{"id":322,"date":"2023-01-22T13:23:48","date_gmt":"2023-01-22T12:23:48","guid":{"rendered":"https:\/\/lemandat.org\/kir\/?p=322"},"modified":"2023-01-22T14:04:20","modified_gmt":"2023-01-22T13:04:20","slug":"burundi-ni-nde-azokurikirana-umukuru-wigihugu-ndayishimiye-ahemukiye-igihugu","status":"publish","type":"post","link":"https:\/\/lemandat.org\/kir\/blog\/2023\/01\/22\/burundi-ni-nde-azokurikirana-umukuru-wigihugu-ndayishimiye-ahemukiye-igihugu\/","title":{"rendered":"Burundi : Ni nde azokurikirana umukuru w&#8217;igihugu Ndayishimiye &#8220;ahemukiye igihugu&#8221;?"},"content":{"rendered":"<p><strong>Haraheze amezi atari make, umukuru w&#8217;igihugu c&#8217;Uburundi aguma avuga ko abacamanza bamugabishije ko ashobora kwagirizwa &#8220;Guhemukira igihugu&#8221; kubera ko ariko ashira ku murongo igisata c&#8217;ubutungane. Kiretse y&#8217;uko sentare ihana ico caha itashizweho mu gihugu, Evariste Ndayishimiye aravuga n&#8217;uko wewe ari hejuru y&#8217;amategeko. Ivyo bimeze uko mu gihe Sentare Nkuru y&#8217;Ubutungane itegekanywa n&#8217;Ibwirizwa Shingiro ry&#8217;ico gihugu kiri muri Afrika yo hagati. (Le Mandat)\u00a0<\/strong><\/p>\n<p>Ku bw&#8217;<a href=\"http:\/\/www.presidence.gov.bi\/wp-content\/uploads\/2018\/07\/constitution-promulguee-le-7-juin-2018.pdf\" target=\"_blank\" rel=\"noopener\">Ibwirizwa shingiro ry&#8217;Uburundi<\/a>, Sentare Nkuru y&#8217;Ubutungane igizwe na Sentare Ntahinyuzwa na Sentare yubahiriza Ibwirizwa Shingiro zikoranye. Izo sentare zose uko ari zibiri zirahari. Ariko, ibwirizwa ryunganira Ibwirizwa Shingiro niryo ritomora ingene Sentare Nkuru y&#8217;Ubutungane iringanijwe, ingene ikora n&#8217;amategeko akurikizwa mu kwakira no mu kuburanisha imanza ishikirizwa ku bw&#8217;ingingo y&#8217;242 y&#8217;Ibwirizwa Shingiro. Iryo bwirizwa ryunganira Ibwirizwa Shingiro nta rihari.<\/p>\n<p><strong>Ni nde ashobora gushiraho iryo bwirizwa?<\/strong><\/p>\n<p>Umukuru w&#8217;igihugu ubwiwe arashobora gutunganya integuro y&#8217;iryo bwirizwa. Ariko, umunyamategeko abivuga abona ko Evariste Ndayishimiye ata gushaka kwo kuritunganya afise. Uwo munyamategeko avuga ati &#8220;Ntiyamenyekanishije amatungo yiwe kandi bitegekanywa n&#8217;ibwirizwa shingiro. Simbona ingene yorazwa ishinga no gushiraho sentare ifise ububasha bwo kumukubita intahe mu gahanga.&#8221; Ku bw&#8217;uwo yize ibijanye n&#8217;amategeko, abandi bategetsi bo hejuru harimwo umushikiranganji w&#8217;ubutungane hamwe n&#8217;uwurongoye sentare ntahinyuzwa barafise ububasha bwo gutunganya integuro y&#8217;iryo bwirizwa ariko biragaragara ko badashobora kubigira umukuru w&#8217;igihugu Evariste Ndayishimiye atabishaka. Ivyo biri uko mu gihe Evariste Ndayishimiye nyene amaze igihe asubiramwo ko abacamanza bamugabishije ko ashobora kwagirizwa &#8220;guhemukira igihugu&#8221; hamwe yobandanya &#8220;yisuka mu bijanye n&#8217;ubutungane&#8221;. Aheruka kuvuga ibijanye n&#8217;ico kibazo kw&#8217;igenekerezo rya 3 Munyonyo igihe yagirana inama n&#8217;abarongoye amadini atandukanye mu Burundi. Ico gihe Evariste Ndayishimiye yavuze ati &#8220;Abacamanza bavuze ko ninjiriye ubutungane. Ni uko nagize Imana nkaba ndi umunyamategeko, nca ndabasokororera ibwirizwa shingiro, basoma amategeko. Bambwire ico arico Umucamanza Kizigenza. Ngo oya urumva ivy&#8217;amategeko ngo hariho haute trahison [uguhemukira igihugu].&#8221; <a href=\"https:\/\/www.youtube.com\/watch?v=1pBbbejyX0o\" target=\"_blank\" rel=\"noopener\">Evariste Ndayishimiye yabandanije avuga ko yababwiye ko umukuru w&#8217;igihugu atanze ikigongwe aba arenze amategeko<\/a>:&#8221;Nca ndababwira. Murazi ko umukuru w&#8217;igihugu yemerewe n&#8217;ukurenga amategeko? Je nabahaye akarorero. Umukuru w&#8217;igihugu afise uburenganzira bw&#8217;ugutanga ikigongwe. Urubanza bararuca neza, waramenje, intahe ikagukubita mu gahanga, bakavuga bati uyu azopfungwa ubuzima bwiwe bwose. Umukuru w&#8217;igihugu agaca aza ati ndakugiriye ikigongwe. Aho ntaba arenze amategeko? Hari aho urigera wumva ngo yamenje?&#8221;<\/p>\n<p>Ariko rero, ico kigongwe c&#8217;umukuru w&#8217;igihugu kiremewe n&#8217;amategeko kuko gitegekanywa n&#8217;ingingo y&#8217;114 y&#8217;ibwirizwa shingiro.<\/p>\n<p>Ku bijanye n&#8217;icaha co guhemukira igihugu naco, ingingo y&#8217;117 y&#8217;Ibwirizwa Shingiro ivuga iti:<\/p>\n<blockquote><p>Umukuru w&#8217;Igihugu ntashobora gukurikiranwa n&#8217;Ubutungane kubera ivyo yakoze mu kurangura amabanga yashinzwe kiretse iyo yahemukiye igihugu.<\/p>\n<p>Umukuru w&#8217;Igihugu ahemuka iyo aciye kubiri n&#8217;Ibwirizwa Shingiro canke amabwirizwa, agakora n&#8217;impaka ibiteye kubiri n&#8217;ineza y&#8217;Igihugu bihungabanya bimwe bikomeye ubumwe bw&#8217;Abarundi, amahoro mu gihugu, ubutungane kuri bose, iterambere ry&#8217;igihugu, canke bityoza cane agateka ka zina muntu, bibangamira imbibe z&#8217;igihugu n&#8217;ukwikukira kw&#8217;igihugu.<\/p>\n<p>Sentare Nkuru y&#8217;Ubutungane niyo ifise ububasha bwo guca imanza z&#8217;icaha co guhemuka.<\/p>\n<p>Umukuru w&#8217;Igihugu ashengezwa n&#8217;Inama Nshingamateka n&#8217;Inama Nkenguzamateka zikoranye, iyo ngingo igashingwa yemejwe na bibiri vya bitatu vy&#8217;abagize izo nzego biciye mu matora yabaye mu mwiherero.<\/p>\n<p>Itohozwa ritegerezwa kugirwa n&#8217;umugwi w&#8217;abashikirizamanza bakukira Sentare Ntahinyuzwa batari munsi ya batatu, barongowe n&#8217;Umushikirizamanza kizigenza wa Repuburika.<\/p><\/blockquote>\n<p><strong><em>Soma n&#8217;iyi<\/em>\u00a0<\/strong><a href=\"https:\/\/lemandat.org\/kir\/blog\/2022\/07\/30\/burundi-ishingwa-ryimbibe-nshasha-zintara-rinyegeje-inyungu-zo-mu-matora\/\" target=\"_blank\" rel=\"noopener\"><strong>Burundi : Ishingwa ry&#8217;imbibe nshasha z&#8217;intara rinyegeje inyungu zo mu matora?<\/strong><\/a><\/p>\n<p>Mu kiganiro yatanze ku musi wa mbere, uwurongoye ishirahamwe rigwanya igiturire n&#8217;isesagurwa ry&#8217;amatungo ya Reta OLUCOME yavuze ko atari ibisanzwe kubona ko hari abantu badashobora gukorwako n&#8217;aho bogurisha igihugu. Gabriel Rufyiri abona ko <a href=\"https:\/\/www.youtube.com\/watch?v=UXF_FtHWcUo\" target=\"_blank\" rel=\"noopener\">Reta y&#8217;Uburundi yanse gushiraho Sentare Nkuru y&#8217;Ubutungane<\/a> kandi iyo sentare ishobora gutuma hatsimbatazwa intwaro ibereye n&#8217;ubwigenge bw&#8217;ubutungane.<\/p>\n<p>Umwe mu bahinga bakurikiranira hafi ibijanye na poritike y&#8217;Uburundi avuga ko iyo Sentare Nkuru y&#8217;Ubutungane itazopfa igiyeho igihe cose umugambwe CNDD-FDD uzoba ukiri ku butegetsi.<\/p>\n<p><iframe loading=\"lazy\" title=\"Evariste Ndayishimiye, un hors-la-loi?\" width=\"640\" height=\"360\" src=\"https:\/\/www.youtube.com\/embed\/1pBbbejyX0o?feature=oembed\" frameborder=\"0\" allow=\"accelerometer; autoplay; clipboard-write; encrypted-media; gyroscope; picture-in-picture; web-share\" referrerpolicy=\"strict-origin-when-cross-origin\" allowfullscreen><\/iframe><\/p>\n","protected":false},"excerpt":{"rendered":"<p>Haraheze amezi atari make, umukuru w&#8217;igihugu c&#8217;Uburundi aguma avuga ko abacamanza bamugabishije ko ashobora kwagirizwa &#8220;Guhemukira igihugu&#8221; kubera ko ariko ashira ku murongo igisata c&#8217;ubutungane. Kiretse y&#8217;uko sentare ihana ico caha itashizweho mu gihugu, Evariste Ndayishimiye aravuga n&#8217;uko wewe ari hejuru y&#8217;amategeko. Ivyo bimeze uko mu gihe Sentare Nkuru y&#8217;Ubutungane itegekanywa n&#8217;Ibwirizwa Shingiro ry&#8217;ico gihugu [&hellip;]<\/p>\n","protected":false},"author":1,"featured_media":325,"comment_status":"open","ping_status":"open","sticky":false,"template":"","format":"standard","meta":{"footnotes":""},"categories":[16],"tags":[27],"class_list":["post-322","post","type-post","status-publish","format-standard","has-post-thumbnail","hentry","category-imyihwezo","tag-burundi"],"yoast_head":"<!-- This site is optimized with the Yoast SEO plugin v26.9 - https:\/\/yoast.com\/product\/yoast-seo-wordpress\/ -->\n<title>Burundi : Ni nde azokurikirana umukuru w&#039;igihugu Ndayishimiye &quot;ahemukiye igihugu&quot;? -<\/title>\n<meta name=\"robots\" content=\"index, follow, max-snippet:-1, max-image-preview:large, max-video-preview:-1\" \/>\n<link rel=\"canonical\" href=\"https:\/\/lemandat.org\/kir\/blog\/2023\/01\/22\/burundi-ni-nde-azokurikirana-umukuru-wigihugu-ndayishimiye-ahemukiye-igihugu\/\" \/>\n<meta property=\"og:locale\" content=\"en_GB\" \/>\n<meta property=\"og:type\" content=\"article\" \/>\n<meta property=\"og:title\" content=\"Burundi : Ni nde azokurikirana umukuru w&#039;igihugu Ndayishimiye &quot;ahemukiye igihugu&quot;? -\" \/>\n<meta property=\"og:description\" content=\"Haraheze amezi atari make, umukuru w&#8217;igihugu c&#8217;Uburundi aguma avuga ko abacamanza bamugabishije ko ashobora kwagirizwa &#8220;Guhemukira igihugu&#8221; kubera ko ariko ashira ku murongo igisata c&#8217;ubutungane. Kiretse y&#8217;uko sentare ihana ico caha itashizweho mu gihugu, Evariste Ndayishimiye aravuga n&#8217;uko wewe ari hejuru y&#8217;amategeko. Ivyo bimeze uko mu gihe Sentare Nkuru y&#8217;Ubutungane itegekanywa n&#8217;Ibwirizwa Shingiro ry&#8217;ico gihugu [&hellip;]\" \/>\n<meta property=\"og:url\" content=\"https:\/\/lemandat.org\/kir\/blog\/2023\/01\/22\/burundi-ni-nde-azokurikirana-umukuru-wigihugu-ndayishimiye-ahemukiye-igihugu\/\" \/>\n<meta property=\"article:published_time\" content=\"2023-01-22T12:23:48+00:00\" \/>\n<meta property=\"article:modified_time\" content=\"2023-01-22T13:04:20+00:00\" \/>\n<meta property=\"og:image\" content=\"https:\/\/lemandat.org\/kir\/wp-content\/uploads\/2023\/01\/NEVA-ET-RELIGIEUX-PHOTO-03-11-2023-1.jpg\" \/>\n\t<meta property=\"og:image:width\" content=\"1010\" \/>\n\t<meta property=\"og:image:height\" content=\"612\" \/>\n\t<meta property=\"og:image:type\" content=\"image\/jpeg\" \/>\n<meta name=\"author\" content=\"Le Mandat\" \/>\n<meta name=\"twitter:card\" content=\"summary_large_image\" \/>\n<meta name=\"twitter:label1\" content=\"Written by\" \/>\n\t<meta name=\"twitter:data1\" content=\"Le Mandat\" \/>\n\t<meta name=\"twitter:label2\" content=\"Estimated reading time\" \/>\n\t<meta name=\"twitter:data2\" content=\"3 minutes\" \/>\n<script type=\"application\/ld+json\" class=\"yoast-schema-graph\">{\"@context\":\"https:\/\/schema.org\",\"@graph\":[{\"@type\":\"Article\",\"@id\":\"https:\/\/lemandat.org\/kir\/blog\/2023\/01\/22\/burundi-ni-nde-azokurikirana-umukuru-wigihugu-ndayishimiye-ahemukiye-igihugu\/#article\",\"isPartOf\":{\"@id\":\"https:\/\/lemandat.org\/kir\/blog\/2023\/01\/22\/burundi-ni-nde-azokurikirana-umukuru-wigihugu-ndayishimiye-ahemukiye-igihugu\/\"},\"author\":{\"name\":\"Le Mandat\",\"@id\":\"https:\/\/lemandat.org\/kir\/#\/schema\/person\/659544ce17a9677696060118fc31814e\"},\"headline\":\"Burundi : Ni nde azokurikirana umukuru w&#8217;igihugu Ndayishimiye &#8220;ahemukiye igihugu&#8221;?\",\"datePublished\":\"2023-01-22T12:23:48+00:00\",\"dateModified\":\"2023-01-22T13:04:20+00:00\",\"mainEntityOfPage\":{\"@id\":\"https:\/\/lemandat.org\/kir\/blog\/2023\/01\/22\/burundi-ni-nde-azokurikirana-umukuru-wigihugu-ndayishimiye-ahemukiye-igihugu\/\"},\"wordCount\":670,\"commentCount\":0,\"image\":{\"@id\":\"https:\/\/lemandat.org\/kir\/blog\/2023\/01\/22\/burundi-ni-nde-azokurikirana-umukuru-wigihugu-ndayishimiye-ahemukiye-igihugu\/#primaryimage\"},\"thumbnailUrl\":\"https:\/\/lemandat.org\/kir\/wp-content\/uploads\/2023\/01\/NEVA-ET-RELIGIEUX-PHOTO-03-11-2023-1.jpg\",\"keywords\":[\"Burundi\"],\"articleSection\":[\"IMYIHWEZO\"],\"inLanguage\":\"en-GB\",\"potentialAction\":[{\"@type\":\"CommentAction\",\"name\":\"Comment\",\"target\":[\"https:\/\/lemandat.org\/kir\/blog\/2023\/01\/22\/burundi-ni-nde-azokurikirana-umukuru-wigihugu-ndayishimiye-ahemukiye-igihugu\/#respond\"]}]},{\"@type\":\"WebPage\",\"@id\":\"https:\/\/lemandat.org\/kir\/blog\/2023\/01\/22\/burundi-ni-nde-azokurikirana-umukuru-wigihugu-ndayishimiye-ahemukiye-igihugu\/\",\"url\":\"https:\/\/lemandat.org\/kir\/blog\/2023\/01\/22\/burundi-ni-nde-azokurikirana-umukuru-wigihugu-ndayishimiye-ahemukiye-igihugu\/\",\"name\":\"Burundi : Ni nde azokurikirana umukuru w'igihugu Ndayishimiye \\\"ahemukiye igihugu\\\"? -\",\"isPartOf\":{\"@id\":\"https:\/\/lemandat.org\/kir\/#website\"},\"primaryImageOfPage\":{\"@id\":\"https:\/\/lemandat.org\/kir\/blog\/2023\/01\/22\/burundi-ni-nde-azokurikirana-umukuru-wigihugu-ndayishimiye-ahemukiye-igihugu\/#primaryimage\"},\"image\":{\"@id\":\"https:\/\/lemandat.org\/kir\/blog\/2023\/01\/22\/burundi-ni-nde-azokurikirana-umukuru-wigihugu-ndayishimiye-ahemukiye-igihugu\/#primaryimage\"},\"thumbnailUrl\":\"https:\/\/lemandat.org\/kir\/wp-content\/uploads\/2023\/01\/NEVA-ET-RELIGIEUX-PHOTO-03-11-2023-1.jpg\",\"datePublished\":\"2023-01-22T12:23:48+00:00\",\"dateModified\":\"2023-01-22T13:04:20+00:00\",\"author\":{\"@id\":\"https:\/\/lemandat.org\/kir\/#\/schema\/person\/659544ce17a9677696060118fc31814e\"},\"breadcrumb\":{\"@id\":\"https:\/\/lemandat.org\/kir\/blog\/2023\/01\/22\/burundi-ni-nde-azokurikirana-umukuru-wigihugu-ndayishimiye-ahemukiye-igihugu\/#breadcrumb\"},\"inLanguage\":\"en-GB\",\"potentialAction\":[{\"@type\":\"ReadAction\",\"target\":[\"https:\/\/lemandat.org\/kir\/blog\/2023\/01\/22\/burundi-ni-nde-azokurikirana-umukuru-wigihugu-ndayishimiye-ahemukiye-igihugu\/\"]}]},{\"@type\":\"ImageObject\",\"inLanguage\":\"en-GB\",\"@id\":\"https:\/\/lemandat.org\/kir\/blog\/2023\/01\/22\/burundi-ni-nde-azokurikirana-umukuru-wigihugu-ndayishimiye-ahemukiye-igihugu\/#primaryimage\",\"url\":\"https:\/\/lemandat.org\/kir\/wp-content\/uploads\/2023\/01\/NEVA-ET-RELIGIEUX-PHOTO-03-11-2023-1.jpg\",\"contentUrl\":\"https:\/\/lemandat.org\/kir\/wp-content\/uploads\/2023\/01\/NEVA-ET-RELIGIEUX-PHOTO-03-11-2023-1.jpg\",\"width\":1010,\"height\":612},{\"@type\":\"BreadcrumbList\",\"@id\":\"https:\/\/lemandat.org\/kir\/blog\/2023\/01\/22\/burundi-ni-nde-azokurikirana-umukuru-wigihugu-ndayishimiye-ahemukiye-igihugu\/#breadcrumb\",\"itemListElement\":[{\"@type\":\"ListItem\",\"position\":1,\"name\":\"Home\",\"item\":\"https:\/\/lemandat.org\/kir\/\"},{\"@type\":\"ListItem\",\"position\":2,\"name\":\"Burundi : Ni nde azokurikirana umukuru w&#8217;igihugu Ndayishimiye &#8220;ahemukiye igihugu&#8221;?\"}]},{\"@type\":\"WebSite\",\"@id\":\"https:\/\/lemandat.org\/kir\/#website\",\"url\":\"https:\/\/lemandat.org\/kir\/\",\"name\":\"\",\"description\":\"\",\"potentialAction\":[{\"@type\":\"SearchAction\",\"target\":{\"@type\":\"EntryPoint\",\"urlTemplate\":\"https:\/\/lemandat.org\/kir\/?s={search_term_string}\"},\"query-input\":{\"@type\":\"PropertyValueSpecification\",\"valueRequired\":true,\"valueName\":\"search_term_string\"}}],\"inLanguage\":\"en-GB\"},{\"@type\":\"Person\",\"@id\":\"https:\/\/lemandat.org\/kir\/#\/schema\/person\/659544ce17a9677696060118fc31814e\",\"name\":\"Le Mandat\",\"image\":{\"@type\":\"ImageObject\",\"inLanguage\":\"en-GB\",\"@id\":\"https:\/\/lemandat.org\/kir\/#\/schema\/person\/image\/\",\"url\":\"https:\/\/secure.gravatar.com\/avatar\/ea4182f5ca1cedc86d61e61a9320c52dd67255ac8cdb53f245ec8233a747161b?s=96&d=mm&r=g\",\"contentUrl\":\"https:\/\/secure.gravatar.com\/avatar\/ea4182f5ca1cedc86d61e61a9320c52dd67255ac8cdb53f245ec8233a747161b?s=96&d=mm&r=g\",\"caption\":\"Le Mandat\"},\"sameAs\":[\"https:\/\/lemandat.org\/kir\"],\"url\":\"https:\/\/lemandat.org\/kir\/blog\/author\/kiradmin\/\"}]}<\/script>\n<!-- \/ Yoast SEO plugin. -->","yoast_head_json":{"title":"Burundi : Ni nde azokurikirana umukuru w'igihugu Ndayishimiye \"ahemukiye igihugu\"? -","robots":{"index":"index","follow":"follow","max-snippet":"max-snippet:-1","max-image-preview":"max-image-preview:large","max-video-preview":"max-video-preview:-1"},"canonical":"https:\/\/lemandat.org\/kir\/blog\/2023\/01\/22\/burundi-ni-nde-azokurikirana-umukuru-wigihugu-ndayishimiye-ahemukiye-igihugu\/","og_locale":"en_GB","og_type":"article","og_title":"Burundi : Ni nde azokurikirana umukuru w'igihugu Ndayishimiye \"ahemukiye igihugu\"? -","og_description":"Haraheze amezi atari make, umukuru w&#8217;igihugu c&#8217;Uburundi aguma avuga ko abacamanza bamugabishije ko ashobora kwagirizwa &#8220;Guhemukira igihugu&#8221; kubera ko ariko ashira ku murongo igisata c&#8217;ubutungane. Kiretse y&#8217;uko sentare ihana ico caha itashizweho mu gihugu, Evariste Ndayishimiye aravuga n&#8217;uko wewe ari hejuru y&#8217;amategeko. Ivyo bimeze uko mu gihe Sentare Nkuru y&#8217;Ubutungane itegekanywa n&#8217;Ibwirizwa Shingiro ry&#8217;ico gihugu [&hellip;]","og_url":"https:\/\/lemandat.org\/kir\/blog\/2023\/01\/22\/burundi-ni-nde-azokurikirana-umukuru-wigihugu-ndayishimiye-ahemukiye-igihugu\/","article_published_time":"2023-01-22T12:23:48+00:00","article_modified_time":"2023-01-22T13:04:20+00:00","og_image":[{"width":1010,"height":612,"url":"https:\/\/lemandat.org\/kir\/wp-content\/uploads\/2023\/01\/NEVA-ET-RELIGIEUX-PHOTO-03-11-2023-1.jpg","type":"image\/jpeg"}],"author":"Le Mandat","twitter_card":"summary_large_image","twitter_misc":{"Written by":"Le Mandat","Estimated reading time":"3 minutes"},"schema":{"@context":"https:\/\/schema.org","@graph":[{"@type":"Article","@id":"https:\/\/lemandat.org\/kir\/blog\/2023\/01\/22\/burundi-ni-nde-azokurikirana-umukuru-wigihugu-ndayishimiye-ahemukiye-igihugu\/#article","isPartOf":{"@id":"https:\/\/lemandat.org\/kir\/blog\/2023\/01\/22\/burundi-ni-nde-azokurikirana-umukuru-wigihugu-ndayishimiye-ahemukiye-igihugu\/"},"author":{"name":"Le Mandat","@id":"https:\/\/lemandat.org\/kir\/#\/schema\/person\/659544ce17a9677696060118fc31814e"},"headline":"Burundi : Ni nde azokurikirana umukuru w&#8217;igihugu Ndayishimiye &#8220;ahemukiye igihugu&#8221;?","datePublished":"2023-01-22T12:23:48+00:00","dateModified":"2023-01-22T13:04:20+00:00","mainEntityOfPage":{"@id":"https:\/\/lemandat.org\/kir\/blog\/2023\/01\/22\/burundi-ni-nde-azokurikirana-umukuru-wigihugu-ndayishimiye-ahemukiye-igihugu\/"},"wordCount":670,"commentCount":0,"image":{"@id":"https:\/\/lemandat.org\/kir\/blog\/2023\/01\/22\/burundi-ni-nde-azokurikirana-umukuru-wigihugu-ndayishimiye-ahemukiye-igihugu\/#primaryimage"},"thumbnailUrl":"https:\/\/lemandat.org\/kir\/wp-content\/uploads\/2023\/01\/NEVA-ET-RELIGIEUX-PHOTO-03-11-2023-1.jpg","keywords":["Burundi"],"articleSection":["IMYIHWEZO"],"inLanguage":"en-GB","potentialAction":[{"@type":"CommentAction","name":"Comment","target":["https:\/\/lemandat.org\/kir\/blog\/2023\/01\/22\/burundi-ni-nde-azokurikirana-umukuru-wigihugu-ndayishimiye-ahemukiye-igihugu\/#respond"]}]},{"@type":"WebPage","@id":"https:\/\/lemandat.org\/kir\/blog\/2023\/01\/22\/burundi-ni-nde-azokurikirana-umukuru-wigihugu-ndayishimiye-ahemukiye-igihugu\/","url":"https:\/\/lemandat.org\/kir\/blog\/2023\/01\/22\/burundi-ni-nde-azokurikirana-umukuru-wigihugu-ndayishimiye-ahemukiye-igihugu\/","name":"Burundi : Ni nde azokurikirana umukuru w'igihugu Ndayishimiye \"ahemukiye igihugu\"? -","isPartOf":{"@id":"https:\/\/lemandat.org\/kir\/#website"},"primaryImageOfPage":{"@id":"https:\/\/lemandat.org\/kir\/blog\/2023\/01\/22\/burundi-ni-nde-azokurikirana-umukuru-wigihugu-ndayishimiye-ahemukiye-igihugu\/#primaryimage"},"image":{"@id":"https:\/\/lemandat.org\/kir\/blog\/2023\/01\/22\/burundi-ni-nde-azokurikirana-umukuru-wigihugu-ndayishimiye-ahemukiye-igihugu\/#primaryimage"},"thumbnailUrl":"https:\/\/lemandat.org\/kir\/wp-content\/uploads\/2023\/01\/NEVA-ET-RELIGIEUX-PHOTO-03-11-2023-1.jpg","datePublished":"2023-01-22T12:23:48+00:00","dateModified":"2023-01-22T13:04:20+00:00","author":{"@id":"https:\/\/lemandat.org\/kir\/#\/schema\/person\/659544ce17a9677696060118fc31814e"},"breadcrumb":{"@id":"https:\/\/lemandat.org\/kir\/blog\/2023\/01\/22\/burundi-ni-nde-azokurikirana-umukuru-wigihugu-ndayishimiye-ahemukiye-igihugu\/#breadcrumb"},"inLanguage":"en-GB","potentialAction":[{"@type":"ReadAction","target":["https:\/\/lemandat.org\/kir\/blog\/2023\/01\/22\/burundi-ni-nde-azokurikirana-umukuru-wigihugu-ndayishimiye-ahemukiye-igihugu\/"]}]},{"@type":"ImageObject","inLanguage":"en-GB","@id":"https:\/\/lemandat.org\/kir\/blog\/2023\/01\/22\/burundi-ni-nde-azokurikirana-umukuru-wigihugu-ndayishimiye-ahemukiye-igihugu\/#primaryimage","url":"https:\/\/lemandat.org\/kir\/wp-content\/uploads\/2023\/01\/NEVA-ET-RELIGIEUX-PHOTO-03-11-2023-1.jpg","contentUrl":"https:\/\/lemandat.org\/kir\/wp-content\/uploads\/2023\/01\/NEVA-ET-RELIGIEUX-PHOTO-03-11-2023-1.jpg","width":1010,"height":612},{"@type":"BreadcrumbList","@id":"https:\/\/lemandat.org\/kir\/blog\/2023\/01\/22\/burundi-ni-nde-azokurikirana-umukuru-wigihugu-ndayishimiye-ahemukiye-igihugu\/#breadcrumb","itemListElement":[{"@type":"ListItem","position":1,"name":"Home","item":"https:\/\/lemandat.org\/kir\/"},{"@type":"ListItem","position":2,"name":"Burundi : Ni nde azokurikirana umukuru w&#8217;igihugu Ndayishimiye &#8220;ahemukiye igihugu&#8221;?"}]},{"@type":"WebSite","@id":"https:\/\/lemandat.org\/kir\/#website","url":"https:\/\/lemandat.org\/kir\/","name":"","description":"","potentialAction":[{"@type":"SearchAction","target":{"@type":"EntryPoint","urlTemplate":"https:\/\/lemandat.org\/kir\/?s={search_term_string}"},"query-input":{"@type":"PropertyValueSpecification","valueRequired":true,"valueName":"search_term_string"}}],"inLanguage":"en-GB"},{"@type":"Person","@id":"https:\/\/lemandat.org\/kir\/#\/schema\/person\/659544ce17a9677696060118fc31814e","name":"Le Mandat","image":{"@type":"ImageObject","inLanguage":"en-GB","@id":"https:\/\/lemandat.org\/kir\/#\/schema\/person\/image\/","url":"https:\/\/secure.gravatar.com\/avatar\/ea4182f5ca1cedc86d61e61a9320c52dd67255ac8cdb53f245ec8233a747161b?s=96&d=mm&r=g","contentUrl":"https:\/\/secure.gravatar.com\/avatar\/ea4182f5ca1cedc86d61e61a9320c52dd67255ac8cdb53f245ec8233a747161b?s=96&d=mm&r=g","caption":"Le Mandat"},"sameAs":["https:\/\/lemandat.org\/kir"],"url":"https:\/\/lemandat.org\/kir\/blog\/author\/kiradmin\/"}]}},"_links":{"self":[{"href":"https:\/\/lemandat.org\/kir\/wp-json\/wp\/v2\/posts\/322","targetHints":{"allow":["GET"]}}],"collection":[{"href":"https:\/\/lemandat.org\/kir\/wp-json\/wp\/v2\/posts"}],"about":[{"href":"https:\/\/lemandat.org\/kir\/wp-json\/wp\/v2\/types\/post"}],"author":[{"embeddable":true,"href":"https:\/\/lemandat.org\/kir\/wp-json\/wp\/v2\/users\/1"}],"replies":[{"embeddable":true,"href":"https:\/\/lemandat.org\/kir\/wp-json\/wp\/v2\/comments?post=322"}],"version-history":[{"count":5,"href":"https:\/\/lemandat.org\/kir\/wp-json\/wp\/v2\/posts\/322\/revisions"}],"predecessor-version":[{"id":329,"href":"https:\/\/lemandat.org\/kir\/wp-json\/wp\/v2\/posts\/322\/revisions\/329"}],"wp:featuredmedia":[{"embeddable":true,"href":"https:\/\/lemandat.org\/kir\/wp-json\/wp\/v2\/media\/325"}],"wp:attachment":[{"href":"https:\/\/lemandat.org\/kir\/wp-json\/wp\/v2\/media?parent=322"}],"wp:term":[{"taxonomy":"category","embeddable":true,"href":"https:\/\/lemandat.org\/kir\/wp-json\/wp\/v2\/categories?post=322"},{"taxonomy":"post_tag","embeddable":true,"href":"https:\/\/lemandat.org\/kir\/wp-json\/wp\/v2\/tags?post=322"}],"curies":[{"name":"wp","href":"https:\/\/api.w.org\/{rel}","templated":true}]}}