\u2019igihugu, gusubiriza abagiye mu yandi mabanga hamwe no gusubiriza abariko bakora nabi&#8221;. Ubwo butumwa bukaba bwashimangira ko imvukira zitohara muri ivyo bikorwa ku mitumba zivukako. Abagumyabanga babwiwe kandi ko ayo &#8220;matora&#8221; azoba isaha icenda z\u2019umuhingamo.<\/p>\n<p><strong><em>Soma n&#8217;iyi<\/em>\u00a0<a href=\"https:\/\/lemandat.org\/kir\/blog\/2023\/05\/13\/burundi-ubwo-imbonerakure-zizokonywa-inyuma-yo-gusubira-guhabwa-motorora\/\" target=\"_blank\" rel=\"noopener\">Burundi : Ubwo imbonerakure zizokonywa inyuma yo gusubira kuziha Motorora?<\/a><\/strong><\/p>\n<p>Ariko rero, amakuru itororokanirizo ry\u2019amakuru Le Mandat ryaronse ni uko ayo bise amatora ahava aba igihe c\u2019isaha zine zo mu gatondo kuri uwu wa gatandatu. Bamwe mu bagumyabanga bo mu nzego zo hejuru babimenyeshejwe, abandi benshi nabo ntavyo bazi kuko ntibinakenewe ko bayitabira bose kubera ko azoba ari ugukomera amashi abashirwa imbere nk\u2019uko amasoko yacu abitumenyesha. Ayo bise amatora aza gutuma haba inzego nshasha za CNDD-FDD kuri buri mutumba na karitiye zisanzwe zigizwe n\u2019abantu batandatu : umunyamabanga w\u2019umugambwe, icegera ciwe, umwanditsi, uwurongoye abakenyererarugamba aribo bigeme n\u2019abakenyezi, uwutwara imbonerakure arirwo rwaruka hamwe n\u2019uwurongoye abahumure kenshi usanga ari abahoze ku rugamba. Ikindi twamenye ni uko abashirwa muri ayo mabanga ku mitumba aribo bazogenda &#8220;baratoranamwo&#8221; abazorongora umugambwe mu zindi nzego gushika ku rwego rw\u2019igihugu. Ibijanye n\u2019ayo bise amatora bikaba biri mu vyapfundikiwe mu nama iheruka kubera mu ntara ya Muramvya kw\u2019igenekerezo rya 19 muri uku kwezi kwa Rusama yahuje indongozi z&#8217;umugambwe CNDD-FDD ku rwego rw&#8217;igihugu, mu ntara no mu makomine yose agize igihugu. Iyo nama yari irongowe n&#8217;umunyamabanga mukuru w&#8217;uwo mugambwe uri ku butegetsi R\u00e9v\u00e9rien Ndikuriyo.<\/p>\n<p><strong><em>Soma iyi nayo<\/em> <a href=\"https:\/\/lemandat.org\/kir\/blog\/2023\/05\/06\/burundi-ingene-jenerari-bunyoni-yafashwe\/\" target=\"_blank\" rel=\"noopener\">Burundi : Ingene Jenerari Bunyoni &#8220;yafashwe&#8221;.<\/a><\/strong><\/p>\n<p>Iryo shirwaho ry&#8217;abategetsi bashasha ba CNDD-FDD, ririko riridogerwa n\u2019abagumyabanga, ritegekanijwe kuba ku nzego zose z\u2019uwo mugambwe uri ku butegetsi ryisunze imitumba 3041 (yavuye ku 2911), amazone 450 (yavuye ku 399), amakomine 42 (yavuye kw\u2019119) hamwe n\u2019intara 5 (zavuye kuri 18) vyo mu <a href=\"https:\/\/lemandat.org\/kir\/blog\/2022\/07\/30\/burundi-ishingwa-ryimbibe-nshasha-zintara-rinyegeje-inyungu-zo-mu-matora\/\" target=\"_blank\" rel=\"noopener\">ndinganizo nshasha izokoreshwa no mu matora araba igihugu c&#8217;Uburundi yo mu 2025 no mu 2027<\/a>.<\/p>\n","protected":false},"excerpt":{"rendered":"<p>Abanywanyi ba CNDD-FDD bahamagariwe gutora abarongora abandi muri uwo mugambwe ku mitumba yose igize igihugu c\u2019Uburundi kuri uwu wa gatandatu. Ariko, abagumyabanga benshi, harimwo abarongoye abandi, bahishijwe ko ari isekeza ritanguye ryo gusubiriza inzego zose z\u2019umugambwe hisunzwe imbibe nshasha z\u2019intara. Ikindi kibabaza abanywanyi bamwe bamwe b\u2019uwo mugambwe uri ku butegetsi ni uko bashobora kwakwa uburenganzira [&hellip;]<\/p>\n","protected":false},"author":1,"featured_media":438,"comment_status":"open","ping_status":"open","sticky":false,"template":"","format":"standard","meta":{"footnotes":""},"categories":[12],"tags":[27],"class_list":["post-437","post","type-post","status-publish","format-standard","has-post-thumbnail","hentry","category-poritike","tag-burundi"],"yoast_head":"<!-- This site is optimized with the Yoast SEO plugin v26.9 - https:\/\/yoast.com\/product\/yoast-seo-wordpress\/ -->\n<title>Amatora muri CNDD-FDD : Abagumyabanga barasubira kubuzwa gutora? -<\/title>\n<meta name=\"robots\" content=\"index, follow, max-snippet:-1, max-image-preview:large, max-video-preview:-1\" \/>\n<link rel=\"canonical\" href=\"https:\/\/lemandat.org\/kir\/blog\/2023\/05\/27\/amatora-muri-cndd-fdd-abagumyabanga-barasubira-kubuzwa-gutora\/\" \/>\n<meta property=\"og:locale\" content=\"en_GB\" \/>\n<meta property=\"og:type\" content=\"article\" \/>\n<meta property=\"og:title\" content=\"Amatora muri CNDD-FDD : Abagumyabanga barasubira kubuzwa gutora? -\" \/>\n<meta property=\"og:description\" content=\"Abanywanyi ba CNDD-FDD bahamagariwe gutora abarongora abandi muri uwo mugambwe ku mitumba yose igize igihugu c\u2019Uburundi kuri uwu wa gatandatu. Ariko, abagumyabanga benshi, harimwo abarongoye abandi, bahishijwe ko ari isekeza ritanguye ryo gusubiriza inzego zose z\u2019umugambwe hisunzwe imbibe nshasha z\u2019intara. Ikindi kibabaza abanywanyi bamwe bamwe b\u2019uwo mugambwe uri ku butegetsi ni uko bashobora kwakwa uburenganzira [&hellip;]\" \/>\n<meta property=\"og:url\" content=\"https:\/\/lemandat.org\/kir\/blog\/2023\/05\/27\/amatora-muri-cndd-fdd-abagumyabanga-barasubira-kubuzwa-gutora\/\" \/>\n<meta property=\"article:published_time\" content=\"2023-05-27T02:17:40+00:00\" \/>\n<meta property=\"article:modified_time\" content=\"2023-05-27T02:37:18+00:00\" \/>\n<meta property=\"og:image\" content=\"https:\/\/lemandat.org\/kir\/wp-content\/uploads\/2023\/05\/REVERIEN-ET-LEADERS-CNDDFDD-MURAMVYA-190523.jpg\" \/>\n\t<meta property=\"og:image:width\" content=\"605\" \/>\n\t<meta property=\"og:image:height\" content=\"239\" \/>\n\t<meta property=\"og:image:type\" content=\"image\/jpeg\" \/>\n<meta name=\"author\" content=\"Le Mandat\" \/>\n<meta name=\"twitter:card\" content=\"summary_large_image\" \/>\n<meta name=\"twitter:label1\" content=\"Written by\" \/>\n\t<meta name=\"twitter:data1\" content=\"Le Mandat\" \/>\n\t<meta name=\"twitter:label2\" content=\"Estimated reading time\" \/>\n\t<meta name=\"twitter:data2\" content=\"3 minutes\" \/>\n<script type=\"application\/ld+json\" class=\"yoast-schema-graph\">{\"@context\":\"https:\/\/schema.org\",\"@graph\":[{\"@type\":\"Article\",\"@id\":\"https:\/\/lemandat.org\/kir\/blog\/2023\/05\/27\/amatora-muri-cndd-fdd-abagumyabanga-barasubira-kubuzwa-gutora\/#article\",\"isPartOf\":{\"@id\":\"https:\/\/lemandat.org\/kir\/blog\/2023\/05\/27\/amatora-muri-cndd-fdd-abagumyabanga-barasubira-kubuzwa-gutora\/\"},\"author\":{\"name\":\"Le Mandat\",\"@id\":\"https:\/\/lemandat.org\/kir\/#\/schema\/person\/659544ce17a9677696060118fc31814e\"},\"headline\":\"Amatora muri CNDD-FDD : Abagumyabanga barasubira kubuzwa gutora?\",\"datePublished\":\"2023-05-27T02:17:40+00:00\",\"dateModified\":\"2023-05-27T02:37:18+00:00\",\"mainEntityOfPage\":{\"@id\":\"https:\/\/lemandat.org\/kir\/blog\/2023\/05\/27\/amatora-muri-cndd-fdd-abagumyabanga-barasubira-kubuzwa-gutora\/\"},\"wordCount\":537,\"commentCount\":0,\"image\":{\"@id\":\"https:\/\/lemandat.org\/kir\/blog\/2023\/05\/27\/amatora-muri-cndd-fdd-abagumyabanga-barasubira-kubuzwa-gutora\/#primaryimage\"},\"thumbnailUrl\":\"https:\/\/lemandat.org\/kir\/wp-content\/uploads\/2023\/05\/REVERIEN-ET-LEADERS-CNDDFDD-MURAMVYA-190523.jpg\",\"keywords\":[\"Burundi\"],\"articleSection\":[\"PORITIKE\"],\"inLanguage\":\"en-GB\",\"potentialAction\":[{\"@type\":\"CommentAction\",\"name\":\"Comment\",\"target\":[\"https:\/\/lemandat.org\/kir\/blog\/2023\/05\/27\/amatora-muri-cndd-fdd-abagumyabanga-barasubira-kubuzwa-gutora\/#respond\"]}]},{\"@type\":\"WebPage\",\"@id\":\"https:\/\/lemandat.org\/kir\/blog\/2023\/05\/27\/amatora-muri-cndd-fdd-abagumyabanga-barasubira-kubuzwa-gutora\/\",\"url\":\"https:\/\/lemandat.org\/kir\/blog\/2023\/05\/27\/amatora-muri-cndd-fdd-abagumyabanga-barasubira-kubuzwa-gutora\/\",\"name\":\"Amatora muri CNDD-FDD : Abagumyabanga barasubira kubuzwa gutora? -\",\"isPartOf\":{\"@id\":\"https:\/\/lemandat.org\/kir\/#website\"},\"primaryImageOfPage\":{\"@id\":\"https:\/\/lemandat.org\/kir\/blog\/2023\/05\/27\/amatora-muri-cndd-fdd-abagumyabanga-barasubira-kubuzwa-gutora\/#primaryimage\"},\"image\":{\"@id\":\"https:\/\/lemandat.org\/kir\/blog\/2023\/05\/27\/amatora-muri-cndd-fdd-abagumyabanga-barasubira-kubuzwa-gutora\/#primaryimage\"},\"thumbnailUrl\":\"https:\/\/lemandat.org\/kir\/wp-content\/uploads\/2023\/05\/REVERIEN-ET-LEADERS-CNDDFDD-MURAMVYA-190523.jpg\",\"datePublished\":\"2023-05-27T02:17:40+00:00\",\"dateModified\":\"2023-05-27T02:37:18+00:00\",\"author\":{\"@id\":\"https:\/\/lemandat.org\/kir\/#\/schema\/person\/659544ce17a9677696060118fc31814e\"},\"breadcrumb\":{\"@id\":\"https:\/\/lemandat.org\/kir\/blog\/2023\/05\/27\/amatora-muri-cndd-fdd-abagumyabanga-barasubira-kubuzwa-gutora\/#breadcrumb\"},\"inLanguage\":\"en-GB\",\"potentialAction\":[{\"@type\":\"ReadAction\",\"target\":[\"https:\/\/lemandat.org\/kir\/blog\/2023\/05\/27\/amatora-muri-cndd-fdd-abagumyabanga-barasubira-kubuzwa-gutora\/\"]}]},{\"@type\":\"ImageObject\",\"inLanguage\":\"en-GB\",\"@id\":\"https:\/\/lemandat.org\/kir\/blog\/2023\/05\/27\/amatora-muri-cndd-fdd-abagumyabanga-barasubira-kubuzwa-gutora\/#primaryimage\",\"url\":\"https:\/\/lemandat.org\/kir\/wp-content\/uploads\/2023\/05\/REVERIEN-ET-LEADERS-CNDDFDD-MURAMVYA-190523.jpg\",\"contentUrl\":\"https:\/\/lemandat.org\/kir\/wp-content\/uploads\/2023\/05\/REVERIEN-ET-LEADERS-CNDDFDD-MURAMVYA-190523.jpg\",\"width\":605,\"height\":239},{\"@type\":\"BreadcrumbList\",\"@id\":\"https:\/\/lemandat.org\/kir\/blog\/2023\/05\/27\/amatora-muri-cndd-fdd-abagumyabanga-barasubira-kubuzwa-gutora\/#breadcrumb\",\"itemListElement\":[{\"@type\":\"ListItem\",\"position\":1,\"name\":\"Home\",\"item\":\"https:\/\/lemandat.org\/kir\/\"},{\"@type\":\"ListItem\",\"position\":2,\"name\":\"Amatora muri CNDD-FDD : Abagumyabanga barasubira kubuzwa gutora?\"}]},{\"@type\":\"WebSite\",\"@id\":\"https:\/\/lemandat.org\/kir\/#website\",\"url\":\"https:\/\/lemandat.org\/kir\/\",\"name\":\"\",\"description\":\"\",\"potentialAction\":[{\"@type\":\"SearchAction\",\"target\":{\"@type\":\"EntryPoint\",\"urlTemplate\":\"https:\/\/lemandat.org\/kir\/?s={search_term_string}\"},\"query-input\":{\"@type\":\"PropertyValueSpecification\",\"valueRequired\":true,\"valueName\":\"search_term_string\"}}],\"inLanguage\":\"en-GB\"},{\"@type\":\"Person\",\"@id\":\"https:\/\/lemandat.org\/kir\/#\/schema\/person\/659544ce17a9677696060118fc31814e\",\"name\":\"Le Mandat\",\"image\":{\"@type\":\"ImageObject\",\"inLanguage\":\"en-GB\",\"@id\":\"https:\/\/lemandat.org\/kir\/#\/schema\/person\/image\/\",\"url\":\"https:\/\/secure.gravatar.com\/avatar\/ea4182f5ca1cedc86d61e61a9320c52dd67255ac8cdb53f245ec8233a747161b?s=96&d=mm&r=g\",\"contentUrl\":\"https:\/\/secure.gravatar.com\/avatar\/ea4182f5ca1cedc86d61e61a9320c52dd67255ac8cdb53f245ec8233a747161b?s=96&d=mm&r=g\",\"caption\":\"Le Mandat\"},\"sameAs\":[\"https:\/\/lemandat.org\/kir\"],\"url\":\"https:\/\/lemandat.org\/kir\/blog\/author\/kiradmin\/\"}]}<\/script>\n<!-- \/ Yoast SEO plugin. -->","yoast_head_json":{"title":"Amatora muri CNDD-FDD : Abagumyabanga barasubira kubuzwa gutora? -","robots":{"index":"index","follow":"follow","max-snippet":"max-snippet:-1","max-image-preview":"max-image-preview:large","max-video-preview":"max-video-preview:-1"},"canonical":"https:\/\/lemandat.org\/kir\/blog\/2023\/05\/27\/amatora-muri-cndd-fdd-abagumyabanga-barasubira-kubuzwa-gutora\/","og_locale":"en_GB","og_type":"article","og_title":"Amatora muri CNDD-FDD : Abagumyabanga barasubira kubuzwa gutora? -","og_description":"Abanywanyi ba CNDD-FDD bahamagariwe gutora abarongora abandi muri uwo mugambwe ku mitumba yose igize igihugu c\u2019Uburundi kuri uwu wa gatandatu. Ariko, abagumyabanga benshi, harimwo abarongoye abandi, bahishijwe ko ari isekeza ritanguye ryo gusubiriza inzego zose z\u2019umugambwe hisunzwe imbibe nshasha z\u2019intara. Ikindi kibabaza abanywanyi bamwe bamwe b\u2019uwo mugambwe uri ku butegetsi ni uko bashobora kwakwa uburenganzira [&hellip;]","og_url":"https:\/\/lemandat.org\/kir\/blog\/2023\/05\/27\/amatora-muri-cndd-fdd-abagumyabanga-barasubira-kubuzwa-gutora\/","article_published_time":"2023-05-27T02:17:40+00:00","article_modified_time":"2023-05-27T02:37:18+00:00","og_image":[{"width":605,"height":239,"url":"https:\/\/lemandat.org\/kir\/wp-content\/uploads\/2023\/05\/REVERIEN-ET-LEADERS-CNDDFDD-MURAMVYA-190523.jpg","type":"image\/jpeg"}],"author":"Le Mandat","twitter_card":"summary_large_image","twitter_misc":{"Written by":"Le Mandat","Estimated reading time":"3 minutes"},"schema":{"@context":"https:\/\/schema.org","@graph":[{"@type":"Article","@id":"https:\/\/lemandat.org\/kir\/blog\/2023\/05\/27\/amatora-muri-cndd-fdd-abagumyabanga-barasubira-kubuzwa-gutora\/#article","isPartOf":{"@id":"https:\/\/lemandat.org\/kir\/blog\/2023\/05\/27\/amatora-muri-cndd-fdd-abagumyabanga-barasubira-kubuzwa-gutora\/"},"author":{"name":"Le Mandat","@id":"https:\/\/lemandat.org\/kir\/#\/schema\/person\/659544ce17a9677696060118fc31814e"},"headline":"Amatora muri CNDD-FDD : Abagumyabanga barasubira kubuzwa gutora?","datePublished":"2023-05-27T02:17:40+00:00","dateModified":"2023-05-27T02:37:18+00:00","mainEntityOfPage":{"@id":"https:\/\/lemandat.org\/kir\/blog\/2023\/05\/27\/amatora-muri-cndd-fdd-abagumyabanga-barasubira-kubuzwa-gutora\/"},"wordCount":537,"commentCount":0,"image":{"@id":"https:\/\/lemandat.org\/kir\/blog\/2023\/05\/27\/amatora-muri-cndd-fdd-abagumyabanga-barasubira-kubuzwa-gutora\/#primaryimage"},"thumbnailUrl":"https:\/\/lemandat.org\/kir\/wp-content\/uploads\/2023\/05\/REVERIEN-ET-LEADERS-CNDDFDD-MURAMVYA-190523.jpg","keywords":["Burundi"],"articleSection":["PORITIKE"],"inLanguage":"en-GB","potentialAction":[{"@type":"CommentAction","name":"Comment","target":["https:\/\/lemandat.org\/kir\/blog\/2023\/05\/27\/amatora-muri-cndd-fdd-abagumyabanga-barasubira-kubuzwa-gutora\/#respond"]}]},{"@type":"WebPage","@id":"https:\/\/lemandat.org\/kir\/blog\/2023\/05\/27\/amatora-muri-cndd-fdd-abagumyabanga-barasubira-kubuzwa-gutora\/","url":"https:\/\/lemandat.org\/kir\/blog\/2023\/05\/27\/amatora-muri-cndd-fdd-abagumyabanga-barasubira-kubuzwa-gutora\/","name":"Amatora muri CNDD-FDD : Abagumyabanga barasubira kubuzwa gutora? -","isPartOf":{"@id":"https:\/\/lemandat.org\/kir\/#website"},"primaryImageOfPage":{"@id":"https:\/\/lemandat.org\/kir\/blog\/2023\/05\/27\/amatora-muri-cndd-fdd-abagumyabanga-barasubira-kubuzwa-gutora\/#primaryimage"},"image":{"@id":"https:\/\/lemandat.org\/kir\/blog\/2023\/05\/27\/amatora-muri-cndd-fdd-abagumyabanga-barasubira-kubuzwa-gutora\/#primaryimage"},"thumbnailUrl":"https:\/\/lemandat.org\/kir\/wp-content\/uploads\/2023\/05\/REVERIEN-ET-LEADERS-CNDDFDD-MURAMVYA-190523.jpg","datePublished":"2023-05-27T02:17:40+00:00","dateModified":"2023-05-27T02:37:18+00:00","author":{"@id":"https:\/\/lemandat.org\/kir\/#\/schema\/person\/659544ce17a9677696060118fc31814e"},"breadcrumb":{"@id":"https:\/\/lemandat.org\/kir\/blog\/2023\/05\/27\/amatora-muri-cndd-fdd-abagumyabanga-barasubira-kubuzwa-gutora\/#breadcrumb"},"inLanguage":"en-GB","potentialAction":[{"@type":"ReadAction","target":["https:\/\/lemandat.org\/kir\/blog\/2023\/05\/27\/amatora-muri-cndd-fdd-abagumyabanga-barasubira-kubuzwa-gutora\/"]}]},{"@type":"ImageObject","inLanguage":"en-GB","@id":"https:\/\/lemandat.org\/kir\/blog\/2023\/05\/27\/amatora-muri-cndd-fdd-abagumyabanga-barasubira-kubuzwa-gutora\/#primaryimage","url":"https:\/\/lemandat.org\/kir\/wp-content\/uploads\/2023\/05\/REVERIEN-ET-LEADERS-CNDDFDD-MURAMVYA-190523.jpg","contentUrl":"https:\/\/lemandat.org\/kir\/wp-content\/uploads\/2023\/05\/REVERIEN-ET-LEADERS-CNDDFDD-MURAMVYA-190523.jpg","width":605,"height":239},{"@type":"BreadcrumbList","@id":"https:\/\/lemandat.org\/kir\/blog\/2023\/05\/27\/amatora-muri-cndd-fdd-abagumyabanga-barasubira-kubuzwa-gutora\/#breadcrumb","itemListElement":[{"@type":"ListItem","position":1,"name":"Home","item":"https:\/\/lemandat.org\/kir\/"},{"@type":"ListItem","position":2,"name":"Amatora muri CNDD-FDD : Abagumyabanga barasubira kubuzwa gutora?"}]},{"@type":"WebSite","@id":"https:\/\/lemandat.org\/kir\/#website","url":"https:\/\/lemandat.org\/kir\/","name":"","description":"","potentialAction":[{"@type":"SearchAction","target":{"@type":"EntryPoint","urlTemplate":"https:\/\/lemandat.org\/kir\/?s={search_term_string}"},"query-input":{"@type":"PropertyValueSpecification","valueRequired":true,"valueName":"search_term_string"}}],"inLanguage":"en-GB"},{"@type":"Person","@id":"https:\/\/lemandat.org\/kir\/#\/schema\/person\/659544ce17a9677696060118fc31814e","name":"Le Mandat","image":{"@type":"ImageObject","inLanguage":"en-GB","@id":"https:\/\/lemandat.org\/kir\/#\/schema\/person\/image\/","url":"https:\/\/secure.gravatar.com\/avatar\/ea4182f5ca1cedc86d61e61a9320c52dd67255ac8cdb53f245ec8233a747161b?s=96&d=mm&r=g","contentUrl":"https:\/\/secure.gravatar.com\/avatar\/ea4182f5ca1cedc86d61e61a9320c52dd67255ac8cdb53f245ec8233a747161b?s=96&d=mm&r=g","caption":"Le Mandat"},"sameAs":["https:\/\/lemandat.org\/kir"],"url":"https:\/\/lemandat.org\/kir\/blog\/author\/kiradmin\/"}]}},"_links":{"self":[{"href":"https:\/\/lemandat.org\/kir\/wp-json\/wp\/v2\/posts\/437","targetHints":{"allow":["GET"]}}],"collection":[{"href":"https:\/\/lemandat.org\/kir\/wp-json\/wp\/v2\/posts"}],"about":[{"href":"https:\/\/lemandat.org\/kir\/wp-json\/wp\/v2\/types\/post"}],"author":[{"embeddable":true,"href":"https:\/\/lemandat.org\/kir\/wp-json\/wp\/v2\/users\/1"}],"replies":[{"embeddable":true,"href":"https:\/\/lemandat.org\/kir\/wp-json\/wp\/v2\/comments?post=437"}],"version-history":[{"count":3,"href":"https:\/\/lemandat.org\/kir\/wp-json\/wp\/v2\/posts\/437\/revisions"}],"predecessor-version":[{"id":441,"href":"https:\/\/lemandat.org\/kir\/wp-json\/wp\/v2\/posts\/437\/revisions\/441"}],"wp:featuredmedia":[{"embeddable":true,"href":"https:\/\/lemandat.org\/kir\/wp-json\/wp\/v2\/media\/438"}],"wp:attachment":[{"href":"https:\/\/lemandat.org\/kir\/wp-json\/wp\/v2\/media?parent=437"}],"wp:term":[{"taxonomy":"category","embeddable":true,"href":"https:\/\/lemandat.org\/kir\/wp-json\/wp\/v2\/categories?post=437"},{"taxonomy":"post_tag","embeddable":true,"href":"https:\/\/lemandat.org\/kir\/wp-json\/wp\/v2\/tags?post=437"}],"curies":[{"name":"wp","href":"https:\/\/api.w.org\/{rel}","templated":true}]}}