{"id":301,"date":"2023-01-10T17:00:48","date_gmt":"2023-01-10T16:00:48","guid":{"rendered":"https:\/\/lemandat.org\/kir\/?p=301"},"modified":"2023-01-20T15:43:35","modified_gmt":"2023-01-20T14:43:35","slug":"burundi-abacungera-umutekano-wumushikiranganji-wa-mbere-gervais-ndirakobuca-ntibahembwe","status":"publish","type":"post","link":"https:\/\/lemandat.org\/kir\/blog\/2023\/01\/10\/burundi-abacungera-umutekano-wumushikiranganji-wa-mbere-gervais-ndirakobuca-ntibahembwe\/","title":{"rendered":"Burundi : Abacungera umutekano w&#8217;umushikiranganji wa mbere Gervais Ndirakobuca ntibahembwe?"},"content":{"rendered":"<p style=\"text-align: left\"><strong>Bavuga ko batahimbaje imisi mikuru irangiza umwaka w&#8217;2022 nk&#8217;uko vyahora. Abasirikare n&#8217;abaporisi bacungera umushikiranganji wa mbere mu Burundi basigura ko batahembwe ku mwisho w&#8217;ukwezi kwa 12. Amakuru ikinyamakuru Le Mandat gikura ku rugo rwa Gervais Ndirakobuca avuga ko abo bamucungera bagirijwe kuborerwa no gushurashura. (Le Mandat)<\/strong><\/p>\n<p style=\"text-align: left\">Abacungera umutekano w&#8217;<a href=\"https:\/\/www.youtube.com\/watch?v=PE9r6PHf5bQ&amp;t=2s\" target=\"_blank\" rel=\"noopener\">umushikiranganji wa mbere w&#8217;Uburundi Gervais Ndirakobuca batazira Ndakugarika<\/a> ni abasirikare hamwe n&#8217;abaporisi bacungera inzego bo mu rwego bita API. Bahembwe ngo benshi muri bo baca baja kunywa inzoga inyuma y&#8217;ibariyeri iri ku metero nk&#8217;amajana atatu uvuye ku nzu umushikiranganji wa mbere abamwo muri karitiye Mutanga Sud, komine Mukaza, mu gisagara ca Bujumbura. Abandi ngo baca baja gushurashura mu micungararo yaho kw&#8217;ibarabara ryitiriwe Siguvyaye. Ivyo nivyo umushikiranganji wa mbere yahoye abamucungera boba barenga mirongo itanu mu kuzibira ntibahembwe mu kwezi kwa Kigarama ku bw&#8217;amakuru yatanzwe na bamwe muri bo. Bamwe muri abo bacungera umutekano wa Gervais Ndirakobuca bavuga ko babonye ukwezi kw&#8217;icumi na kabiri mu 2022 guheze badahembwe, ukwa mbere kw&#8217;umwaka w&#8217;2023 kuratangura, haca hatangura imyidogo na rirya ata na kimwe ngo bigeze bamenyeshwa.<\/p>\n<p style=\"text-align: left\"><strong>Bamenye ko &#8220;bahanywe&#8221; inyuma y&#8217;umwiherero?<\/strong><\/p>\n<p style=\"text-align: left\">I ruhande y&#8217;ukubura umushahara, bamwe muri abo basirikare n&#8217;abaporisi bavuga ko babonye izindi mpinduka igihe umushikiranganji wa mbere yava mu mwiherero wa Reta y&#8217;Uburundi wabaye ku musi kabiri n&#8217;uwa gatatu mu Kayanza, intara iri mu buraruko bw&#8217;igihugu. Ku musi wa kane rero, umushikiranganji wa mbere ngo yatanze itegeko ko ikirindiro cari kw&#8217;ibariyeri ku metero nk&#8217;amajana atatu uvuye aho aba cimukira i ruhande y&#8217;inzu abamwo. Kw&#8217;ibariyeri hasanzwe hari na konteneri abo bamucungera bahora bararamwo, ubu haguma igitigiri gito c&#8217;abo basirikare n&#8217;abaporisi. &#8220;Ubu tumeze nk&#8217;abapfunzwe kuko ata wemerewe kurenga ibariyeri. No mu kuja kurondera agacupa uriyiba kuko ntuba uzi uwugucungishije ijisho mu bo mukorana.&#8221; Ivyo bivugwa n&#8217;umwe mu bacungera umushikiranganji wa mbere aho yongerako ati &#8220;Kubera ko ubwogero buri hariya kuri konteneri, usanga umuporisi canke umusirikare avuye aho twimukiye ku nzu y&#8217;umushikiranganji, akagenda mw&#8217;ibarabara akenyeye agaswime gusa gushika hariya twogera. Birateye isoni na rirya hirya no hino hariho iyindi mihana y&#8217;abantu.&#8221;<\/p>\n<p style=\"text-align: left\"><strong>Inama yo ku musi wa gatanu<\/strong><\/p>\n<p style=\"text-align: left\">Abo bacungera umutekano w&#8217;umushikiranganji wa mbere bavuga ko yabakoranije ku musi wa gatanu, ababwira amakosa yabo ajanye cane cane n&#8217;ukuborerwa no gushurashura iyo baronse amafaranga. Uwundi mu bacungera Gervais Ndirakobuca ati &#8220;Yaradukariye cane uwo musi. Ni naho twamenyeye ko ariwe yahagaritse umushahara wacu wo mu kwezi kw&#8217;icumi na kabiri. Yatubwiye ko ivy&#8217;uwo mushahara twoba turarindiriye ngo amanyama abanze ahere.&#8221; Bamwe mu bacungera umutekano wa Gervais Ndirakobuca bavuga kandi ko inyama zo mu magopo, bita corned-beef, bahora baherwa rimwe mu kwezi ubu babahinduriye. Amakuru ava ku rugo kwa Gervais Ndirakobuca avuga ko nk&#8217;ibijanye n&#8217;izo nyama zo mu magopo bongereza ku mfungurwa, usanga kenshi zigizwe n&#8217;umuceri n&#8217;ibiharage, batikizibahera rimwe kubera ko bagirizwa kuzigurisha. &#8220;Kare bahora baduhera rimwe amagopo 8 ya kornebef [corned-beef] mu kwezi ariko ubu baguha igopo imwe iyo uyisavye gushika aho uzokwiza kornebef 8 mu kwezi.&#8221;<\/p>\n<p><strong><em>Soma n&#8217;iyi<\/em>\u00a0<a href=\"https:\/\/lemandat.org\/kir\/blog\/2022\/11\/05\/ninde-yivye-urukombamazi-ibikoresho-mu-nama-nshingamateka-yuburundi\/\">Ni nde &#8220;yivye urukombamazi&#8221; mu nama nshingamateka y&#8217;Uburundi?<\/a><\/strong><\/p>\n<p style=\"text-align: left\">Umushikiranganji wa mbere w&#8217;Uburundi Gervais Ndirakobuca batazira Ndakugarika yakoresheje amajambo y&#8217;iterabwoba igihe umenyeshamakuru w&#8217;itororokanirizo ry&#8217;amakuru Le Mandat yamurondera kuri terefone yiwe ngendanwa kuri uwu wa mbere. G\u00e9n\u00e9ral Gervais Ndirakobuca yabwiye umumenyeshamakuru wa &#8220;Le Mandat&#8221; ko ariko &#8220;aja ahanyerera&#8221; igihe yamubaza ibijanye n&#8217;imyidogo y&#8217;abamucungera bamwagiriza kubima imishahara abanje no kumwidondora.<\/p>\n<p style=\"text-align: left\">&#8220;Mwana wa mama, ukorera i Burundi?&#8221;<\/p>\n<p style=\"text-align: left\"><strong>Le Mandat<\/strong> : Dukorera ku muhora ngurukanabumenyi.<\/p>\n<p style=\"text-align: left\"><strong>Gervais Ndirakobuca<\/strong> : Mwana wa mama &#8230; ugira uje ku gataka kanyerera. Ayo makuru uriko urarondera, ugira uje ku gataka kanyerera kabisa.<\/p>\n<p style=\"text-align: left\"><strong>Le Mandat<\/strong> : None ivyo bavuze sivyo?<\/p>\n<p style=\"text-align: left\"><strong>Gervais Ndirakobuca<\/strong> : None ga sha ko uriko ugenda nabi ga mwana wa mama!<\/p>\n<p style=\"text-align: left\"><strong>Le Mandat<\/strong> : Kubera iki?<\/p>\n<p style=\"text-align: left\"><strong>Gervais Ndirakobuca<\/strong> : Bagutumye ngo ubabarize?<\/p>\n<p style=\"text-align: left\"><strong>Le Mandat<\/strong> : Oya. Twaronse amakuru hanyuma rero ubu ndiko ndayakorerako.<\/p>\n<p style=\"text-align: left\"><strong>Gervais Ndirakobuca<\/strong> : Aho uwabigutumye kumubariza uraza kumutanga izina?<\/p>\n<p style=\"text-align: left\"><strong>Le Mandat<\/strong> : Oya.<\/p>\n<p style=\"text-align: left\"><strong>Gervais Ndirakobuca<\/strong> : Utamutanze izina ni wewe uca uhasigara.<\/p>\n<p style=\"text-align: left\"><strong>Le Mandat<\/strong> : Oya. Mwumva bishoboka ko ndabavuga amazina? Abaduhaye amakuru batwizeye.<\/p>\n<p style=\"text-align: left\"><strong>Gervais Ndirakobuca<\/strong> : Ntibishoboka? Iyo nzira uriko ntishika mwana wa mama, uraraba neza. Nibaza ko n&#8217;aho wabirondereye atariho. Jewe abo bantu ntabo ntwara. Jewe ndabatwara?<\/p>\n<p style=\"text-align: left\"><strong>Le Mandat<\/strong> : Bavuga ko ari mwebwe mwahagaritse imishahara yabo.<\/p>\n<p style=\"text-align: left\"><strong>Gervais Ndirakobuca<\/strong> : Mwana wa mama &#8230; Wewe urazi ingene inzego za Reta zikora?<\/p>\n<p style=\"text-align: left\"><strong>Le Mandat<\/strong> : Ego.<\/p>\n<p style=\"text-align: left\"><strong>Gervais Ndirakobuca<\/strong> : Ni waba ubizi none ivyo umushikiranganji wa mbere ahuriye he navyo? Ni umushikiranganji w&#8217;igisirikare canke umushikiranganji w&#8217;igiporisi?<\/p>\n<p style=\"text-align: left\"><strong>Le Mandat<\/strong> : None mwarinze mubagiriza amakosa, ninde aca atanga raporo?<\/p>\n<p style=\"text-align: left\"><strong>Gervais Ndirakobuca<\/strong> : Noneho n&#8217;ubushikiranganji bw&#8217;igisirikare n&#8217;igiporisi sibwo bubahemba. Barafise services zibahemba. Abacungera umutekano wanje ngo nije ndabatwara? Barafise ababatwara.<\/p>\n<p style=\"text-align: left\"><strong>Le Mandat<\/strong> : Boba barahembwe none mu mpera z&#8217;ukwezi kwa 12?<\/p>\n<p style=\"text-align: left\"><strong>Gervais Ndirakobuca<\/strong> : Ivy&#8217;uko bahembwe jewe ntavyo nomenya kuko sije ndabahemba. Wewe wumva nobimenya gute ga mugabo? Wumva jewe ivyo nobimenya gute? Biri mu kazi k&#8217;iwanje?<\/p>\n<p style=\"text-align: left\"><strong>Le Mandat<\/strong> : Bavuga ko mwanabagirishije inama ku musi wa gatanu mubasigurira igituma batahembwe.<\/p>\n<p style=\"text-align: left\"><strong>Gervais Ndirakobuca<\/strong> : Jewe?<\/p>\n<p style=\"text-align: left\"><strong>Le Mandat<\/strong> : Ego.<\/p>\n<p style=\"text-align: left\"><strong>Gervais Ndirakobuca<\/strong> : Ivyo sivyo mwana wa mama. Reka gukorera ku bihuha. Kandi wewe nibaza ko utari i Burundi, nibaza ko uri i Kigali.<\/p>\n<p style=\"text-align: left\">Umushikiranganji wa mbere w&#8217;Uburundi Gervais Ndirakobuca yaciye aducirako umurongo wa terefone.<\/p>\n","protected":false},"excerpt":{"rendered":"<p>Bavuga ko batahimbaje imisi mikuru irangiza umwaka w&#8217;2022 nk&#8217;uko vyahora. Abasirikare n&#8217;abaporisi bacungera umushikiranganji wa mbere mu Burundi basigura ko batahembwe ku mwisho w&#8217;ukwezi kwa 12. Amakuru ikinyamakuru Le Mandat gikura ku rugo rwa Gervais Ndirakobuca avuga ko abo bamucungera bagirijwe kuborerwa no gushurashura. (Le Mandat) Abacungera umutekano w&#8217;umushikiranganji wa mbere w&#8217;Uburundi Gervais Ndirakobuca batazira [&hellip;]<\/p>\n","protected":false},"author":1,"featured_media":305,"comment_status":"open","ping_status":"open","sticky":false,"template":"","format":"standard","meta":{"footnotes":""},"categories":[10],"tags":[27],"class_list":["post-301","post","type-post","status-publish","format-standard","has-post-thumbnail","hentry","category-intwaro","tag-burundi"],"yoast_head":"<!-- This site is optimized with the Yoast SEO plugin v26.9 - https:\/\/yoast.com\/product\/yoast-seo-wordpress\/ -->\n<title>Burundi : Abacungera umutekano w&#039;umushikiranganji wa mbere Gervais Ndirakobuca ntibahembwe? -<\/title>\n<meta name=\"robots\" content=\"index, follow, max-snippet:-1, max-image-preview:large, max-video-preview:-1\" \/>\n<link rel=\"canonical\" href=\"https:\/\/lemandat.org\/kir\/blog\/2023\/01\/10\/burundi-abacungera-umutekano-wumushikiranganji-wa-mbere-gervais-ndirakobuca-ntibahembwe\/\" \/>\n<meta property=\"og:locale\" content=\"en_GB\" \/>\n<meta property=\"og:type\" content=\"article\" \/>\n<meta property=\"og:title\" content=\"Burundi : Abacungera umutekano w&#039;umushikiranganji wa mbere Gervais Ndirakobuca ntibahembwe? -\" \/>\n<meta property=\"og:description\" content=\"Bavuga ko batahimbaje imisi mikuru irangiza umwaka w&#8217;2022 nk&#8217;uko vyahora. Abasirikare n&#8217;abaporisi bacungera umushikiranganji wa mbere mu Burundi basigura ko batahembwe ku mwisho w&#8217;ukwezi kwa 12. Amakuru ikinyamakuru Le Mandat gikura ku rugo rwa Gervais Ndirakobuca avuga ko abo bamucungera bagirijwe kuborerwa no gushurashura. (Le Mandat) Abacungera umutekano w&#8217;umushikiranganji wa mbere w&#8217;Uburundi Gervais Ndirakobuca batazira [&hellip;]\" \/>\n<meta property=\"og:url\" content=\"https:\/\/lemandat.org\/kir\/blog\/2023\/01\/10\/burundi-abacungera-umutekano-wumushikiranganji-wa-mbere-gervais-ndirakobuca-ntibahembwe\/\" \/>\n<meta property=\"article:published_time\" content=\"2023-01-10T16:00:48+00:00\" \/>\n<meta property=\"article:modified_time\" content=\"2023-01-20T14:43:35+00:00\" \/>\n<meta property=\"og:image\" content=\"https:\/\/lemandat.org\/kir\/wp-content\/uploads\/2023\/01\/PHOTO-ARTICLE-NEW-100123.jpg\" \/>\n\t<meta property=\"og:image:width\" content=\"908\" \/>\n\t<meta property=\"og:image:height\" content=\"299\" \/>\n\t<meta property=\"og:image:type\" content=\"image\/jpeg\" \/>\n<meta name=\"author\" content=\"Le Mandat\" \/>\n<meta name=\"twitter:card\" content=\"summary_large_image\" \/>\n<meta name=\"twitter:label1\" content=\"Written by\" \/>\n\t<meta name=\"twitter:data1\" content=\"Le Mandat\" \/>\n\t<meta name=\"twitter:label2\" content=\"Estimated reading time\" \/>\n\t<meta name=\"twitter:data2\" content=\"4 minutes\" \/>\n<script type=\"application\/ld+json\" class=\"yoast-schema-graph\">{\"@context\":\"https:\/\/schema.org\",\"@graph\":[{\"@type\":\"Article\",\"@id\":\"https:\/\/lemandat.org\/kir\/blog\/2023\/01\/10\/burundi-abacungera-umutekano-wumushikiranganji-wa-mbere-gervais-ndirakobuca-ntibahembwe\/#article\",\"isPartOf\":{\"@id\":\"https:\/\/lemandat.org\/kir\/blog\/2023\/01\/10\/burundi-abacungera-umutekano-wumushikiranganji-wa-mbere-gervais-ndirakobuca-ntibahembwe\/\"},\"author\":{\"name\":\"Le Mandat\",\"@id\":\"https:\/\/lemandat.org\/kir\/#\/schema\/person\/659544ce17a9677696060118fc31814e\"},\"headline\":\"Burundi : Abacungera umutekano w&#8217;umushikiranganji wa mbere Gervais Ndirakobuca ntibahembwe?\",\"datePublished\":\"2023-01-10T16:00:48+00:00\",\"dateModified\":\"2023-01-20T14:43:35+00:00\",\"mainEntityOfPage\":{\"@id\":\"https:\/\/lemandat.org\/kir\/blog\/2023\/01\/10\/burundi-abacungera-umutekano-wumushikiranganji-wa-mbere-gervais-ndirakobuca-ntibahembwe\/\"},\"wordCount\":872,\"commentCount\":0,\"image\":{\"@id\":\"https:\/\/lemandat.org\/kir\/blog\/2023\/01\/10\/burundi-abacungera-umutekano-wumushikiranganji-wa-mbere-gervais-ndirakobuca-ntibahembwe\/#primaryimage\"},\"thumbnailUrl\":\"https:\/\/lemandat.org\/kir\/wp-content\/uploads\/2023\/01\/PHOTO-ARTICLE-NEW-100123.jpg\",\"keywords\":[\"Burundi\"],\"articleSection\":[\"INTWARO\"],\"inLanguage\":\"en-GB\",\"potentialAction\":[{\"@type\":\"CommentAction\",\"name\":\"Comment\",\"target\":[\"https:\/\/lemandat.org\/kir\/blog\/2023\/01\/10\/burundi-abacungera-umutekano-wumushikiranganji-wa-mbere-gervais-ndirakobuca-ntibahembwe\/#respond\"]}]},{\"@type\":\"WebPage\",\"@id\":\"https:\/\/lemandat.org\/kir\/blog\/2023\/01\/10\/burundi-abacungera-umutekano-wumushikiranganji-wa-mbere-gervais-ndirakobuca-ntibahembwe\/\",\"url\":\"https:\/\/lemandat.org\/kir\/blog\/2023\/01\/10\/burundi-abacungera-umutekano-wumushikiranganji-wa-mbere-gervais-ndirakobuca-ntibahembwe\/\",\"name\":\"Burundi : Abacungera umutekano w'umushikiranganji wa mbere Gervais Ndirakobuca ntibahembwe? -\",\"isPartOf\":{\"@id\":\"https:\/\/lemandat.org\/kir\/#website\"},\"primaryImageOfPage\":{\"@id\":\"https:\/\/lemandat.org\/kir\/blog\/2023\/01\/10\/burundi-abacungera-umutekano-wumushikiranganji-wa-mbere-gervais-ndirakobuca-ntibahembwe\/#primaryimage\"},\"image\":{\"@id\":\"https:\/\/lemandat.org\/kir\/blog\/2023\/01\/10\/burundi-abacungera-umutekano-wumushikiranganji-wa-mbere-gervais-ndirakobuca-ntibahembwe\/#primaryimage\"},\"thumbnailUrl\":\"https:\/\/lemandat.org\/kir\/wp-content\/uploads\/2023\/01\/PHOTO-ARTICLE-NEW-100123.jpg\",\"datePublished\":\"2023-01-10T16:00:48+00:00\",\"dateModified\":\"2023-01-20T14:43:35+00:00\",\"author\":{\"@id\":\"https:\/\/lemandat.org\/kir\/#\/schema\/person\/659544ce17a9677696060118fc31814e\"},\"breadcrumb\":{\"@id\":\"https:\/\/lemandat.org\/kir\/blog\/2023\/01\/10\/burundi-abacungera-umutekano-wumushikiranganji-wa-mbere-gervais-ndirakobuca-ntibahembwe\/#breadcrumb\"},\"inLanguage\":\"en-GB\",\"potentialAction\":[{\"@type\":\"ReadAction\",\"target\":[\"https:\/\/lemandat.org\/kir\/blog\/2023\/01\/10\/burundi-abacungera-umutekano-wumushikiranganji-wa-mbere-gervais-ndirakobuca-ntibahembwe\/\"]}]},{\"@type\":\"ImageObject\",\"inLanguage\":\"en-GB\",\"@id\":\"https:\/\/lemandat.org\/kir\/blog\/2023\/01\/10\/burundi-abacungera-umutekano-wumushikiranganji-wa-mbere-gervais-ndirakobuca-ntibahembwe\/#primaryimage\",\"url\":\"https:\/\/lemandat.org\/kir\/wp-content\/uploads\/2023\/01\/PHOTO-ARTICLE-NEW-100123.jpg\",\"contentUrl\":\"https:\/\/lemandat.org\/kir\/wp-content\/uploads\/2023\/01\/PHOTO-ARTICLE-NEW-100123.jpg\",\"width\":908,\"height\":299},{\"@type\":\"BreadcrumbList\",\"@id\":\"https:\/\/lemandat.org\/kir\/blog\/2023\/01\/10\/burundi-abacungera-umutekano-wumushikiranganji-wa-mbere-gervais-ndirakobuca-ntibahembwe\/#breadcrumb\",\"itemListElement\":[{\"@type\":\"ListItem\",\"position\":1,\"name\":\"Home\",\"item\":\"https:\/\/lemandat.org\/kir\/\"},{\"@type\":\"ListItem\",\"position\":2,\"name\":\"Burundi : Abacungera umutekano w&#8217;umushikiranganji wa mbere Gervais Ndirakobuca ntibahembwe?\"}]},{\"@type\":\"WebSite\",\"@id\":\"https:\/\/lemandat.org\/kir\/#website\",\"url\":\"https:\/\/lemandat.org\/kir\/\",\"name\":\"\",\"description\":\"\",\"potentialAction\":[{\"@type\":\"SearchAction\",\"target\":{\"@type\":\"EntryPoint\",\"urlTemplate\":\"https:\/\/lemandat.org\/kir\/?s={search_term_string}\"},\"query-input\":{\"@type\":\"PropertyValueSpecification\",\"valueRequired\":true,\"valueName\":\"search_term_string\"}}],\"inLanguage\":\"en-GB\"},{\"@type\":\"Person\",\"@id\":\"https:\/\/lemandat.org\/kir\/#\/schema\/person\/659544ce17a9677696060118fc31814e\",\"name\":\"Le Mandat\",\"image\":{\"@type\":\"ImageObject\",\"inLanguage\":\"en-GB\",\"@id\":\"https:\/\/lemandat.org\/kir\/#\/schema\/person\/image\/\",\"url\":\"https:\/\/secure.gravatar.com\/avatar\/ea4182f5ca1cedc86d61e61a9320c52dd67255ac8cdb53f245ec8233a747161b?s=96&d=mm&r=g\",\"contentUrl\":\"https:\/\/secure.gravatar.com\/avatar\/ea4182f5ca1cedc86d61e61a9320c52dd67255ac8cdb53f245ec8233a747161b?s=96&d=mm&r=g\",\"caption\":\"Le Mandat\"},\"sameAs\":[\"https:\/\/lemandat.org\/kir\"],\"url\":\"https:\/\/lemandat.org\/kir\/blog\/author\/kiradmin\/\"}]}<\/script>\n<!-- \/ Yoast SEO plugin. -->","yoast_head_json":{"title":"Burundi : Abacungera umutekano w'umushikiranganji wa mbere Gervais Ndirakobuca ntibahembwe? -","robots":{"index":"index","follow":"follow","max-snippet":"max-snippet:-1","max-image-preview":"max-image-preview:large","max-video-preview":"max-video-preview:-1"},"canonical":"https:\/\/lemandat.org\/kir\/blog\/2023\/01\/10\/burundi-abacungera-umutekano-wumushikiranganji-wa-mbere-gervais-ndirakobuca-ntibahembwe\/","og_locale":"en_GB","og_type":"article","og_title":"Burundi : Abacungera umutekano w'umushikiranganji wa mbere Gervais Ndirakobuca ntibahembwe? -","og_description":"Bavuga ko batahimbaje imisi mikuru irangiza umwaka w&#8217;2022 nk&#8217;uko vyahora. Abasirikare n&#8217;abaporisi bacungera umushikiranganji wa mbere mu Burundi basigura ko batahembwe ku mwisho w&#8217;ukwezi kwa 12. Amakuru ikinyamakuru Le Mandat gikura ku rugo rwa Gervais Ndirakobuca avuga ko abo bamucungera bagirijwe kuborerwa no gushurashura. (Le Mandat) Abacungera umutekano w&#8217;umushikiranganji wa mbere w&#8217;Uburundi Gervais Ndirakobuca batazira [&hellip;]","og_url":"https:\/\/lemandat.org\/kir\/blog\/2023\/01\/10\/burundi-abacungera-umutekano-wumushikiranganji-wa-mbere-gervais-ndirakobuca-ntibahembwe\/","article_published_time":"2023-01-10T16:00:48+00:00","article_modified_time":"2023-01-20T14:43:35+00:00","og_image":[{"width":908,"height":299,"url":"https:\/\/lemandat.org\/kir\/wp-content\/uploads\/2023\/01\/PHOTO-ARTICLE-NEW-100123.jpg","type":"image\/jpeg"}],"author":"Le Mandat","twitter_card":"summary_large_image","twitter_misc":{"Written by":"Le Mandat","Estimated reading time":"4 minutes"},"schema":{"@context":"https:\/\/schema.org","@graph":[{"@type":"Article","@id":"https:\/\/lemandat.org\/kir\/blog\/2023\/01\/10\/burundi-abacungera-umutekano-wumushikiranganji-wa-mbere-gervais-ndirakobuca-ntibahembwe\/#article","isPartOf":{"@id":"https:\/\/lemandat.org\/kir\/blog\/2023\/01\/10\/burundi-abacungera-umutekano-wumushikiranganji-wa-mbere-gervais-ndirakobuca-ntibahembwe\/"},"author":{"name":"Le Mandat","@id":"https:\/\/lemandat.org\/kir\/#\/schema\/person\/659544ce17a9677696060118fc31814e"},"headline":"Burundi : Abacungera umutekano w&#8217;umushikiranganji wa mbere Gervais Ndirakobuca ntibahembwe?","datePublished":"2023-01-10T16:00:48+00:00","dateModified":"2023-01-20T14:43:35+00:00","mainEntityOfPage":{"@id":"https:\/\/lemandat.org\/kir\/blog\/2023\/01\/10\/burundi-abacungera-umutekano-wumushikiranganji-wa-mbere-gervais-ndirakobuca-ntibahembwe\/"},"wordCount":872,"commentCount":0,"image":{"@id":"https:\/\/lemandat.org\/kir\/blog\/2023\/01\/10\/burundi-abacungera-umutekano-wumushikiranganji-wa-mbere-gervais-ndirakobuca-ntibahembwe\/#primaryimage"},"thumbnailUrl":"https:\/\/lemandat.org\/kir\/wp-content\/uploads\/2023\/01\/PHOTO-ARTICLE-NEW-100123.jpg","keywords":["Burundi"],"articleSection":["INTWARO"],"inLanguage":"en-GB","potentialAction":[{"@type":"CommentAction","name":"Comment","target":["https:\/\/lemandat.org\/kir\/blog\/2023\/01\/10\/burundi-abacungera-umutekano-wumushikiranganji-wa-mbere-gervais-ndirakobuca-ntibahembwe\/#respond"]}]},{"@type":"WebPage","@id":"https:\/\/lemandat.org\/kir\/blog\/2023\/01\/10\/burundi-abacungera-umutekano-wumushikiranganji-wa-mbere-gervais-ndirakobuca-ntibahembwe\/","url":"https:\/\/lemandat.org\/kir\/blog\/2023\/01\/10\/burundi-abacungera-umutekano-wumushikiranganji-wa-mbere-gervais-ndirakobuca-ntibahembwe\/","name":"Burundi : Abacungera umutekano w'umushikiranganji wa mbere Gervais Ndirakobuca ntibahembwe? -","isPartOf":{"@id":"https:\/\/lemandat.org\/kir\/#website"},"primaryImageOfPage":{"@id":"https:\/\/lemandat.org\/kir\/blog\/2023\/01\/10\/burundi-abacungera-umutekano-wumushikiranganji-wa-mbere-gervais-ndirakobuca-ntibahembwe\/#primaryimage"},"image":{"@id":"https:\/\/lemandat.org\/kir\/blog\/2023\/01\/10\/burundi-abacungera-umutekano-wumushikiranganji-wa-mbere-gervais-ndirakobuca-ntibahembwe\/#primaryimage"},"thumbnailUrl":"https:\/\/lemandat.org\/kir\/wp-content\/uploads\/2023\/01\/PHOTO-ARTICLE-NEW-100123.jpg","datePublished":"2023-01-10T16:00:48+00:00","dateModified":"2023-01-20T14:43:35+00:00","author":{"@id":"https:\/\/lemandat.org\/kir\/#\/schema\/person\/659544ce17a9677696060118fc31814e"},"breadcrumb":{"@id":"https:\/\/lemandat.org\/kir\/blog\/2023\/01\/10\/burundi-abacungera-umutekano-wumushikiranganji-wa-mbere-gervais-ndirakobuca-ntibahembwe\/#breadcrumb"},"inLanguage":"en-GB","potentialAction":[{"@type":"ReadAction","target":["https:\/\/lemandat.org\/kir\/blog\/2023\/01\/10\/burundi-abacungera-umutekano-wumushikiranganji-wa-mbere-gervais-ndirakobuca-ntibahembwe\/"]}]},{"@type":"ImageObject","inLanguage":"en-GB","@id":"https:\/\/lemandat.org\/kir\/blog\/2023\/01\/10\/burundi-abacungera-umutekano-wumushikiranganji-wa-mbere-gervais-ndirakobuca-ntibahembwe\/#primaryimage","url":"https:\/\/lemandat.org\/kir\/wp-content\/uploads\/2023\/01\/PHOTO-ARTICLE-NEW-100123.jpg","contentUrl":"https:\/\/lemandat.org\/kir\/wp-content\/uploads\/2023\/01\/PHOTO-ARTICLE-NEW-100123.jpg","width":908,"height":299},{"@type":"BreadcrumbList","@id":"https:\/\/lemandat.org\/kir\/blog\/2023\/01\/10\/burundi-abacungera-umutekano-wumushikiranganji-wa-mbere-gervais-ndirakobuca-ntibahembwe\/#breadcrumb","itemListElement":[{"@type":"ListItem","position":1,"name":"Home","item":"https:\/\/lemandat.org\/kir\/"},{"@type":"ListItem","position":2,"name":"Burundi : Abacungera umutekano w&#8217;umushikiranganji wa mbere Gervais Ndirakobuca ntibahembwe?"}]},{"@type":"WebSite","@id":"https:\/\/lemandat.org\/kir\/#website","url":"https:\/\/lemandat.org\/kir\/","name":"","description":"","potentialAction":[{"@type":"SearchAction","target":{"@type":"EntryPoint","urlTemplate":"https:\/\/lemandat.org\/kir\/?s={search_term_string}"},"query-input":{"@type":"PropertyValueSpecification","valueRequired":true,"valueName":"search_term_string"}}],"inLanguage":"en-GB"},{"@type":"Person","@id":"https:\/\/lemandat.org\/kir\/#\/schema\/person\/659544ce17a9677696060118fc31814e","name":"Le Mandat","image":{"@type":"ImageObject","inLanguage":"en-GB","@id":"https:\/\/lemandat.org\/kir\/#\/schema\/person\/image\/","url":"https:\/\/secure.gravatar.com\/avatar\/ea4182f5ca1cedc86d61e61a9320c52dd67255ac8cdb53f245ec8233a747161b?s=96&d=mm&r=g","contentUrl":"https:\/\/secure.gravatar.com\/avatar\/ea4182f5ca1cedc86d61e61a9320c52dd67255ac8cdb53f245ec8233a747161b?s=96&d=mm&r=g","caption":"Le Mandat"},"sameAs":["https:\/\/lemandat.org\/kir"],"url":"https:\/\/lemandat.org\/kir\/blog\/author\/kiradmin\/"}]}},"_links":{"self":[{"href":"https:\/\/lemandat.org\/kir\/wp-json\/wp\/v2\/posts\/301","targetHints":{"allow":["GET"]}}],"collection":[{"href":"https:\/\/lemandat.org\/kir\/wp-json\/wp\/v2\/posts"}],"about":[{"href":"https:\/\/lemandat.org\/kir\/wp-json\/wp\/v2\/types\/post"}],"author":[{"embeddable":true,"href":"https:\/\/lemandat.org\/kir\/wp-json\/wp\/v2\/users\/1"}],"replies":[{"embeddable":true,"href":"https:\/\/lemandat.org\/kir\/wp-json\/wp\/v2\/comments?post=301"}],"version-history":[{"count":8,"href":"https:\/\/lemandat.org\/kir\/wp-json\/wp\/v2\/posts\/301\/revisions"}],"predecessor-version":[{"id":320,"href":"https:\/\/lemandat.org\/kir\/wp-json\/wp\/v2\/posts\/301\/revisions\/320"}],"wp:featuredmedia":[{"embeddable":true,"href":"https:\/\/lemandat.org\/kir\/wp-json\/wp\/v2\/media\/305"}],"wp:attachment":[{"href":"https:\/\/lemandat.org\/kir\/wp-json\/wp\/v2\/media?parent=301"}],"wp:term":[{"taxonomy":"category","embeddable":true,"href":"https:\/\/lemandat.org\/kir\/wp-json\/wp\/v2\/categories?post=301"},{"taxonomy":"post_tag","embeddable":true,"href":"https:\/\/lemandat.org\/kir\/wp-json\/wp\/v2\/tags?post=301"}],"curies":[{"name":"wp","href":"https:\/\/api.w.org\/{rel}","templated":true}]}}