{"id":349,"date":"2023-02-23T18:52:30","date_gmt":"2023-02-23T17:52:30","guid":{"rendered":"https:\/\/lemandat.org\/kir\/?p=349"},"modified":"2023-02-24T21:08:57","modified_gmt":"2023-02-24T20:08:57","slug":"mutanga-sud-ubwo-umushoferi-yacumiswe-nabajejwe-intwaro-azohava-arokoka","status":"publish","type":"post","link":"https:\/\/lemandat.org\/kir\/blog\/2023\/02\/23\/mutanga-sud-ubwo-umushoferi-yacumiswe-nabajejwe-intwaro-azohava-arokoka\/","title":{"rendered":"Mutanga Sud : Ubwo umushoferi, &#8220;yacumiswe n\u2019abajejwe intwaro&#8221;, azohava arokoka ?"},"content":{"rendered":"<p><strong>Uwo batazira Macungu yanyarukanywe kwa muganga ku musi wa gatanu, inyo ziriko ziva mu bisebe biri mu nda no mw\u2019itako. Uwo munyagihugu, asanzwe akora akazi ko kwunguruza abantu akoresheje tagisi, aheruka &#8220;gucumitwa n\u2019imbonerakure zitatu, harimwo babiri bari mu bajejwe intwaro muri karitiye ya Mutanga Sud&#8221; iri muri zone Rohero, muri komine Mukaza, mu gisagara ca Bujumbura. (Le Mandat)<\/strong><\/p>\n<p>Abamubonye mu ndwi iheze bavuga ko, atavujwe neza, uwo batazira Macungu azohava ahitanwa n\u2019ibiguma biri mu nda no mw\u2019itako. Igihe yacumitwa imbugita, hari mw\u2019ijoro ryo ku wa 30 rishira uwa 31 Nzero 2023. Amasoko y\u2019itororokanirizo ry\u2019amakuru Le Mandat avuga ko, uwo musi, uwo munyagihugu yari atashe isaha zitanu zirenga z\u2019ijoro. Tagisi yiwe ngo yayibitse aho yari asanzwe ayibika ahaherera ibarabara. Imbere yo kuja muhira muri segiteri Mugoboka ya 2, Macungu ngo yaciye kwizimya akanyota mu kabare ka Nyumbakumi R\u00e9gis batazira Museremu. Amasoko yacu avuga ko, kiretse nyene akabare, Macungu yahasanze izindi mbonerakure ari zo Ernest Barakamfitiye asanzwe agira gatanu mu barongoye karitiye Mutanga Sud, Daniel, M\u00e9thode akora kuri BBN, hamwe n&#8217;uwitwa Claude.<\/p>\n<p><strong>Agacupa Macungu yaguze ngo ntiyakamaze<\/strong><\/p>\n<p>Ahamaze iminota idashika cumi, izo mbonerakure ngo zaciye zitangura kumusaba ko azisororera. Amasoko yacu amenyesha ko Macungu yabishuye ko ata mafaranga afise. Imwe muri izo mbonerakure ngo yaciye imubwira iti &#8220;Abatutsi bo ngaha musigaye mwigira ibikoko.&#8221; Macungu ngo yaciye atangura gusigura ko ata gikenye kijamwo mu gusaba ko ugurirwa inzoga, kandi ko ibijanye n\u2019ubwoko bitategerezwa kujamwo. Impari ngo zaciye zaduka. Ernest, Daniel na Museremu ngo baciye batangura gukubita Macungu, baca baranamusogota imbugita mu nda, iyindi bayimucumita kabiri mw\u2019itako ifyukira ku rundi ruhande, ikomeretsa n\u2019amagara.<\/p>\n<p><strong>Macungu ataha avirirana<\/strong><\/p>\n<p>Bahejeje kumusogota izo mbugita, ngo baciye bamusohora muri ako kabare gasanzwe kari ku metero nk\u2019500 z\u2019aho aba. Amasoko yacu abandanya avuga ko Macungu yaciye agenda aradandabagirana gushika ku muhana iwe. Umugore wiwe ngo yamubonye yinjira mu nzu acumbagira, ariko aranavirirana. Hari isaha zitandatu zirenga z\u2019ijoro.<\/p>\n<p>Umutambukanyi wiwe ngo yaciye avyura ababanyi, bamufasha kumujana kw\u2019ivuriro ryo ngaho ku Mugoboka ya 2 ariko banka kumwakira kuko ngo babonye batoshobora kumuvura bihweje ingene yari yakomeretse. Amakuru twaronse ni uko baciye barondera inderuzo kugira bashobore kumushikana aho imiduga igarukira, ariho ha handi basiga imiduga kubera ko ariho ibarabara riherera. Bahageze ngo baciye bamujana n\u2019umuduga ku bitaro vya gisirikare bita H\u00f4pital Militaire de Kamenge, aho yaraye ijoro rimwe, bukeye baca baramwirukana kubera ko ata mafaranga y\u2019ingwati bita caution yari afise. Amasoko yacu avuga ko baciye bamwimurira ku bitaro Roi Khaled aho yamaze imisi avurwa ariko naho nyene ngo bahavuye bamwirukana kuko ata mafaranga akwiye yo kumuvuza umuryango wari ufise.<\/p>\n<p><strong>Ibisebe vyavamwo inyo <\/strong><\/p>\n<p>Macungu yaciye asubizwa muhira, avundira mu nzu, ibisebe vyo mw\u2019itako no mu nda bitangura kunyagaramwo inyo. Umuryango nta mafaranga yo kumuvuza ufise ku bw\u2019amasoko yacu. Abazi uwo muryango bavuga ko umutambukanyi wiwe asanzwe adandaza amavoka muri segiteri Mugoboka ya 1. Bakaba bafise abana 3. Amakuru dukura ku Mugoboka ni uko bamwe mu banyagihugu bo muri karitiye Mutanga Sud bahora babagemurira muri ibi bihe bigoye kuko Macungu ngo asanzwe abana neza n\u2019ababanyi.<\/p>\n<p>Ku musi wa gatanu uheze, nyene tagisi Macungu yari asanzwe akoresha niwe yahisemwo kumusubiza kwa muganga yumvise ko inda n\u2019itako vyiwe biriko birabora. Ariko amakuru dukura aho ku Mugoboka avuga ko amafaranga yo kumuvuza ashobora guhera bagaca basubira kumutahana akavundira muhira.<\/p>\n<p><strong>Uwurongoye Rohero na Musitanteri wa Mukaza ngo ntaco bafashije <\/strong><\/p>\n<p>Ku wa 31 Nzero 2023, Macungu yaraye acumiswe, imbonerakure batazira Museremu yarapfunzwe umwanya muto mu gasho k&#8217;igiporisi muri zone Rohero, ica irarekurwa uwo musi nyene ku bw\u2019amasoko yacu. Ayo makuru abandanya avuga ko uwurongoye zone Rohero Fulgence Sindayihebura ari kumwe n\u2019imbonerakure Ernest Barakamfitiye bagumye bagendera ku Mugoboka, bavugana n\u2019umuryango wa Macungu hamwe n\u2019ababanyi kugira ngo bafukafuke ivyabaye. Abanyagihugu baterefonye musitanteri wa komine Mukaza R\u00e9novat Sindayihebura bamusaba kugira ico afashije ngo yabamiriye kure.<\/p>\n<p>Uruganda rw\u2019itororokanirizo ry\u2019amakuru Le Mandat ntirwashoboye kuronka uwurongoye zone Rohero Fulgence Sindayihebura. Musitanteri wa komine Mukaza R\u00e9novat Sindayihebura nawe, tukimuhamagara ubwa mbere mu gatondo ko kuri uwu wa kane, yatubwiye ko twovugana hanyuma kubera ngo yari mu nama. Ariko gushika ku mugoroba, tukaba tutasubiye kumuronka kuri terefone yiwe ngendanwa.<\/p>\n<p>Ernest Barakamfitiye, Daniel na R\u00e9gis batazira Museremu nabo nyene ntitwashoboye kubaronka.<\/p>\n<p><strong>Abanyagihugu basaba ubutungane, na Macungu akavuzwa<\/strong><\/p>\n<p>Abagirizwa gusinzikariza ubuzima no gusogota umushoferi wa tagisi batazira Macungu ni 3. Uwari arongoye abandi ni Ernest Barakamfitiye. Asanzwe agira 5 mu barongoye karitiye ya Mutanga Sud. Ku musi wa gatandatu, igenekerezo rya 18 Ruhuhuma, Ernest Barakamfitiye yatowe ngo arongore imbonerakure zo muri zone ya Rohero yose. Imbere yaho, yari asanzwe arongoye imbonerakure zo muri karitiye ya Mutanga Sud. Uwa kabiri mu bagirizwa gucumita no gukubita Macungu ni R\u00e9gis batazira Museremu, nyene akabare. Bamwita Nyumbakumi kuko asanzwe ajejwe kurongora agace kamwe ka segiteri Mugoboka ya 2. Na we nyene ari no mu rwaruka rwa CNDD-FDD bita imbonerakure. Uwa gatatu yagirizwa gukubagura no gucumita imbugita umunyagihugu Macungu ni uwitwa Daniel. Ni imbonerakure isanzwe y&#8217;aho muri karitiye Mutanga Sud.<\/p>\n<p>Bamwe mu banyagihugu basaba ko abo bose uko ari 3 bakubitwa intahe mu gahanga, abajejwe intwaro nabo bakaraba ingene bovuza uwo munyagihugu batazira Macungu.<\/p>\n<p>Umushoferi wa tagisi Macungu akaba yacumiswe imbugita akongera agasinzikarizwa ubuzima hatarahera n&#8217;imisi 5 umushikiranganji wa mbere avuye kugendera iyo komine ya Mukaza aho havuzwe cane ingorane z&#8217;intwaro mbi zugarije iyo komine yo mu gisagara ca Bujumbura. Ico gihe, <a href=\"https:\/\/lemandat.org\/kir\/blog\/2023\/02\/21\/burundi-umushikiranganji-wa-mbere-yarekuye-imishahara-yabamucungerera-umutekano-inyuma-yamezi-arenga-abiri\/\" target=\"_blank\" rel=\"noopener\">umushikiranganji wa mbere Gervais Ndirakobuca<\/a> yavuze ko Reta y&#8217;Uburundi yari igiye gushira imbere ugukingira abanyagihugu bose no guhana inkozi z&#8217;ikibi ata kuraba nkunzi.<\/p>\n<p><iframe loading=\"lazy\" title=\"Abanyagihugu bakingirwe, inkozi z&#039;ibibi zihanwe, ata nkunzi\u2502Gervais Ndirakobuca umushikiranganji 1\" width=\"640\" height=\"360\" src=\"https:\/\/www.youtube.com\/embed\/08LnAn3R7Tw?feature=oembed\" frameborder=\"0\" allow=\"accelerometer; autoplay; clipboard-write; encrypted-media; gyroscope; picture-in-picture; web-share\" referrerpolicy=\"strict-origin-when-cross-origin\" allowfullscreen><\/iframe><\/p>\n","protected":false},"excerpt":{"rendered":"<p>Uwo batazira Macungu yanyarukanywe kwa muganga ku musi wa gatanu, inyo ziriko ziva mu bisebe biri mu nda no mw\u2019itako. Uwo munyagihugu, asanzwe akora akazi ko kwunguruza abantu akoresheje tagisi, aheruka &#8220;gucumitwa n\u2019imbonerakure zitatu, harimwo babiri bari mu bajejwe intwaro muri karitiye ya Mutanga Sud&#8221; iri muri zone Rohero, muri komine Mukaza, mu gisagara ca [&hellip;]<\/p>\n","protected":false},"author":1,"featured_media":354,"comment_status":"open","ping_status":"open","sticky":false,"template":"","format":"standard","meta":{"footnotes":""},"categories":[14],"tags":[27],"class_list":["post-349","post","type-post","status-publish","format-standard","has-post-thumbnail","hentry","category-umutekano","tag-burundi"],"yoast_head":"<!-- This site is optimized with the Yoast SEO plugin v26.9 - https:\/\/yoast.com\/product\/yoast-seo-wordpress\/ -->\n<title>Mutanga Sud : Ubwo umushoferi, &quot;yacumiswe n\u2019abajejwe intwaro&quot;, azohava arokoka ? -<\/title>\n<meta name=\"robots\" content=\"index, follow, max-snippet:-1, max-image-preview:large, max-video-preview:-1\" \/>\n<link rel=\"canonical\" href=\"https:\/\/lemandat.org\/kir\/blog\/2023\/02\/23\/mutanga-sud-ubwo-umushoferi-yacumiswe-nabajejwe-intwaro-azohava-arokoka\/\" \/>\n<meta property=\"og:locale\" content=\"en_GB\" \/>\n<meta property=\"og:type\" content=\"article\" \/>\n<meta property=\"og:title\" content=\"Mutanga Sud : Ubwo umushoferi, &quot;yacumiswe n\u2019abajejwe intwaro&quot;, azohava arokoka ? -\" \/>\n<meta property=\"og:description\" content=\"Uwo batazira Macungu yanyarukanywe kwa muganga ku musi wa gatanu, inyo ziriko ziva mu bisebe biri mu nda no mw\u2019itako. Uwo munyagihugu, asanzwe akora akazi ko kwunguruza abantu akoresheje tagisi, aheruka &#8220;gucumitwa n\u2019imbonerakure zitatu, harimwo babiri bari mu bajejwe intwaro muri karitiye ya Mutanga Sud&#8221; iri muri zone Rohero, muri komine Mukaza, mu gisagara ca [&hellip;]\" \/>\n<meta property=\"og:url\" content=\"https:\/\/lemandat.org\/kir\/blog\/2023\/02\/23\/mutanga-sud-ubwo-umushoferi-yacumiswe-nabajejwe-intwaro-azohava-arokoka\/\" \/>\n<meta property=\"article:published_time\" content=\"2023-02-23T17:52:30+00:00\" \/>\n<meta property=\"article:modified_time\" content=\"2023-02-24T20:08:57+00:00\" \/>\n<meta property=\"og:image\" content=\"https:\/\/lemandat.org\/kir\/wp-content\/uploads\/2023\/02\/PHOTO-MUKAZA-PANCARTE.jpg\" \/>\n\t<meta property=\"og:image:width\" content=\"400\" \/>\n\t<meta property=\"og:image:height\" content=\"400\" \/>\n\t<meta property=\"og:image:type\" content=\"image\/jpeg\" \/>\n<meta name=\"author\" content=\"Le Mandat\" \/>\n<meta name=\"twitter:card\" content=\"summary_large_image\" \/>\n<meta name=\"twitter:label1\" content=\"Written by\" \/>\n\t<meta name=\"twitter:data1\" content=\"Le Mandat\" \/>\n\t<meta name=\"twitter:label2\" content=\"Estimated reading time\" \/>\n\t<meta name=\"twitter:data2\" content=\"4 minutes\" \/>\n<script type=\"application\/ld+json\" class=\"yoast-schema-graph\">{\"@context\":\"https:\/\/schema.org\",\"@graph\":[{\"@type\":\"Article\",\"@id\":\"https:\/\/lemandat.org\/kir\/blog\/2023\/02\/23\/mutanga-sud-ubwo-umushoferi-yacumiswe-nabajejwe-intwaro-azohava-arokoka\/#article\",\"isPartOf\":{\"@id\":\"https:\/\/lemandat.org\/kir\/blog\/2023\/02\/23\/mutanga-sud-ubwo-umushoferi-yacumiswe-nabajejwe-intwaro-azohava-arokoka\/\"},\"author\":{\"name\":\"Le Mandat\",\"@id\":\"https:\/\/lemandat.org\/kir\/#\/schema\/person\/659544ce17a9677696060118fc31814e\"},\"headline\":\"Mutanga Sud : Ubwo umushoferi, &#8220;yacumiswe n\u2019abajejwe intwaro&#8221;, azohava arokoka ?\",\"datePublished\":\"2023-02-23T17:52:30+00:00\",\"dateModified\":\"2023-02-24T20:08:57+00:00\",\"mainEntityOfPage\":{\"@id\":\"https:\/\/lemandat.org\/kir\/blog\/2023\/02\/23\/mutanga-sud-ubwo-umushoferi-yacumiswe-nabajejwe-intwaro-azohava-arokoka\/\"},\"wordCount\":923,\"commentCount\":0,\"image\":{\"@id\":\"https:\/\/lemandat.org\/kir\/blog\/2023\/02\/23\/mutanga-sud-ubwo-umushoferi-yacumiswe-nabajejwe-intwaro-azohava-arokoka\/#primaryimage\"},\"thumbnailUrl\":\"https:\/\/lemandat.org\/kir\/wp-content\/uploads\/2023\/02\/PHOTO-MUKAZA-PANCARTE.jpg\",\"keywords\":[\"Burundi\"],\"articleSection\":[\"UMUTEKANO\"],\"inLanguage\":\"en-GB\",\"potentialAction\":[{\"@type\":\"CommentAction\",\"name\":\"Comment\",\"target\":[\"https:\/\/lemandat.org\/kir\/blog\/2023\/02\/23\/mutanga-sud-ubwo-umushoferi-yacumiswe-nabajejwe-intwaro-azohava-arokoka\/#respond\"]}]},{\"@type\":\"WebPage\",\"@id\":\"https:\/\/lemandat.org\/kir\/blog\/2023\/02\/23\/mutanga-sud-ubwo-umushoferi-yacumiswe-nabajejwe-intwaro-azohava-arokoka\/\",\"url\":\"https:\/\/lemandat.org\/kir\/blog\/2023\/02\/23\/mutanga-sud-ubwo-umushoferi-yacumiswe-nabajejwe-intwaro-azohava-arokoka\/\",\"name\":\"Mutanga Sud : Ubwo umushoferi, \\\"yacumiswe n\u2019abajejwe intwaro\\\", azohava arokoka ? -\",\"isPartOf\":{\"@id\":\"https:\/\/lemandat.org\/kir\/#website\"},\"primaryImageOfPage\":{\"@id\":\"https:\/\/lemandat.org\/kir\/blog\/2023\/02\/23\/mutanga-sud-ubwo-umushoferi-yacumiswe-nabajejwe-intwaro-azohava-arokoka\/#primaryimage\"},\"image\":{\"@id\":\"https:\/\/lemandat.org\/kir\/blog\/2023\/02\/23\/mutanga-sud-ubwo-umushoferi-yacumiswe-nabajejwe-intwaro-azohava-arokoka\/#primaryimage\"},\"thumbnailUrl\":\"https:\/\/lemandat.org\/kir\/wp-content\/uploads\/2023\/02\/PHOTO-MUKAZA-PANCARTE.jpg\",\"datePublished\":\"2023-02-23T17:52:30+00:00\",\"dateModified\":\"2023-02-24T20:08:57+00:00\",\"author\":{\"@id\":\"https:\/\/lemandat.org\/kir\/#\/schema\/person\/659544ce17a9677696060118fc31814e\"},\"breadcrumb\":{\"@id\":\"https:\/\/lemandat.org\/kir\/blog\/2023\/02\/23\/mutanga-sud-ubwo-umushoferi-yacumiswe-nabajejwe-intwaro-azohava-arokoka\/#breadcrumb\"},\"inLanguage\":\"en-GB\",\"potentialAction\":[{\"@type\":\"ReadAction\",\"target\":[\"https:\/\/lemandat.org\/kir\/blog\/2023\/02\/23\/mutanga-sud-ubwo-umushoferi-yacumiswe-nabajejwe-intwaro-azohava-arokoka\/\"]}]},{\"@type\":\"ImageObject\",\"inLanguage\":\"en-GB\",\"@id\":\"https:\/\/lemandat.org\/kir\/blog\/2023\/02\/23\/mutanga-sud-ubwo-umushoferi-yacumiswe-nabajejwe-intwaro-azohava-arokoka\/#primaryimage\",\"url\":\"https:\/\/lemandat.org\/kir\/wp-content\/uploads\/2023\/02\/PHOTO-MUKAZA-PANCARTE.jpg\",\"contentUrl\":\"https:\/\/lemandat.org\/kir\/wp-content\/uploads\/2023\/02\/PHOTO-MUKAZA-PANCARTE.jpg\",\"width\":400,\"height\":400},{\"@type\":\"BreadcrumbList\",\"@id\":\"https:\/\/lemandat.org\/kir\/blog\/2023\/02\/23\/mutanga-sud-ubwo-umushoferi-yacumiswe-nabajejwe-intwaro-azohava-arokoka\/#breadcrumb\",\"itemListElement\":[{\"@type\":\"ListItem\",\"position\":1,\"name\":\"Home\",\"item\":\"https:\/\/lemandat.org\/kir\/\"},{\"@type\":\"ListItem\",\"position\":2,\"name\":\"Mutanga Sud : Ubwo umushoferi, &#8220;yacumiswe n\u2019abajejwe intwaro&#8221;, azohava arokoka ?\"}]},{\"@type\":\"WebSite\",\"@id\":\"https:\/\/lemandat.org\/kir\/#website\",\"url\":\"https:\/\/lemandat.org\/kir\/\",\"name\":\"\",\"description\":\"\",\"potentialAction\":[{\"@type\":\"SearchAction\",\"target\":{\"@type\":\"EntryPoint\",\"urlTemplate\":\"https:\/\/lemandat.org\/kir\/?s={search_term_string}\"},\"query-input\":{\"@type\":\"PropertyValueSpecification\",\"valueRequired\":true,\"valueName\":\"search_term_string\"}}],\"inLanguage\":\"en-GB\"},{\"@type\":\"Person\",\"@id\":\"https:\/\/lemandat.org\/kir\/#\/schema\/person\/659544ce17a9677696060118fc31814e\",\"name\":\"Le Mandat\",\"image\":{\"@type\":\"ImageObject\",\"inLanguage\":\"en-GB\",\"@id\":\"https:\/\/lemandat.org\/kir\/#\/schema\/person\/image\/\",\"url\":\"https:\/\/secure.gravatar.com\/avatar\/ea4182f5ca1cedc86d61e61a9320c52dd67255ac8cdb53f245ec8233a747161b?s=96&d=mm&r=g\",\"contentUrl\":\"https:\/\/secure.gravatar.com\/avatar\/ea4182f5ca1cedc86d61e61a9320c52dd67255ac8cdb53f245ec8233a747161b?s=96&d=mm&r=g\",\"caption\":\"Le Mandat\"},\"sameAs\":[\"https:\/\/lemandat.org\/kir\"],\"url\":\"https:\/\/lemandat.org\/kir\/blog\/author\/kiradmin\/\"}]}<\/script>\n<!-- \/ Yoast SEO plugin. -->","yoast_head_json":{"title":"Mutanga Sud : Ubwo umushoferi, \"yacumiswe n\u2019abajejwe intwaro\", azohava arokoka ? -","robots":{"index":"index","follow":"follow","max-snippet":"max-snippet:-1","max-image-preview":"max-image-preview:large","max-video-preview":"max-video-preview:-1"},"canonical":"https:\/\/lemandat.org\/kir\/blog\/2023\/02\/23\/mutanga-sud-ubwo-umushoferi-yacumiswe-nabajejwe-intwaro-azohava-arokoka\/","og_locale":"en_GB","og_type":"article","og_title":"Mutanga Sud : Ubwo umushoferi, \"yacumiswe n\u2019abajejwe intwaro\", azohava arokoka ? -","og_description":"Uwo batazira Macungu yanyarukanywe kwa muganga ku musi wa gatanu, inyo ziriko ziva mu bisebe biri mu nda no mw\u2019itako. Uwo munyagihugu, asanzwe akora akazi ko kwunguruza abantu akoresheje tagisi, aheruka &#8220;gucumitwa n\u2019imbonerakure zitatu, harimwo babiri bari mu bajejwe intwaro muri karitiye ya Mutanga Sud&#8221; iri muri zone Rohero, muri komine Mukaza, mu gisagara ca [&hellip;]","og_url":"https:\/\/lemandat.org\/kir\/blog\/2023\/02\/23\/mutanga-sud-ubwo-umushoferi-yacumiswe-nabajejwe-intwaro-azohava-arokoka\/","article_published_time":"2023-02-23T17:52:30+00:00","article_modified_time":"2023-02-24T20:08:57+00:00","og_image":[{"width":400,"height":400,"url":"https:\/\/lemandat.org\/kir\/wp-content\/uploads\/2023\/02\/PHOTO-MUKAZA-PANCARTE.jpg","type":"image\/jpeg"}],"author":"Le Mandat","twitter_card":"summary_large_image","twitter_misc":{"Written by":"Le Mandat","Estimated reading time":"4 minutes"},"schema":{"@context":"https:\/\/schema.org","@graph":[{"@type":"Article","@id":"https:\/\/lemandat.org\/kir\/blog\/2023\/02\/23\/mutanga-sud-ubwo-umushoferi-yacumiswe-nabajejwe-intwaro-azohava-arokoka\/#article","isPartOf":{"@id":"https:\/\/lemandat.org\/kir\/blog\/2023\/02\/23\/mutanga-sud-ubwo-umushoferi-yacumiswe-nabajejwe-intwaro-azohava-arokoka\/"},"author":{"name":"Le Mandat","@id":"https:\/\/lemandat.org\/kir\/#\/schema\/person\/659544ce17a9677696060118fc31814e"},"headline":"Mutanga Sud : Ubwo umushoferi, &#8220;yacumiswe n\u2019abajejwe intwaro&#8221;, azohava arokoka ?","datePublished":"2023-02-23T17:52:30+00:00","dateModified":"2023-02-24T20:08:57+00:00","mainEntityOfPage":{"@id":"https:\/\/lemandat.org\/kir\/blog\/2023\/02\/23\/mutanga-sud-ubwo-umushoferi-yacumiswe-nabajejwe-intwaro-azohava-arokoka\/"},"wordCount":923,"commentCount":0,"image":{"@id":"https:\/\/lemandat.org\/kir\/blog\/2023\/02\/23\/mutanga-sud-ubwo-umushoferi-yacumiswe-nabajejwe-intwaro-azohava-arokoka\/#primaryimage"},"thumbnailUrl":"https:\/\/lemandat.org\/kir\/wp-content\/uploads\/2023\/02\/PHOTO-MUKAZA-PANCARTE.jpg","keywords":["Burundi"],"articleSection":["UMUTEKANO"],"inLanguage":"en-GB","potentialAction":[{"@type":"CommentAction","name":"Comment","target":["https:\/\/lemandat.org\/kir\/blog\/2023\/02\/23\/mutanga-sud-ubwo-umushoferi-yacumiswe-nabajejwe-intwaro-azohava-arokoka\/#respond"]}]},{"@type":"WebPage","@id":"https:\/\/lemandat.org\/kir\/blog\/2023\/02\/23\/mutanga-sud-ubwo-umushoferi-yacumiswe-nabajejwe-intwaro-azohava-arokoka\/","url":"https:\/\/lemandat.org\/kir\/blog\/2023\/02\/23\/mutanga-sud-ubwo-umushoferi-yacumiswe-nabajejwe-intwaro-azohava-arokoka\/","name":"Mutanga Sud : Ubwo umushoferi, \"yacumiswe n\u2019abajejwe intwaro\", azohava arokoka ? -","isPartOf":{"@id":"https:\/\/lemandat.org\/kir\/#website"},"primaryImageOfPage":{"@id":"https:\/\/lemandat.org\/kir\/blog\/2023\/02\/23\/mutanga-sud-ubwo-umushoferi-yacumiswe-nabajejwe-intwaro-azohava-arokoka\/#primaryimage"},"image":{"@id":"https:\/\/lemandat.org\/kir\/blog\/2023\/02\/23\/mutanga-sud-ubwo-umushoferi-yacumiswe-nabajejwe-intwaro-azohava-arokoka\/#primaryimage"},"thumbnailUrl":"https:\/\/lemandat.org\/kir\/wp-content\/uploads\/2023\/02\/PHOTO-MUKAZA-PANCARTE.jpg","datePublished":"2023-02-23T17:52:30+00:00","dateModified":"2023-02-24T20:08:57+00:00","author":{"@id":"https:\/\/lemandat.org\/kir\/#\/schema\/person\/659544ce17a9677696060118fc31814e"},"breadcrumb":{"@id":"https:\/\/lemandat.org\/kir\/blog\/2023\/02\/23\/mutanga-sud-ubwo-umushoferi-yacumiswe-nabajejwe-intwaro-azohava-arokoka\/#breadcrumb"},"inLanguage":"en-GB","potentialAction":[{"@type":"ReadAction","target":["https:\/\/lemandat.org\/kir\/blog\/2023\/02\/23\/mutanga-sud-ubwo-umushoferi-yacumiswe-nabajejwe-intwaro-azohava-arokoka\/"]}]},{"@type":"ImageObject","inLanguage":"en-GB","@id":"https:\/\/lemandat.org\/kir\/blog\/2023\/02\/23\/mutanga-sud-ubwo-umushoferi-yacumiswe-nabajejwe-intwaro-azohava-arokoka\/#primaryimage","url":"https:\/\/lemandat.org\/kir\/wp-content\/uploads\/2023\/02\/PHOTO-MUKAZA-PANCARTE.jpg","contentUrl":"https:\/\/lemandat.org\/kir\/wp-content\/uploads\/2023\/02\/PHOTO-MUKAZA-PANCARTE.jpg","width":400,"height":400},{"@type":"BreadcrumbList","@id":"https:\/\/lemandat.org\/kir\/blog\/2023\/02\/23\/mutanga-sud-ubwo-umushoferi-yacumiswe-nabajejwe-intwaro-azohava-arokoka\/#breadcrumb","itemListElement":[{"@type":"ListItem","position":1,"name":"Home","item":"https:\/\/lemandat.org\/kir\/"},{"@type":"ListItem","position":2,"name":"Mutanga Sud : Ubwo umushoferi, &#8220;yacumiswe n\u2019abajejwe intwaro&#8221;, azohava arokoka ?"}]},{"@type":"WebSite","@id":"https:\/\/lemandat.org\/kir\/#website","url":"https:\/\/lemandat.org\/kir\/","name":"","description":"","potentialAction":[{"@type":"SearchAction","target":{"@type":"EntryPoint","urlTemplate":"https:\/\/lemandat.org\/kir\/?s={search_term_string}"},"query-input":{"@type":"PropertyValueSpecification","valueRequired":true,"valueName":"search_term_string"}}],"inLanguage":"en-GB"},{"@type":"Person","@id":"https:\/\/lemandat.org\/kir\/#\/schema\/person\/659544ce17a9677696060118fc31814e","name":"Le Mandat","image":{"@type":"ImageObject","inLanguage":"en-GB","@id":"https:\/\/lemandat.org\/kir\/#\/schema\/person\/image\/","url":"https:\/\/secure.gravatar.com\/avatar\/ea4182f5ca1cedc86d61e61a9320c52dd67255ac8cdb53f245ec8233a747161b?s=96&d=mm&r=g","contentUrl":"https:\/\/secure.gravatar.com\/avatar\/ea4182f5ca1cedc86d61e61a9320c52dd67255ac8cdb53f245ec8233a747161b?s=96&d=mm&r=g","caption":"Le Mandat"},"sameAs":["https:\/\/lemandat.org\/kir"],"url":"https:\/\/lemandat.org\/kir\/blog\/author\/kiradmin\/"}]}},"_links":{"self":[{"href":"https:\/\/lemandat.org\/kir\/wp-json\/wp\/v2\/posts\/349","targetHints":{"allow":["GET"]}}],"collection":[{"href":"https:\/\/lemandat.org\/kir\/wp-json\/wp\/v2\/posts"}],"about":[{"href":"https:\/\/lemandat.org\/kir\/wp-json\/wp\/v2\/types\/post"}],"author":[{"embeddable":true,"href":"https:\/\/lemandat.org\/kir\/wp-json\/wp\/v2\/users\/1"}],"replies":[{"embeddable":true,"href":"https:\/\/lemandat.org\/kir\/wp-json\/wp\/v2\/comments?post=349"}],"version-history":[{"count":7,"href":"https:\/\/lemandat.org\/kir\/wp-json\/wp\/v2\/posts\/349\/revisions"}],"predecessor-version":[{"id":357,"href":"https:\/\/lemandat.org\/kir\/wp-json\/wp\/v2\/posts\/349\/revisions\/357"}],"wp:featuredmedia":[{"embeddable":true,"href":"https:\/\/lemandat.org\/kir\/wp-json\/wp\/v2\/media\/354"}],"wp:attachment":[{"href":"https:\/\/lemandat.org\/kir\/wp-json\/wp\/v2\/media?parent=349"}],"wp:term":[{"taxonomy":"category","embeddable":true,"href":"https:\/\/lemandat.org\/kir\/wp-json\/wp\/v2\/categories?post=349"},{"taxonomy":"post_tag","embeddable":true,"href":"https:\/\/lemandat.org\/kir\/wp-json\/wp\/v2\/tags?post=349"}],"curies":[{"name":"wp","href":"https:\/\/api.w.org\/{rel}","templated":true}]}}